Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Icigwa ca 6: umurima urimwo ivyo guteka: Gutera inzuzi



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə14/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16

Icigwa ca 6: umurima urimwo ivyo guteka: Gutera inzuzi


Abavyeyi baratora ikibanza cegereye aho baba na nyabarega yo gutamwo ivyo guteka bakuye mu murima.

Bakoresha ibirato n’ibirenge vyabo mu gupima aho hantu h’imitero 3 z’uburebure n’imetero 1 y’ubwaguke (amakanda 4y’ibirato ku makanda 12 y’ibirato).

Baca bimba nyabarega zibiri hagati y’aho hantu bagaca bimpa basuka ivu inyuma.

Baca bavanga na nyabarenga iboze bagaca baterera ivu ku musozi.

Abavyeyi baca bavomerera aho hantu hari imbuto bagaca bahafuka n’ibihunda be n’ivyatsi vyumye.

Abavyeyi baca bimbura imyungu igihe yeze isa n’umuhondo kandi igumye inyuma

Abavyeyi bazoca bongera umusoma n’umwungu mw’isose no mu musururu

Ibipande vy’umwungu n’umusoma birimwo ubutare bw’icuma(fer) na ndemamubiri (bikomeza imitsi n’amagufa).

Birimwo na Vitamine A ikinga imigera y’indwara ikanakinga ukutabona mw’ijoro.

Abagore bibungenze kandi bonsa bogungura inzuzi zikaranze nk’utwuzangwa kugira bahimirize amagara meza y’abana n’abavyeyi.25

Ibi bintu bikomeza amraso,inyama n’amagufa kandi bifasha umwana na nyina gukura neza mu gihe c’imbanyi.

Iibikoresho:


  1. Ibitabu vyo kwandikamwo abitavye ibikorwa

105.Igicapo c’umuremeshakiyago

Incamake:

agakino:Gutera umurima

Ukwitaba no gukiranura

Gusangira inkuru ukongera ukabaza inyifato zikunda gushika:Ivyigwa vy’ingirakamaro

Erekana amasanamu mwongere muganire ku butumwa nyamukuru buri ku mpapuro za 46-51 ziri ku gicapo:Gutegura isi,Gutera inzuzi no kuzimbura.

Igikorwa:Gukaranga inzuzi

Gutohoza ku nzitizi zishoboka

Kubamenyesha ku nyishu zishoboka kuri izo nzitizi

Gukora no gukwirikiranwa mu mirwi igizwe na babiribabiri

Gusaba icemezo

Gupima ivyemezo n’inyifato bijanye n’icigwa giheruka

game image 2.bmp

1. Agakino:Gutera umurima - iminota 10



  1. Aka ni agakino ko kutibagira. Abagore bagize umurwi wanyu bategerezwa kwibuka vyose abandi bagore bavuze kandi bakanabisubiramwo.

106.Saba umwe wese ngo ahagarare mu muzingi, harimwo n’umwigisha.

107.Umwigisha atangura avuga, »Ndagiye gutera umurima kandi ndiko ndatera (kandi icamwa canke imboga azobitera).»

108.Nta nyishu n’imwe atariyo muri aka gakino. Abagore bashobora gutera ico bashaka cose. Uruhara runini n’urw’abagore bategerezwa kugerageza kwibuka ibindi bikoresho vyataziriwe n’abandi mu murwi kandi bakabisubiramwo ku murongo.

109.akarorero, «Ngiye gutera umurima kandi ndiko ntera inyanya.”

110.Umugore ari mu buryo bw’uwigisha ategerezwa gusubiramwo akajambo ukongerako n’ikindi kintu. Akarorero, «Ngiye gutera umurima kandi ngiye gutera inyanya n’ibitunguru.”

111.Bandanya na buri mugore wese mu muzingi wongereko ikindi kintu gishasha ku rutonde.

112.(Optional) iyo umugore yibagiye canke akavuga ibintu mu rutonde rutari rwo, ategerezwa guca ava mu muzingi. Bandanya gushika aho hasigara mu muzingi umugore umwe gusa.

113.Bandanya wongerako ibintu bishasha kugeza aho urutonde ruba runinikugira umuntu yibuke!

Ubu dufise inguvu,reka dutangure.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umu Mère Leader wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (Module 1).

114.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

115.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

116.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Inkuru: ivyigwa vy’ingirakamaro (Isanamu 6.1) – 10 iminota

3.Inkuru

Soma inkuru iri ku rupapuro rwa 44 rwo ku gicapo.

Barumwete ariko aratera inzuzi mu murima uri hafi y’inzu yiwe. Nk’uko imiribo itanguye gukura,aca atera abana biwe inkuru. “Naragize ingorane iguhe nari ndagufise mu mbanyi,abwira Mvuyekure. Namana amagara make nkaguma ndushe nkongera nkama ndwaye. Ndazi ko ubu mfungura umusoma, inzuzi n’imyungu ko nikingira ingorane nyinshi. Inyigisho twaronse zimeze nk’izi nzuzi. Ni inzuzi ntonto,ariko mu misi mikeua zizokura bibe ibiterwa binini bizokwuzura isi kandi bikavamwo ivyamwa vyiza ku muryango wacuy.

4. Gutohoza

Soma ibibazo ku rupapuro rwa 44 rwo ku gicapo.

Baza ibibao bibiri vya mbere kugira usubire urabe inyungu ku magara zitewe n’umwungu.

Muri iyo nkuru, Barumwete yerekana ko gufungura inzuzi,umusoma n’umwungu vyari kumufasha kumukingira integer nke ziwe igihe yari afise imbanyi(gukama amraso).

Ibi bivuga ko imyungu ikomeza amaraso n’amagufa (ni isoko ryiza ry’ubutare bw’icuma(fer)). Imyungu iranafise Vitamine A ifasha kubona neza.

Iyo yari kuba yarongeyemwo zino mfungurwa mu gufungura kwiwe,yari kugira amagara meza kandi agahindura .

Baza ikibazo kigira kabiri muharire ingeneinyigisho ziri ku igicapo zimeze nk’imbuto bateye mu murima.

Inyigisho z’amagara meza zimeze nk’imbuto batera mu murima. Mu gihe umugore afashe izo nyigisho yaronse ahkazikoresha,amagara yiwe n’y’umuryango wiwe azomera neza vyongere bifashe n’abandi.

Nk’akarorero, iyo umugore afunguye neza afise imbanyi,umana wiwe azogira ubuzima bwiza,arware gake,yorohereze umuryango gukora rwose,baronke umusesekara gutyo n’abana bose bashobore kuja kw’ishure.

Mu gihe umugore afasheingingo yo kudakwirikirana inyigisho,akana kiwe kazovuka konze,kagorane mu gukura,asabe kuvurwa kenshi,atume abantu badakora kandi ntnibimbure,bitume abana bataja no kw’ishure.

Baza ikibazo ca nyuma wumve ibihe biterwa bakunda kurima mu mirima yabo. Raba ko boba bazi akamaro k’ibiterwa batoye. Barima ubwoko bwinshi bw’ibifungurwa bizoteza imbere amagara y’abana babo?

Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

Imyungu izanira amagara meza gute abana n’abavyeyi babo?

Ivyigwa mwaronse bias gute n’imbuto?

Ibiterwa mutera mu ndimo zanyu biteza imbere gute amagara yanyu n’ay’abana banyu?




Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin