Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə11/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16

Icigwa ca 5: Gukinga umusonga


Abavyeyi bonyarukana umwana wabo kwa muganga mu gihe babonye ibimenyetso vyerekana ko afise umusonga (imigera y’indwara itera umusonga yo mu gikiriza):

Guhemagirika:Umwana arahemagirika n’ingoga nk’uko womengo avuye kwiruka.

Inkorora y’akanira:igikiriza kirarengera imbavu iyo umwana ariko aragihemeramwo.

Abavyeyi bokwonsa abana babo gushika amezi 6 ahere mbere bakabandanya mpaka umwana ashitse imyaka ibiri kugira amukingire umusonga.

Abavyeyi bokaraba intoke zabo n’izabana babo na canecane imbere yo gufungura no mu gihe bahejeje gukoresha akazu ka surwumwe canke mu gihe bahejejej gutegura umwana.Gukaraba intoke birakinga umusonga.

Abavyeyi bokwigiza abana babo kure y’umwotsi mu kubarungika hanze iyo bariko barateka n’ukubigiza kure y’abantu banywa itabi.

Abavyeyi bogabanya kunywera mu nzu mu kwugurura amadirisha n’imyango bagaca irindi dirisha risohora umwotsi.



Ibikoresho:

  1. Ibitabu vyo kwandikamwo abitavye ibikorwa

76.Igicapo c’umuremeshakiyago

77.(Si mpaka biboneke) Ibitandara vy’amabuye ndwi canke ibiharage*

78.(Si mpaka biboneke) Isaha canke iterefone ngendanwa*

incamake:

Agakino:inkorora,ibicurane,no kwasamura

Ukwitaba no gukiranura

Suce ubaza ku nyifato za misi yose:hari ikintu kibi

Erekana amasanamu uce usangira ubutumwa buri ku mpapuro ziri ku gicapo za 38-43

Igikorwa: guhemagirika

Gutohoza ku nzitizi zose zishoboka

Kubamenyesha kun nyishu zose zishoboka kuri izo nzotizi

Gukora no gufasha abakorera mu mirwi ya babiribabiri

Gusaba icemezo

Gupima ivyemezo n’inyifato bijanye n’icigwa giheruka.

game image 2.bmp

1. Agakino: inkorora,ibicurane no kwasamura- iminota 10



  1. Saba abagore bicare mu muzingi, ku mukaze wose hicare abagore batatu. (umurwi wose w’abo batatu utegerezwa kugira umukaze wawo.)

79.Uwigisha ategerezwa guhagarara hagati mu muzingi agaca agena umugore wese ko agira ijwi ryiwe. Umugore wa mbere ni ni ibicurane, umugore wa 2 ni ukwasamura,umugore wa 3 ni inkorora,umugore wa 4 niukwimyira, umugore wa 5 ni ukwasamura,n’ibindi n’ibindi ni nukuvuga ko umugore wese afise ijwi ryiwe.

80.Uwigisha asohora ijwi (ukwasamura, inkororora canke ukwimyira) kandi abagore bose baba bari bagenywe ngo basohore iryo jwi bategerezwa guhagurka bakicara ku mukaze mushasha n’abandi bagore babiri. (Mwibuke ko abagore batatu bonyene ari bo baza baricara ku mukaze). Uwigisha aca yiruka kwicara ku mukaze ahoba hari ikibanza kigaragara.



        1. Nk’akarorero, igihe umwigisha yimyiriye, abimyira bose bategerezwa guhaguruka bakaja kwicara mu kindi kibanza. Umwigisha ari hagati aca yicara muri kimwe mu bibanza bigaragara.

  1. Umuntu umwe ntaronka aho yicara –uyo muntu niwe aca aba umwigisha mushasha.

81.Umwigisha ahagarara hagati mu muzingi agaca asohora ijwi (kwimyira, kwasamura no gukorora) hanyuma abantu bari mu murwi bagaca barondera ikindi cicaro kigaragara.

82.Subiramwo ako gakino gutyo uwariwe wese arafise uburenganzira bwo kugenda, agasohora ijwi canke agatwenga.



Ubu dufise inguvu,reka dutangure icigwa cacu.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umuremeshakiyago wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (igitabu ca 1).

83.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

84.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

85.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

86.Inkuru: Ikintu kibi (Isanamu 5.1) – iminota 10



3. Inkuru

Soma inkuru ku rupapuro rwa36 ku gicapo.

Igihe c’imvura kirageze, Biguvu nawe atanguye gukorora. Mu mazuru yiwe huzuye ibiseru. Mu misi mike, Barumwete arumva ko igikaraza ciwe gipfunganye womengo kigomba guharuka igihe coseahemye. Aca ahmagara n’ingoga umukobwa wiwe agaca agereranya no mu bikiriza vy’abandi bariko barahema. “Ikintu kibi, akavuga, dutegerzwa gutwara Biguvu kwa muganga!”

4. Gutohoza

Soma ibibazo ku rupapuro rwa 36 rwo ku gicapo.



ask.bmp

Ni ibihe bimenyetso biteye ubwoba Barumwete yabonye?

Ni igiki gitera iyo ndwara?

Nta na rimwe umwana wawe yari bwagire iyo ngorane? Bitugire ku muriri.


Baza ikibazo ca mbere kugira usubiremwo ibimenyetso biteye ubwoba vyabonywe na Barumwete.

Barumwete yabonye ko mu gikaraza c’umwana hagomba guharuka igihe cose ahemye. Yagereranije igikaraza c’umwana wiwe ariko arahema no mu gikaraza c’umukobwa wiwe ariko arahema. Aca abona ko “hari ikintu kitameze neza.”

Mu gihe umuvyeyi abonye ko “hari ikintu kibi” canke kitahahora, ico ni ikmenyetso kibi.

Baza ikibazo ca kabiri kugira wumve ko abagore bemera ibituma mu gikaraza haharuka.

Mu gihe umwana yanduye imigera y’indwara yo mu gikaraza, ikintu ca mbere ni ukwanira. Ni ukuvuga yuko igikaraza,kirengera imbavu uko umwana ahema. Ico ni ikmenyetso c’imigera y’indwara y’igikaraza (umusonga).

Biterwa n’imigera ica mu myenge y’amazuru canke mu muhogo. Ubwo bwoko bw’umugera burakara cane iyo ubushuhe hari ubushuhe bupfuvye.

Baza ikibazo ca nyuma kugira wumve ingene inkuru z’abagore ingene bavuye abana babo igihe bafatwa n’iyo ndwara.

Iyo umwana afise umusonga,ni ukumutwara ubwo nyene kwa muganga kugira bamuhe umuti mponyamigera.



Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin