Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Ibimenyetso vy’ugucibwamwo gukomeye (isanamu 4.2) – iminota5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə9/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   5   6   7   8   9   10   11   12   ...   16

66.Ibimenyetso vy’ugucibwamwo gukomeye (isanamu 4.2) – iminota5



5. Erekana:

Baza abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 31.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 30 na 31 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Gucibwamwo amarso no gucibwamwo ibisa n’amazi y’umuceri vyerekana ko wanduye imigera ikomeye y’indwara.



    1. Ugucibwamwo ibisa n’amazi y’umuceri ni ibimenyetso vya korera.

    2. Umwana arwaye korera akama amazi n’ingoga iyo batanyarukije kumuvura.



    1. Gucibwamwo amaraso ni ikimenytso cerekana ko umuntu ariko arakomereka indani.

    2. Umwana akeneye kuvugrwa kugira areke kuva amaraso.

    3. Atavuwe,umwana aca aja mu kurya nabi.

    4. Imigera y’indwara irarwira mu gihe umuntu atavuwe.



  • Ugucibwamwo kurenza amayinga abiri ni ikmeyetso c’imigera ikaze y’indwara!

    1. Umubiri w’umwana nturonka imfungurwa ukeneye.

    2. Umwana atakaza amazi menshi ku musi.

    3. Umwana azoca aterwa no kurya nabi.

    4. Umwana aca at inguvu n’ingoga.



  • Ni ukugenda n’ingoga kwa muganga.

    1. Nturindire kuraba ko umwana atora mitende.

    2. Guha ivyunyunyu umwana mu nzira umutwaye kwa muganga.

    3. Kumwonsa kurusha uko wahora.

    4. Kuzanira umwana utwuzangwa ngo afungure.




Amakuru yiyongera ku wigisha:

Ibiharuro vy’urufatiro –ugucibwamwo amaraso

Ku cigwa c’urufatiro cagizwe,ibice 6% vy’abana bacibwamwo haciye amayinga abiri imbere yuko iperereza riba ,bazana amaraso mu mazirantoke bituma mu gihe c’indwara (12% mu ntara ya Cankuzo na 4% mu ntara ya Ruyigi).19



Ugucibwamwo kw’urutavanako

Ugucibwamwo kurenza imisi 14 bakwita ugucibwamwo kw’urutavanako.

Abana benshi barwaye ugucibwamwo kw’urutavanako baba barya nabi imbere yuko ugucibwamwo gutangura. Ugucibwamwo kw’urutavanako gusa n’ukutigera gushikira babana batunzwe n’ibere gusa.

Ugucibwamwo amaraso (amacinya)

Ugucibwamwo amaraso bavyita amacinya. Amacinya amra imisi indwi canke irenga. Amacinya iyo atavuye ashobora kuzana umwumira ukaze,umubabaro hanyuma urupfu.



korera

Ucibwamwo amazi gusa,ameze nk’amazi y’umuceri bituma ugira umwumira ukabije n’ububabare.biri mu biza bikomeye haba ku bana no ku bakuze bompi.

Iyo abana barenza imyaka 5 canke abakuze berekanye umwumira bivuye mu gucibwamwo amazi gusa (udahwa canke utadahwa),Korera yari ikwiye kwinubwa cane,na canecane korera irazwi cane mu karere. Ni ugutanga ivyunyunyu ugaca uja kwa muganga n’ingoga ngo bakuvure.

Abarwaye korera bata hafi 0,9 bwa ritiro(hafi iritiro)ry’amzi kw’isaha. Mu gihe uwanduye atanyoye iritiro ry’amazi buri saha (canke ngo bamutere iritiro ry’amazi muri serumu kwa muganga), aca apfa n’ingoga.



ukuvura: Umuti na Zinc(Isanamu 4.3) – iminota 5

7. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku amsanamu ari ku rupapuro rwa 33.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 32 na 33 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Gutanga imiti yose wategetwe n’umukozi wo kwa muganga.

    1. Kuvura bikwiye umwana.

    2. N’aho umwana yoba asa n’uwuriko aratora akajisho.

    3. Kubandanya umuhera umuti muhira.



  • Gutanga ibinini birimwo zinc mu misi 10 kugira uhagarike gucibwamwo.

    1. Kuvungurira ikinini ca zinc mu kiyiko c’amazi canke mu maberebere.

    2. Kurindira aho ikinini kiyonga cose.

    3. Gutanga zinc wongera ku binini biba vyatanzwe kwa muganga.

    4. Zinc iragabanya ugucibwamwo.

    5. Zinciragabanya imisi yo gucibwamwo.

    6. Zincirakinga ugucibwamwo ngo ntikugaruke mu mezi abiri.



  • Ku bana bari munsi y’amezi 6,gutanga ½ c’ikinini buri musi mu misi 10 .

  • Ku bana bafise amezi 6 n’ayarenga,kubaha ikinini cose buri musi mu misi 10 .

Kuvura bikwiye na zinc.

    1. N’aho ugucibwamwo kwohagarara, kubandanya utanga zinc.

    2. Ntugabanye imisi canke ngo ngo umuvure igice.

Ni hehe ushobora kugurira ibinini vya zinc?

Ayandi makuru ku wigisha

Zinc no kudahwa

Zinc irashobora gutera kudahwa. Iyo umwana adashwe ikinini ca zinc, ni ukurindira iminota 10gushitsa aho kudahwa bihera umwana akaruhuka. Ca umuha ivyunyunyu. Mu gihe umwana adasubiye kudahwa,woca umwongera ikindi kinini ca zinc.

Iyo adashwe ikinini ca kabiri,ntihagire zinc yindi usubira kumuha. Ni ukurindira ejo hazoza kugira umuhe ikindi. Ni ugutanga zinc buri musi gushika aho ata kinini na kimwe ca zinc gisigara mw’ipaki.20

Ukuvuza Zinc n’ivyunyunyu21

Ku bana bafise amezi 6 gushitsa ku myaka 4, kwongerezako zinc n’ivyunyunyu ku muti biragabanya igihe n’ububabare bwo gucibwamwo kandi birakingira umwana gucibwamwo kwo mu mezi akwirikira.

Ivyigwa vyerekanye yuko mu mezi atatu inyuma yo gufata zinc,umwana aguma afise ibihe bimebimwe acibwamwo (40% biragabanuka)ku mayinga abiriri aheze ugereranije n’abana batigeze baronka zinc.



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   5   6   7   8   9   10   11   12   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin