Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Icigwa ca 2:Ugukinga umwumira ukoresheje ivyunyunyu



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə4/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16

Icigwa ca 2:Ugukinga umwumira ukoresheje ivyunyunyu


Iyo umwana acibwamwo,abagiraneza bamuha igikombe c’agasabasaba c’ivyunyunyu cuzuye gushika ku karongo ka mbere kagize utuzingi,igihe cose umwana acibwamwo ibimeze nk’amazi.

Kuvanga ipaki y’ivyunyunyu n’iritiro ry’amazi atetse canke amiminye.

Gushigisha kugeza aho ifu itakiboneka mu mazi.

Bishitse umwana akadahwa ivyo vyunyunyu ,womwongera ibindi ariko ukamuha dukeduke ku kayiko.

Abavyeyi bokwonsa cane abana bacibwamwo kuko harimwo ubifungurwa n’ibinyobwa vy’ingirakamaro ku mwana.

Abavyeyi boha amazi meza n’umutobe w’ivyamwa umwana kugira ashobore gutora mitende.

Abavyeyi boha abana ifi,inyama,amagi,irengarenga n’imboga za beet kugira umwana aaronke inguvu yatoye mitende.

Abavyeyi bobika mu mazu yabo ipaki y’ivyunyu yugaye neza yo kwitegekanya mu gihe hosubira kuza izindi ndwara.

Abavyeyi baca bizera yuko guha umwana ivyunyunyu igihe cose acibwamwo bimukingira umwumira kandi bikamufasha gukira n’ingoga(akamaro k’ico gikorwa).7



ibikoresho:

  1. Ibitabu bandikamwo abitavye ibikorwa

27.Igicapo c’umuremeshakoyago

Incamake:

Agakino:Ni nde ari Umuyobozi

Ugutonda be n’akajagari

Gusangira inkuru ugaca ubaza n’inyifato zikwiye kugirwa:Share the story and ask about current behaviors: Barumwete arakinga ukukama amazi.

Erekana amasanamu muce muganira ku butumwa nyamukuru buri ku gicapo ku mpapuro za 14-19:ingene bategura ivyunyunyu,ivyunyunyu n’amaberebere hamwe n’imfungurwa kugira ugukira kunyaruke.

Igikorwa:ugutegura ivyunyunyu

Gutohoza inzitizi zose zohaba

Kubamenyesha inyishu zose zishoboka kuri izo nzitizi

Ugukora mu migwi y’abantu babiri no kubakwirikirana

Gusaba icemezo

Gupima ivyemezo bijanye n’icigwa giheruka

game image 2.bmp

1. Agakino: Ni nde ari umuyobozi -iminota 10


  1. Gusaba umugore ngo yicare mu muzingi. Gusaba umwe ngo ataramuke gutyo ntahave yumva ivyavugiwe mu murwi.

  2. Uwo muntu yamaze kugenda,umugwi uca utora uwuwurogora.

  3. Gusigura ko umuyobozi ategerezwa gutunganya neza ibikorwa igihe wa wundi yagenda kuko avyishakiye aja kugaruka. Ashobora gukoma amshi,kudida ukuguru hasi,guturitsa urutoke,gupepera,n’ibindi. Uwariwe wese mu murwi ategerezwa gufata ivyo bikorwa vyose umuyobozi ariko arakora.Ariko,umuyobozi ategerzwa gutangura ivyo bikorwa vyose mu mpisho mu gihe wa wundi yagenda atakiri kumwe nawe,gutyo ntazomenya uwuriko ararongora ivyo bikorwa.abagize umurwi batgerezwa gukingira umuyobozi wabo mu kutaja baramuraba.

  4. Umwe yagenda rero haragera igihe akagaruka agaca ahagarara mu muzingi.araraba mu bagize umurwi ingene bakora agaca agerageza kwibaza muri bo umuyobozi uwariwe .

  5. Mu gihe atoye umuyobozi uwo ari we,wa muntu yari yataramutse aca asubira mu muzingi.

  6. Wa wundi yari umuyobozi nawe aca ataramuka kugira batore uwundi.

  7. Subiramwo ako gakino incuro nyinshi.

?Ako gakino katwigisha iki mu buzima ?

Rimwe na rimwe umuntu afata ingingo hari aho aba yinyegeje.

Kenshi iyo dusanze abagore mu mihana iwabo,hari abadi mu muryango usanga aribo bategeka canke basosereza mu gufata ingingo.

Dushaka gusangira ubutumwa n’abakenyezi, ndetse tuknabusangira n’abakurambere canke n’abandi bo mu nzu.

Ubu rero,reka dutangure icigwa.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umu Mère Leader wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (Module 1).

28.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

29.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

30.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

31.Barumwete akinga ugukama amazi (isanamu 2.1) – iminota 10



3. Inkuru

Soma inkuru iri ku rupapuro rwa 12 rwo ku gicapo.

Barumweteigira aje mu murima. Ahamagara umukobwa akiri muto mu nzu iwe. “Sinigeze ndakwigisha ingene uzohora witaho Mvuyekure ubushize. Nshaka kukwereka ivyo uzoca umukorera ubonye ariko aracibwamwo”Aca mawereka ingene bavanga ivyunyu bagaca babihaMvuyekure. “N’aho adahwa,” Barumwete avuga, “canke ntashake kunywa,muhirize kunywa uze uramuhesha ikiyiko.” “Ego,nzobikora,” uyo mukobwa arishura. Ku mugoroba Barumwete agarutse, Mvuyekure yaciye yiruka kumusanganira. “ubu ameze neza cane!” wa mukobwa amubwira. “Vya vyunyunyu vyamufashije aratonra mitende n’ingoga!”

4. Gutohoza

Baza ikibazo ca mbere kugira dusubiremwo inkuru.

Twipfuza ko abitavye bokwishura muri ubu buryo: Barumwete ariko aravangira ivyunyunyu Mvuyekure yongera amwigisha ingene abigaburira umwana ahejeje gucibwamwo.

Baza ikibazo kigira kabiri mu gusubiramwo ido n’ido ku vy’ugukira kwa Mvuyekure.

Mvuyekure yakize n’ingoga. Ntiyarinze gucika integer canke ngo arwaragurike nka mbere igihe Barumwete Atari ahari. Aranywa agaca amera neza akaguma anezerewe.

Baza ikibazo ca nyuma wumve ico abavyeyi bakorera abana babo igihe bacibwamwo.

Twipfuza ko botanga ivyunyunyu,amaberebere n’ivyo kunywa kugira ngo umwana akire.

Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

What does Barumwete akora iki kugira ngo ntatakaze amazi menshi?

Mvuyekure ashikirwa n’ibiki iyo atari hafi?

Umwana wawe umuha iki kugira akire gucibwamwo?



Ingene bategura ivyunyunyu(isanamu 2.2) – iminota5

5. Erekana:

Saba abavyeyi gusigura ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 15.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 14 na 15 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.




  • Kuvanga ipaki imwe y’ivyunyunyu n’ibikombe vy’agasabasaba 4 vyuzuye amazi. Gushigisha mpaka aho ifu izimangana. 8

    1. Gukoresha amazi ashushe canke amazi meza bashizemwo umuti .

    2. Amazi atayunguruye ashobora gutuma gucibwamwo bimera nabi rwose.

    3. Ibikombe bine vy’ Agasabasaba bingana n’iritiro rimwe ry’amazi.



  • Ni ukwuzuza igikombe c’ Agasabasaba gushika ku kazingi ka nyuma mu tugize igikombe.

  • Guha umwana ivyunyunyu igihe cose acibwamwo.

    1. Kumwongera ibindi mu gihe anyotewe.

    2. Bandanya umuha ivyunyunyu kugeza aho gucibwamwo canke kudahwa bihagarara.

    3. Ivyo bishobora gutwara imisi myinshi.



  • Mwoha ivyunyunyu bingana gute umwana ari munsi y’amezi 6?

    1. Nta na kimwe.Ni ukumuha amaberebere gusa.



  • Abana barenza imyaka ibiri twobaha ivyunyunyu bingana gute?

    1. Kwuzuza igikombe ku karingo ka kabiri mu tugize imizingi y’igikombe.

    2. Gutanga ibingana gutyo no ku mwana akuze igihe cose acibwamwo.

    3. Kumwongera ibindi mu gihe umwana akinyotewe.




Ayandi makuru ku wigisha

Ibiharuro vy’urufatiro – SRO

Mu Cankuzo,abana k’wijana bari munsi y’imyaka 5 bafise ingorane zo gucibwamwo bategerezwa kuronka ivyunyuynyu canke ibindi vyo kunywa baba bategetswe gufatira muhira vyaraduze 59% Ruyigi, hamwe na 39% (ugereranijie ni 45%).9

Ukuvura ugucibwamwo

Ivyunynuynyu vya Zinc uvyongeyeko mu gihe co gucibwamwo,biragabanura ububababare bwo gucibwamwo nko mu mezi ari hagati y’ 2-3. Zinc si umuti,ni ivyunyunyu(ingaburo)ifasha umubiri kwisubirako.

Ivyigwa vyo kuri Zinc vyerekanye yuko abana bafata ibinini vya zinc hagati y’imisis 10-14 bagira imisi mike yo kurwara ugucibwamwo kandi ntibiruka cane nk’batafashe ivyo binini. Gufata zincmu gihe ucibwamwo biragabanya ibiringo vyo gucibwamwo mu mezi ari hagati y’ 2-3 akwirikira (hagabnuka ibice 25% vy’igihe vyomaze,hakagabanuka ibice 25% vy’ibiringobe na 30% bigabanuka vy’ugucibwamwo amazi). 10

Imiti nka Loperamide, Immodium na Kaopectatentikiza ugucibwamwo. Ikiza ibimenyetso vy’imigera y’iyo ndwara. Abasoda b’umubiri nibo bagabanuka kuri korera ikaze,amacinya canke korera bitewe na amibe.



Ivyunyunyu n’amaberebere (isanamu 2.3) – iminota5

7. Erekana:

Saba abavyeyi basigure ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 17.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 16 na 17 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Iyo umwana adashwe ahejeje gufata ivyunyunyu,banza urindire. Mwongere ibindi mugabo umuhe ku kayiko.

    1. Rindira iminota 10 umwana ahjeje kudahwa.

    2. Muhe ivyunyunyu buhorobuhoro.

    3. Asubiye kudahwa kandi,bandanya umwongere ibindi vyunyunyu.



  • Kumuha amaberebere kurusha uko vyahora.

    1. Amaberebere arakiza mu mushishito w’umwana.

    2. Umwana umubashije amata birakingira umwumira.

    3. Mu gihe udafise ipaki y’ivyunyunyu,ni ukubanza ukamuha amaberebere.



  • Woba ufise ipaki y’ivyunyunyu muhira?



  • Ni ukubika ipaki y’ivyunyunyu muhira.

  • Uzoshobora kuvura ugucibwamwo urinze ubona bishika.

    1. Ababana batoya barakunda gukarirwa no gucibwamwo.

    2. Kwama witeguye kuvura gucibwamwo biririnze bishika.




Ayandi makuru ku wigisha

Ukwonsa no Gucibwamwo

Abavyeyi bamwe bavga yuko baca bahagarika kwonsa canke bakina abana babo mu gihe bacibwamwo. Ariko ivyo birababaza umwana. Ukuvura neza umwana afise umwumira ni ukumuha ivyunyunyu ukongera ukamwonsa cane.amabererebere arakiza gucibwamwo ntagutera.



Ibiharuro vy’urufatiro – ivyunyunyu vyo muhira

Ni ingo 5% usanga zaraziganije ivyunyunyu vyo kunywa mu mazu.11



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin