Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə4/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Ibinini vy’Icunyunyu Fer

Ibinini vy’icunyunyu fer (vyitwa kandi sulfate de fer) canke vitamine z’abibungenze bikwiye kuba biriho kugira ngo abavyeyi bibungenze n’abonsa bashobore kubironka ku mavuriro.

Abagore bakwiye kunywa ibinini vya fer buri musi, bakaza barabifatana n’imfungurwa bishobotse bagatangura inyuma yo kuja gupimisha imbanyi ubwa mbere.

Ingorane ivyo binini bishobora gutera

Abagore benshi baramererwa nabi iyo bafashe ibinini vya fer. Zimwe mu ngorane ivyo binini bishobora gutera zirimwo ingorane mu mushishito, ikirungurira, no kwuzura inda. Kugira ngo urabe ko abavyeyi boshishikara gufata ivyo binini vya fer, ubasigurire akamaro ko kubijanisha n’imfungurwa, na cane cane bishobotse ku mfungurwa zo mu gitondo canke iza saa sita.

Kunywa amazi menshi no gufungura imfungurwa zirimwo utugozi (fibre) birafasha mu gukingira izo ngorane ivyo binini bishobora gutera. Imfungurwa zifise utugozi zirimwo: ibiharage, ivyema, ivyamwa, n’imboga.

Iyo abagore badashoboye gushishikara gufata ivyo binini vya fer kubera ko bibamerera nabi, ubasabe gutangura buke buke, ikinini bakagicamwo kubiri, canke bakaza barasimbisha umusi mu kubifata gushika igihe bazoba bashobora gufata igitigiri gitegetswe.



Akamaro k’Icunyunyu Iyode hamwe n’Ibimenyetso vyo Kugikena mu Mubiri (Isanamu 3.4)iminota 5

9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 27.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 26 na 27 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Umwana yavukanye iyode ikwiye azogira ubwenge mw’ishure.

Iyode ni icunyunyu kiboneka mu mfungurwa zimwe zimwe.

Iyode ituma ubwenge bw’umwana bukura neza.

Kandi iyode ibaye nke cane birashobora gutuma umwana apfa.

Ubwenge n’umubiri vy’umwana birashobora guhagarara ntibibe bigikura maze bigatuma umwana apfa.

Umwingo mw’izosi ni ikimenyetso cerekana ko iyode ari nke cane.

Mbere naho umugore yibungenze yoba adafise umwingo, arakenera kwongereza iyode ku mfungurwa ziwe.

Ongerako akunyu gake karimwo iyode mu mfungurwa z’umuryango buri musi.

Abagore bibungenze bakenera iyode nyinshi gusumba abandi bagore.

Gukoresha umunyu urimwo iyode ni bwo buryo bwiza bwo kwongereza iyode.



Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Umunyu Urimwo Icunyunyu Iyode

Kuva mu mwaka w’1990, ibihugu34 vyarashizeho amategeko asaba ko umunyu wose uribwa n’abantu n’ibitungwa ukwiye kuba urimwo iyode



Gukena Icunyunyu Iyode

Nk’uko twabishikirijwe n’ibiharuro vya UNICEF mu 2008, 98% vy’ingo z’Abarundi bafungura neza umunyu urimwo iyode

Iyode ni icunyunyu kirumara mw’iterambere no mu gukura kw’umubiri w’umuntu.

Gukena Iyode ni yo nyanduruko izwi cane y’ingorane zo mu mutwe kw’isi yoshobora gutuzwa. Ubwoko bw’ikehabwenge bumeze nabi gusumba ubundi mu buterwa no gukena iyode ni ubwitwa cretinisme. Abantu bashika ku miliyoni 20 kw’isi barafise ingorane zo mu mutwe ku ngero zitandukanye zanduruka ku gukena iyode.

Ingorane ziterwa no gukena iyode zirashobora gutuma abantu batwara imbanyi zirimwo ingorane zishobora gukoroka, kuvyara abapfuye, no kuvyara abana badakwije ibiro bafise amahirwe make yo kubaho.

Ibimenyetso vyo Gukena Icunyunyu Iyode

Umwingo na hypothyroidism (iyode nkeya cane) ni vyo bimenyetso vyo gukena iyode. Hypothyroidism iragoye cane kubona hadakoreshejwe ibipimo vyo mu maraso kubera ko ibimenyetso biyiranga bishobora kwanduruka ku mvo myinshi. Ibimenyetso vya hypothyroidism ni ukwiyumvamwo uburuhe, akabonge, kwuma uruhu, kwiyumvamwo imbeho idasanzwe, no kwuzura inda



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Kwihweza Ibimenyetso – iminota 15



  1. Ereka abo bagore akapaki k’umunyu urimwo iyode. Ubasigurire ikimenyetso bakwiye kugenda barondera kiranga ako gapaki.

  2. Ereka abo bagore agacupa k’ibinini vya fer. Ubasigurire aho bashobora kubironderera n’incuro bakwiye kubifata.

  3. Hanyuma, usabe abo bagore bo mu mugwi kurabana ku mihogo. Mbega mu mugwi murabonyemwo abagore boba bafise imihogo ivyimvye? None baragiye kwa muganga gusaba iyode?

40.Baza umugwi uti, «Ni bangahe muri mwebwe muhora mushira umunyu urimwo iyode mu mfungurwa zanyu buri musi?” Usabe abo bagore babwire abandi bo mu mugwi ingene bakoresha uwo munyu urimwo iyode.

41.Saba abo bagore bo mu mugwi barabane ku ndimi, n’imbere kw’imerero ry’ingohe. Basuzume kandi no mu nzara.

42.Utore abagore bafise indimi, imerero ry’ingohe n’iminwa bitukura cane gusumba ivy’abandi. Hanyuma utore abagore bafise indimi, n’imbere mu minwa no kw’imerero ry’ingohe vyeruruka.

43.Ubabaze imfungurwa zitandukanye bihereza buri musi.

44.Baza uwo mugwi uti: Ni iki none twokwigira ku mfungurwa zavuzwe n’abagore bafise indimi zitukura gusumba iz’abandi? Mbega hari imfungurwa zimwe zimwe bafungura n’abandi bakwiye kugerageza gufungura?

45.Baza igitigiri c’abagore banyoye amavitamine ya fer bahawe kwa muganga.

46.Koresha uburorero bwiza kugira ngo uhimirize abataratangura gukoresha umunyu urimwo iyode canke vitamine n’imfungurwa birimwo fer.

probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10



  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5


Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari muri uwo Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

47.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri zo; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

48.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

49.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi mu Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri zikurikira z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

50.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

51.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje kuzoza ndashira umunyu urimwo iyode mu mfungurwa buri musi. Niyemeje kuzoja gutora ibinini vya fer kwa muganga muri iyi ndwi. Niyemeje kuzokwongereza imfungurwa zirimwo fer nyinshi mu mfungurwa ntegurira umuryango buri ndwi.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki? None ico wiyemeje waragishize mu ngiro?

Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega ejo warihereje imfungurwa zo muri buri mugwi mu migwi itatu y’ibifungurwa? Ni ibihe bifungurwa wariye?

Mbega ejo wariyongerejeko imfungurwa canke udufungurwa ku vyo wari usanzwe ufungura?

Ni ayahe mabara y’ibifungurwa wariye ejo?

Mbega waravuganye n’umufasha wawe ku vyo guhindura imfungurwa mufungura?

Icigwa ca 4: Gukaraba n’Isabune (canke Iminyota)

objective girl


  • Abarezi b’abana bazokaraba n’isabune n’amazi mu bihe bikwiye:

Abakirizi bazobanza gukaraba imbere yokuvyaza.

Imbere yo kurera akayoya canke kugakorako.

Uhejeje guta ivyo umwana yitumye canke iyindi micafu muri sugumwe

Uvuye mu kazu ka sugumwe canke kugira isuku y’ivyo umwana yitumye canke ry’amasobe.

Imbere yo gutegura imfungurwa, yo kugaburira umwana canke gufungura.

Abarezi b’abana bazokaraba neza:

Bashire amaboko n’isabune mu mazi.

Banyukure ibiganza n’isabune gushika ifuro rije.

Banyukure no hagati y’intoke mbere no mu nzara nk’amasegonda 30 bariko bararirimba Ururirimbo rwo gukaraba.

Bikureko isabune bakoresheje amazi bisutseko canke abatonyangirako.

Maze bareke ibiganza vyumishwe n’umuyaga canke bavyumishe mu kwihanaguza agahuzu gasukuye.


  • Abarezi b’abana bazohimiriza abo mu miryango yabo kuza barakaraba bavuye mu kazu ka sugumwe, imbere yo gukora ku mfungurwa, imbere yo gufungura canke yo gutegura imfungurwa, canke yo gukora ku kayoya.

  • Abarezi b’abana bazomenya kuririmba Ururirimbo rwo Gukaraba.

  • Abarezi b’abana baziyumvamwo ko bafise ibikoresho, inkuru n’ubushobozi vyo kwitwararika no kubungabunga amagara y’umwana wabo (kwizigira ko bashoboye kwongerejwe).

Ibikoresho:

  1. Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure

  2. Ibase, amazi n’isabune, canke Igikarabiro (Tippy Tap)*

Icigwa ca 4 mu ncamake:

Agakino: Imvura y’Isegenya

Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane

Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Umuryango Wagwaye Gucibwamwo

Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho iri ku mpapuro za 30-35 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku kuntu Isabune Yica Imigera, Ni Ryari Twokaraba, kandi Twokaraba Gute.

Igikorwa: Ururirimbo rwo Gukaraba

Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho

Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi

Kwimenyereza babiri babiri

Kwiyemeza



Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje bijanye n’ivyunyunyu fer na Iyode.

game image 2.bmp

1. Agakino: Imvura y’Isegenya - iminota 10

  1. Saba abagore bicare mu muzingi mu gacerere bugaye amaso.

  2. Igikorwa cabo ni ico kwumviriza amajwi yose baza kwumva avuye ku mugore yicaye i bubapfu bwabo.

  3. Uwurongoye agakino agatangura mu kuvuguta ikiganza ku kindi kugira ngo humvikane nk’imvura iriko iragwa.

  4. Maze umugore ari i buryo bwiwe akabisubiramwo, hanyuma umugore akurikira gushika aho bose mu muzingi bazoba bariko baravuguta ikiganza ku kindi.

  5. Bose ni bamara kuvuguta ikiganza ku kindi, uwurongoye agakino aca yongereza urwamo rw’imvura mu kunaga urutoke ku rundi.

  6. Umuvyeyi Tubaramure ari i buryo bwiwe agasubiramwo ayo majwi nyene gushika igihe umwe inyuma y’uwundi bose bazoba bariko baranaga intoke.

  7. Maze uwurongoye agakino ace akoma amashi nko kwasana kw’inkuba, abo mu mugwi bose nabo bamwigane umwe inyuma y’uwundi.

  8. Hanyuma uwurongoye agakino akikubita ku matako, abo mu mugwi nabo bakamwigana umwe inyuma y’uwundi.

  9. Hanyuma uwurongoye agakino agatsita amaguru hasi, imvura ijemwo igihuhusi.

  10. Kugira ngo amenyeshe ko imvura y’isegenya ihagaze, uwurongoye agakino abikora asubira inyuma aho yahereye akikubita ku matako, agakoma amashi, akanaga urutoke ku rundi, akavuguta ikiganza ku kindi, maze agasozerera ku gacerere.

Noneho ko tumaze kuronka inguvu, hinge duhamagare amazina maze tuyage ku cigwa co mu ndwi ziheze.



2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane



  1. Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane co mu Gitabo Mfashanyigisho ca mbere (Module 1).

52.Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.

53.Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

54.Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Umuryango Wagwaye Gucibwamwo (Isanamu 4.1)iminota 10

3. Inkuru

Ni musome inkuru yo ku rupapuro rwa 28 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.

Iyo nkuru isigura ingene abo mu muryango wa Barumwete bafashwe n’ingwara. Itangura kudushikiriza iciyumviro c’imigera itera ingwara.

Umuhungu wa Barumwete asohotse mu kazu ka sugumwe. Mu gihe Barumwete atariko araraba, akoza intoke zimwe mu mfungurwa umuryango uza gufungura. Maze bicaye bose ngo bafungure, bose bakaravye mw’isorori imwe y’amazi. Kandi ntibakoresheje isabune. Maze Barumwete yakira izo mfungurwa aha umuntu wese kw’isahani yiwe. Muri iryo joro umuryango wose wafashwe no kuribwa mu nda no gucibwamwo. Mu kanya gato bose batangura kuza barirukira mu kazu ka sugumwe.

4. Gutohoza

Soma ibibazo biri ku rupapuro rwa 28 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanygisho.

Ubaze ikibazo ca mbere kugira ngo muyage ku bitera ingwara.

Ubaze ibibazo bibiri vya nyuma kugira ngo utahure ingene akamenyero ko gukaraba ubu kifashe mu bagore bo muri uwo mugwi.



  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’Igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp



  • Ni kuki bose bafashwe no kuribwa mu nda no gucibwamwo?

  • Mbega ni ryari ukwiye gukaraba?

  • None uyu musi wakaravye ryari?


Isabune Irica Imigera (Isanamu 4.2) – iminota 5
5. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 31.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 30 na 31 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Imigera iba ahantu hose hatuzengurutse.

Imigera ni uturemwa duto cane dutera ingwara.

Imigera ishobora kuba iri ku ruhu rwacu, mu nzu zacu, ku biterwa no ku biti.

Imigera ni mito cane ku buryo tudashobora kuyibona n’amaso.

Muri iyi sanamu, hariho akirore kadasanzwe katwereka imigera iba iri mu biganza vyacu. Imigera muri iyi sanamu isa n’icatsi kibisi.

Imigera myinshi yinjira mu mibiri iciye ku ntoke zacu.

Imigera ishobora kwinjira mu mubiri iyo twifyese ku ntoke.

Imigera yatugiye ku ntoke ica ishika mu kanwa iyo turiye.

Imigera yinjiye mu mubiri idutera gukorora canke gucibwamwo.

Imigera ishitse mu mubiri ni yo itera ingwara nyinshi.

Isabune irica imigera! Udafise isabune, koresha umunyota.

Gukaraba n’isabune canke n’umunyota bidukingira gucibwamwo hamwe n’izindi ngwara.

Gukaraba n’isabune canke umunyota bikingira abavyeyi bibungenze ingwara zari gusinzikaza abana babo.


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha:

Ingwara zo Gucibwamwo


  • Gukaraba n’isabune ni bwo buryo bwa mbere butazimvye bwokoreshwa mu kwirinda urupfu n’ingwara vyanduruka ku gucibwamwo.5 Gukaraba imbere yo gufungura, yo gutegura imfungurwa canke umuntu avuye mu kazu ka sugumwe vyoshobora kugabanya gucibwamwo kw’abana gushika ku bice 50%.6

Indangurakintu

  • Umugera ni virusi canke agakoko gatera ingwara.

Akarusho

  • Isabune zihingurwa hamwe n’amazi ni bwo buryo bwa mbere bwiza bwokoreshwa mu kwica virusi n’imigera. Iyo isabune ihinguwe idashoboye kuboneka, isabune umuntu yikoreye canke umunyota navyo nyene ni ibisubirizi bibereye vya mbere.

Ni Ryari Twokaraba (Isanamu 4.3) – iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 33.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?


8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 32 na 33 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Karaba n’isabune canke umunyota imbere yo gutegura imfungurwa.

Karaba n’isabune canke umunyota imbere yo gufungura.

Fasha abana bawe gukaraba.

Karaba n’isabune canke umunyota uvuye mu kazu ka sugumwe.

Karaba n’isabune canke umunyota iyo uhejeje gutawaza canke guhanagura umwana yitumye.

Karabisha umwana wawe kenshi.

Uhimirize abo mu muryango wawe kwama bakaraba n’isabune muri ivyo bihe vyose nabo nyene.

Karaba n’isabune canke umunyota imbere yo kuvyaza.

Usabe uwemeye kukuvyaza ko yobanza gukaraba imbere yo kukuvyaza.

Ukarabishe isabune canke umunyota imbere yo guterura akayoya.

Utuyoya turakarirwa cane n’ingwara.

Utubungabungire amagara meza mu gushishikara isuku ry’intoke zawe.

Kandi usabe n’abandi ko bobanza gukaraba imbere yo guterura akayoya.


  • Ni mu bihe bindi bihe bimwe usanga gukaraba guhambaye?

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Utuyoya hamwe no Gukaraba


  • Ivyigwa vyarerekanye ko utuyoya tw’aho abakirizi n’abavyeyi babanza gukaraba imbere yo kuturera canke kudukorako bigabanya ingwara zatwo ku rugero rw’ibice 41% ugereranije n’utuyoya tw’aho abakirizi n’abavyeyi badakaraba.7


Twokaraba Gute (Isanamu 4.4) – iminota 5
9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 35.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 34 na 35 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Uremeshe abagore ko gukaraba ari ikintu coroshe gukora, ariko ni kirumara mu kwica imigera. Turashobora guhagarika ingwara twandurira mu ngo i wacu mu gushira mu ngiro aka kamenyero koroshe.



Kanyisha ibiganza vyawe ukoresheje isabune n’amazi.

Asangwa ukoresha umunyota, banza utose ibiganza hanyuma ushireko umunyota.

Nyukura mu biganza no ku ntoke.

Mu gihe uzoba uriko urinyukura, isabune izoca izana ifuro.

Tangura kuririmba Ururirimbo rwo Gukaraba.

Unyukure no hagati y’intoke. Kandi ifuro urishikane ku gipfunsi.

Ukarabe no mu nzara.

Ubandanye kwinyukura gushika Ururirimbo rwo Gukaraba ruheze.

Hanyuma wisukire amazi meza kugira ngo agukureko isabune.

Ntimukigere mukaraba hanyuma ngo mwikureko isabune mu gukora mw’ibase imwe.

Ayo mazi aba akirimwo imigera kandi aca ayikwiragiza ku muntu wese akojeje amaboko yiwe muri yo.

Asangwa ariko urakarabira mw’ibase, koresha igikombe kugira ngo wisukireko amazi ku biganza.

Vyoba vyiza gusumba hamwe woreka ibiganza vyawe bikumishwa n’umuyaga gusa.

Ni waba ukoresha iswime naho, uze urayimesa buri musi.

Iswime ikanye biroroha cane ko yegeranya imigera maze igaca iyigarukana ku ntoke zawe.




Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin