Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Inzara no Gufungura nabi(Isanamu 3.2) – iminota 5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə7/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   2   3   4   5   6   7   8   9   10   ...   16

46.Inzara no Gufungura nabi(Isanamu 3.2) – iminota 5



5. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 23.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 22 na 23 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Mu gihe c’indwara babura akayabagu.

    1. Abana bashobora kwerekana ko badashonje.

    2. Abana bashobora kuba badafise inguvu zihagije zo kwirisha bo nyene.



  • Guhimiriza abana gufungura n’aho boba basa n’abadashonje.

    1. Kubaririmbira no kubakinisha kugira bafungure.

    2. Kuha umwana ivyo akunda gufungura kugira umuhimirize gufungura.

    3. Kumuha isupu n’umusururu vyoroshe ku mwana gufungura.



  • Abana badahimirijwe gufungura baca baba abarya nabi.

    1. Abana badahimirijwe gufungura barya duke.

    2. Umwana arya duke akura ari magara make.aca abura akayabagu.

    3. Abana bakariwe canke bagakubitwa kubera badafungura ntibakura neza.

    4. Abana badafashijwe gufungura baca bata ibiro.



  • Kubera iki abavyeyi bakankamira abana iyo banse kurya?

  • Gukankamira no gukubita umwana bikora gute ku mwana mu bijanye no gukura kwiwe?

    1. Umwana aca agira ubwoba akongera akihebura.

    2. Umubiri w’umwana uratinya ugaca umera nk’uwurwaye.

    3. Umwana afungura bukebubuke agata ibiro.




Ayandi makuru ku wigisha

Ivyerekana bisanzwe vy’ivyatowe mu gufungura nabi

Abana bafungura nabi baboneka incuro zine nk’abakubiswe canke bahawe amakofe mu ndwi iheze.



Uburyo bwo guhimiriza gufungura (Isanamu 3.3) – iminota5

7. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu yo ku rupapuro rwa 25.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 24 na 25 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Gutanga imfungurwa zikundwa.

    1. Indya zikundwa zirahimiriza abana gufungura.

    2. Wovanga indya zikundwa n’izindi kugira uhimirize umwana gufungura.



  • Kugabura isupu novu, umusururu n’indya ziseye.

    1. Indya ziseye n’isupu ntibigorana kumira.

    2. Isupu n’umusruru birrorohera abana gufungura.

    3. Isupu n’umusururu binovu birimwo ingaburo nyinshi kurusha isupu n’umusururu vyango.

    4. Ibifungurwa vy’mazimazi nta nguvu bitanga ku mwana.

    5. Imfungurwa zinovu zirafasha umwana gukira.



  • Kugaburira umwana mu gihe abandi bariko barafungura.

    1. Kuraba abandi bariko barafungura birahimiriza umwana gufungura.

    2. Kwicarana n’abandi bituma umwana yumva anezerewe kurusha.



  • Iyo umuvyeyi arwaye yomenyeshwa n’iki ko abandi bokwitaho umwana wiwe nk’uko yahora avyikorera?

    1. Sangria n’abandi ubu butumwa bw’ingene bitaho abana.

    2. Kwigisha abavukanyi bakuze ingene bitaho abana barwaye.




Kwongereza n’utwuzango n’amaberebere (isanamu 3.4) – iminota5

9. Erekana:

Saba abvyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 27.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 26 na 27 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.





  • Mu gihe c’indwara no mu mayinga abiri inyuma y’indwara ,ni ukwonsa kurusha uko vyahora.

    1. Kenshi, abana barwaye barafungura bakongera bakarya nabibinabi.

    2. Kubahimiriza kwonka kenshi.

    3. Amaberebere afasha umwana kugarura inguvu.



  • Kwongerezako utwuzango buri musi ku mwana arwaye mu gihe c’indwara no mu gihe c’amayinga abiri amaze gukira.

    1. Indya wongeyeko n’ivyo kunywa birakingira ukurya nabi.

    2. Indya wongeyeko zituma umwana akura akomeye.

    3. Indya wongeyeko n’ivyo kunywa bituma agrura ibiro yaro yarataye.



  • Ni ubuhe bwoko bw’ibifungurwa bari guha umwana kugira akire?

    1. Kugabura imwe imwe muri ya mirwi iettu igze imfungurwa.

    2. Kugabura inyama, amateke, n’imfungurwa mu gukinga indwara.




Amakuru yiyongera ku wigisha

Imfungurwa zo gutanga mu gihe c’indwara

Imisoso y’inyama itanga vitamine A, inyubakamubiri na fer kugira amraso,inyama n’amagufa bikomere. Abana barya amateke mu cigwa cagizwe n’abiyemeje no kuaraba ibijanye no gufungura nabi bari bafise amgara meza kurusha abana batariye amateke.



Ugufungura nabi n’Urupfu

Ugucibwamwo kurakunda kuzana urupfu ku bana barya nabi. Ubushakashatsi bwarerekanywe,ariko mu gihe umwana aronse imfungurwa n’ivyo kunywa mu gihe arwaye, inkwirikizi mbi zo gucibwamwo zirashobora kugabanuka.16



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Ibikorwa vyiza na Bibi– iminota 30

47.Subiramwo ibikorwa vyahaririweko mu cigwa co guhimiriza abana ngo bafungure.

48.Saba umugore kuganira n’umugore umwe yicaye hafi. Bari bakwiye kwiyumvira ku bikorwa bibiri bishasha (bitahaririweko ku gicapo) umuvyeyi ashobora gukoresha mu guhimiriza umwana arwaye ngo afunfure.

49.Guharira ku vyiyumviro vyatanzwe n’abagore bo mu murwi munini.

50.Gukomeza ibikorwa vyiza vyerekanywe n’a bagore.

51.Ubu baza umugore wese kuganira n’umugore bicaranye hafi. Bari bakwiye kwiyumvira ibintu bibiri bitari bikwiye kugirwa n’umwana arwaye.

52.Kuganira ku vyiyumviro vyashikirijwe n’abagore bo mu murwi munini.

53.Gushimangira ku kuntu ivyo bikorwa bibabaza kandi bishobora gutesha ivyizigiro umwana, bikamutuma ata umutwe bikanamutera kurya nabi.

54.Kubaza abagore uwundi muntu mu nzu yitaho kugaburira abana. Guhimiriza abavyeyi gusangira inyigisho nshasha n’abandi bitaho abana.

55.Kwishura ibibazo.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10

None ibi vyiyumviro muvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande yabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5

Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza impungenge z’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.




14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu Gitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

56.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera mu vyo bigishijwe; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

57.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

58.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu Gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

59.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

60.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.

c:\documents and settings\mhanold\my documents\my pictures\request aspire.bmp

15. Kwiyemeza iminota 2

Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho vumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero:

Nzohimiriza umwana wanje gufungura n’aho yoba adashonje.

Nzokwonsa umwana wanje kurusha uko vyahora mu gihe arwaye no mu mayinga abiri yarakize.

Nzogabura isupu n’umusururu n’imfungurwa zoroshe umana wanje arwaye.





16. Gusuzuma iminota 15

Kubaza umuvyeyi umwe ku wundi ku vyerekeye n’ivyo yiyemeje.

Icemezo cawe cabaye ikihe ku cigwa ca nyuma? None ico cemezo warakigendeye?

Gute–Wakoze iki?

Ni iwo ari we wese (umugabo, umunyokuru canke abana) yavyinjiyemwo canke yakubwiye ngo ntukwirikize ivyo wiyemeje? Tera iyo nkuru ingene vyangenze?

Ni ibihe vyafashije (abantu, ibihe canke ibikorwa) mu buzima bwawe vyatumye ivyemezo vyawe utabigumako?

Wabigenjeje gute kugira uve muri izo ngorane?



Mu kurangiza baza umuvyeyi wese ku vyerekeye ibikorwa vyiwe mu ndwi zibiri ziheze:

Umwana wawe yoba yarigeze gucibwamwo kuva aho duhuriye? Wakoze iki kugira umufashe?

Nimba umwana wawe ataciwemwo,wokora iki mu gihe yocibwamwo uno musi?

Urafise ipaki y’ivyunyunyu muhira iwawe ubu?




Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9   10   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin