Ibikoresho:
-
Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure
-
Amabuye atatu canke amagi atatu canke imipira itatu bifise ubunini bungana n’ubw’imipira ikenewe mu gikorwa kiza gukorwa.*
Icigwa ca 8 mu ncamake:
-
Agakino: Nimirije Kuronka Akabebe
-
Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane
-
Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Kwibaruka kwa Barumwete
-
Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho nyamukuru iri ku mpapuro za 84-89 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku vyo Gukoranako Uruhu ku Rundi, Kwonsa Umwana ubwo Nyene Akivuka, n’Akamaro k’Amaberebere ya mbere y’Umuhondo.
-
Igikorwa: Inda Zingana n’Udupira
Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho
Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi
Kwimenyereza babiri babiri
Kwiyemeza
-
Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato ijanye no Kwibarukira kwa Muganga.
|
1. Agakino: Nimirije Kuronka Akabebe - iminota 10
| -
Aka ni agakino gakoresha kwibuka. Abagore bo mu mugwi wanyu bategerezwa kwibuka ikintu cose abandi bagore bo mu mugwi bavuze maze nabo bakagisubiramwo.
94.Saba abo bagore kwicara canke guhagarara mu muzingi hamwe n’uwurongoye ako gakino.
95.Uwurongoye ako gakino atangura avuga ati, “Nimirije kuzoja kuvyarira kwa muganga kandi nzogenda twaye (ace yongerako ikintu azogenda atwaye). »
96.Nta nyishu itari yo muri aka gakino. Abo bagore barashobora kuvuga ico bashaka kuzojana cose. Igihambaye ngaha ni uko abo bagore bogerageza kwibuka ibindi vyatondekeshejwe n’abandi bagore.
97.Nk’akarorero, « Nimirije kuzoja kwibarukira kwa muganga kandi nzotwara impuzu zisukuye.”
98.Umugore ari i buryo bw’uwurongoye agakino ategerezwa gusubiramwo ayo majambo nyene nawe agaca yongerako ikindi kintu. Nk’akarorero, “Nimirije kuzoja kwibarukira kwa Muganga kandi nzotwara impuzu zisukuye n’agasukari. »
99.Shishikara n’uwundi mugore akurikira mu muzingi, umwe wese aza arongerezako ikintu gishasha ku rutonde.
100.Ni vyashika Umugore ntiyibuke canke ntatondekeshe ibiri ku rutonde nk’uko biri, uwo ategerezwa guca ava mu murongo.
101.Ni hasigara umugore umwe gusa ku muzingi, agakino kazoba gaheze.
Hinge noneho dutangure icigwa c’uyu musi.
|
2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane
|
-
Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane c’Igitabo Mfashanyigisho ca mbere.
-
Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.
-
Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.
-
Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.
Kwibaruka kwa Barumwete (Isanamu 8.1) – iminota 10
3. Inkuru
Ni musome inkuru yo ku rupapuro rwa 62 rw’igitabo Mfashanyigisho.
Iyo nkuru ishikiriza amatati Barumwete yagiranye na nabukwe aho yari ahejeje kwibaruka.
Barumwete yagiye kwa muganga aherekejwe na nabukwe. Kwibaruka vyaramugoye cane kandi vyaratevye. Uwo mwana Barumwete yaciye amwita “Mvuyekure.” Uruzogi rw’umwana bamaze kurucacura, umuforoma yaciye agerageza guca ashira umwana mu gikiriza ca Barumwete. Ariko Nabukwe ntiyavyemeye. Avuga, ati “Barumwete amaze imisi afise intege nke kandi agwaragurika. Kanatsinda n’amaberebere ntarayaronka. Mpa uwo mwana ndamurere.” Barumwete yarababaye cane. Ivyo ntavyemera.
4. Gutohoza
Ni musome ibibazo biri ku rupapuro rwa 62 rw’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.
Baza ikibazo ca mbere n’ica kabiri kugira ngo musubiremwo iyo nkuru.
Baza ikibazo ca nyuma kugira ngo mumenye ico abagore baca bakora n’ingene basanzwe bifata ubwo nyene iyo bahejeje kuvyara.
-
Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.
-
Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”
|
-
Ni ibiki vyabaye inyuma yo kwibaruka?
-
Ni kuki Nabukwe yaciye atora umwana akamumwaka?
-
Mbega ni iki umwana muca mumukorera ubwo nyene akimara kuvuka? Kubera iki?
|
Gukoranako Uruhu ku Rundi (Isanamu 8.2) – iminota 5
5. Kwerekana:
Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 65.
|
Ni ibiki mubona muri aya masanamu?
|
6. Gusigura:
Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 64 na 65 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.
Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.
Umwana muhejeje kumuhanagura, ni muce mumushira uruhu ku rundi mu gikiriza ca nyina.
Ivyo birakomeza cane igishika c’umwana na nyina.
Kandi ubushuhe bw’umubiri wa nyina ni bwo bususurutsa umwana.
Ivyo bigafasha akayoya gususuruka amasaha menshi gahejeje kuvuka muri uko gukoranako kw’uruhu n’urundi.
Shira umwana kw’ibere rya nyina kuko ivyo bifasha ingovyi kuba yamaze gusohoka mw’isaha ya mbere.
|
Kwonsa gutuma amaberebere y’umuvyeyi aza vuba.
Kwonsa kurafasha guhagarika kuva amaraso kw’umuvyeyi.
Kwonsa gutuma ingovyi isohoka vuba.
-
Ni gute twoshobora gukinga amatati (amatati nk’ayo yabaye kuri Barumwete) ashika inyuma yo kuvuka?
Mbega inyigisho wahawe woba warazishikirije umuntu azoguherekeza ugiye kuvyara?
|
Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha
Gutakaza Ubushuhe kw’utuyoya
Utuyoya biratugora kugumya ubushuhe bubereye bw’umubiri nk’uko biri ku bantu bakuze. Duca dutakaza vuba ubushuhe bw’umubiri iyo bishitse bakadusukako amazi, bakadufukura, canke bakadushira mu bushuhe bwinshi.
Mu minota 1-2 ya mbere, akayoya karashobora gutakaza ubushuhe bw’umubiri wako bukagabanukako 2 °C.
Ibice 25% vy’ubushuhe bw’akayoya butakara buva ku mutwe. Ni mukambike agashapo mu mutwe kugira ngo kagume gasusurutse.
Kwonsa Ubwo Nyene Umwana Akivuka (Isanamu 8.3) – iminota 5
7. Kwerekana:
Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 67.
|
Ni ibiki mubona muri aya masanamu?
|
8. Gusigura:
Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 66 na 67 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.
Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.
Tangura kwonsa mu kiringo kitarenze isaha umwana amaze kuvuka.
Amaberebere y’umuhondo ni co kintu ca mbere gikwiye guca mu kanwa k’uruyoya.
Kwonsa umwana akivuka bimufasha kumenya ingene yigaburira atararinda gusonza.
Nta kindi uruyoya rukenera atari amaberebere; ntimukigere muha abana bari musi y’amezi atandatu amazi, inzoga, bibero, canke izindi mfungurwa n’ibinyobwa ivyo ari vyo vyose.
Amacupa (bibero) yo guheramwo abana akunda kwamana imigera maze akabatera ingwara.
Amaberebere ni co kiribwa ca mbere kandi ni co kinyobwa ca mbere ku mwana.
Iyo umwana yonse umuhondo wa mbere kenshi, ivyo bituma amaberebere yera aza vuba.
Uko kwonka kw’umwana gutuma amabere y’umuvyeyi akora amaberebere yera.
|
Akamaro k’Amaberebere ya Mbere y’Umuhondo (Isanamu 8.4) – iminota 5
9. Kwerekana:
Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 69.
|
Ni ibiki mubona muri aya masanamu?
|
10. Gusigura:
Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 68 na 69 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.
Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.
Amaberebere ya mbere y’umuhondo akingira umwana ingwara.
Amaberebere ya mbere y’umuhondo arimwo za vitamine n’incanco ziva mu muvyeyi zifasha gukingira uruyoya.
Utuyoya twonse amaberebere y’umuhondo tugira amagara meza gusumba utuyoya tutonse amaberebere y’umuhondo.
Amaberebere ya mbere y’umuhondo ni yo yoza umushishito w’umwana.
Amaberebere y’umuhondo afasha umwana gusohora umwanda mukuru wa mbere wirabura kandi urenduka.
Uwo mwanda mukuru wa mbere usohoka mu misi ibiri ya mbere inyuma yo kuvuka.
|
|
11. Igikorwa: Inda Zingana n’Udupira – iminota 15
|
-
Ni murondere utubuye duto, canke amagi, canke ibindi bintu vyoba bifise ubunini nk’utu dupira twerekanwa muri aya masanamu.
-
Ubaze abo bagore bo mu mugwi, uti:
Mbega agashishito k’uruyoya rukivuka kaba kangana gute?
102.Basigurire, uti: Kakivuga, umushishito w’akayoya uba ufise ubwaguke bungana no mu ngingo z’urutoke, canke nk’ibiye (uce werekana akabuye kagereranya umushishito wo ku musi wa mbere)
None wiyumvira ko umuvyeyi wese aba afise amaberebere y’umuhondo akwiye yokwuzuza agashishito kangana nk’ako? (Inyishu ni Ego)
103.Basigurire: Umuvyeyi arashobora guhagarikwa umutima n’uko iyo ahejeje kuvyara aba adafise amaberebere y’umuhondo akwiye yohaza akayoya kiwe. Yamara rero umushishito w’akayoya kakivuka uba ufise ubunini butarenze ubw’aka kabuye. Umuvyeyi arashobora kukuzuza vyoroshe n’amaberebere yiwe y’umuhondo. Akwiye ahubwo guha ako kayoya uwo muhondo kenshi kugira ngo kaze karuzuza umushishito wako kenshi ku musi.
Mbega agashishito k’uruyoya rumaze imisi itatu kaba kangana gute?
104.Basigurire: Ku musi ugira gatatu, agashishito k’uruyoya kaba gafise ubunini bungana n’ubw’ibuye rito (koresha ibuye rigereranya umusi ugira 3).
None mwiyumvira ko umuvyeyi aba afise umuhondo ukwiye ku musi ugira gatatu wo kwuzuza agashishito kangana nk’ako?” (Inyishu y’ukuri ni Ego).
105.Basigurire: Birakenewe ko umuvyeyi yonsa akayoya kenshi. Ivyo birakenewe kubera ko agashishito k’akayoya kaba ari gato cane. Akayoya gakenera kwonka kenshi kugira ngo kuzuze umushishito, hamwe n’umwanya wo kuruhuka kugira ngo umubiri uronke akaryo ko gusya ivyo kariye.
Mbega agashishito k’uruyoya rumaze imisi cumi kangana gute?
106.Ku musi ugira cumi wo kubaho, agashishito k’uruyoya kaba gafise ubunini bungana n’iri buye (bereke ibuye rigereranya umusi ugira 10). Umuvyeyi aza gushika ku musi ugira cumi afise amaberebere menshi. Yamara rero biba bigikenewe ko yonsa umwana kenshi kugira ngo yuzuze umushishito w’umwana maze amureke aruhuke kugira ngo aronke akaryo ko gusya ivyo ariye.
107.Bishure ibibazo bafise. Ni bahanahane utwo tubuye kugira ngo abo bavyeyi bose baturabe.
|
12. Gucaca – iminota 10
|
-
None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?
Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.
|
13. Gutomora – iminota 5
|
Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.
14. Kwimenyereza no kumenyereza ─ iminota 20
|
-
Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.
108.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.
109.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.
110.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.
111.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.
112.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.
|
15. Kwiyemeza ─ iminota 2
|
? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?
Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.
Nk’akarorero: Niyemeje kuvugana n’umuntu azomperekeza kwa muganga ngiye kwibaruka ku vy’ugukoranako kw’umubiri n’uwundi no kwonsa umwana ubwo nyene akivuka. Niyemeje kuzoha umwana wanje amaberebere ya mbere y’umuhondo ubwo nyene akivuka. Niyemeje kuzokwonsa umwana wanje gusa no kutazomuha ibindi binyobwa canke ibindi bifungurwa.
|
16. Gusuzuma ─ iminota 15
|
Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.
Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?
None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?
Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:
Mbega waravuganye n’umufasha wawe ku bijanye no kwibarukira kwa muganga?
None waramaze gutegekanya ivyo uzokenera vyose ni waja kwibaruka kwa Muganga?
Mbega warahejeje gutunganya integuro yawe yose yo kwibaruka?
Icigwa c’9: Ivyokorwa mu Kwitwararika Akayoya
Abarezi b’abana bazokwoza akayoya mu buryo bubereye:
Ni murindire gushika amasaha 24 aheze inyuma yo kuvuka kugira ngo mutangure gukoresha amazi mu kwoza akayoya.
Inyuma y’umusi wa mbere w’ubuzima, muze murakoresha agahuzu gakanyishije kugira ngo mwoze umwana buri musi.
Murindire gushika uruzogi rumaze gukoroka kandi hamaze gukira neza imbere yo kwoza umwana mw’ibase y’amazi.
Ni mwoze mu maso h’umwana mu guhanagura ijisho ryose mutanguriye ku zuru maze mugahanagura mushira inyuma.
Buri musi ni mwoze mu maso h’umwana no mw’izosi mukoresheje agahuzu gakanye, muhanagura neza mu mizingo y’uruhu kandi mukahumisha.
Abarezi b’abana bazobungabunga isuku ry’uruzogi kandi rwumutse kugira ngo ntirwandure imigera.
Uruzogi murufukishe agahuzu gasukuye.
Ntimugire imiti ihinguwe canke imiti y’ikirundi mushira ku ruzogi.
Hagize umukoyo canke umwanda mukuru bikora ku ruzogi, muce murwoza n’isabune n’amazi maze murwumutse n’agahuzu gasukuye.
Abarezi b’abana bazobungabunga ubushuhe bw’akayoya na cane cane mu ndwi zitatu za mbere z’ubuzima.
Abarezi b’abana bazobanza gukaraba n’isabune n’amazi imbere n’inyuma yo guterura akayoya na cane cane inyuma yo kukoza ku gasusu.
Abavyeyi bazokwonsa umwana igihe cose bikenewe umwana yerekanye ibimenyetso vyo gusonza.
Utuyoya tuzoca turonswa incanco zibiri za mbere dukenera tukivuka kugira ngo dukingirwe Polio na BCG.
Abarezi b’abana bazihutira gutwara akayoya kwa muganga ni vyashika bakagira kimwe mu bimenyetso bikurikira vyo kugeramirwa kw’utuyoya babona:
Yonka nabi canke yanse kwonka
Yonka musi y’amasaha 5
Amashira azanana mu maso
Uruzogi rusebuye rurimwo amashira canke amaraso
Amaso y’umuhondo canke uruhu rw’umuhondo
Icigwa c’9 mu Ncamake:
Agakino: Imigera n’Isabune
Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane
Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Biguvu Nta Nzoga Tumuha
Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho nyamukuru iri ku mpapuro za 84-89 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku vyo Kubungabunga Isuku ry’Akayoya, Kwitwararika Akayoya, n’Ibimenyetso vyo Kugeramirwa vy’Akayoya.
Igikorwa: Kubuza Utuyoya Gupfa
Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho
Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi
Kwimenyereza babiri babiri
Kwiyemeza
Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato ijanye n’ibimenyetso vyerekana ko umwana agira avuke no kwibarukira kwa muganga.
|
1. Agakino: Imigera n’Isabune - iminota 10
| -
Saba abo bagore bahagarare mu muzingi.
-
Ubwire abo bagore ko umwe wese yorabisha ijisho mu gacerere maze agatoranya uwundi mugore wo mu mugwi. Ubasabe ko uwuhejeje gutora yoca akiriza ukuboko.
-
Bose ni baheza gutora, ubasigurire ko uwo muntu batoye agereranya umugera w’ingwara. Bakwiye rero kwigigwa kure y’uwo muntu mu buryo bwose bashoboye.
-
Bwira umugore wese arabishe ijisho maze atotanye uwundi mugore wo mu mugwi mu gacerere. Ubasabe ko uwuhejeje gutoranya yoca akiriza ukuboko.
-
Bose ni baheza gutora, ubasigurire ko uwo agira kabiri batoye agereranya ikimanyu c’isabune yo kwikingira ngo ntibandure imigera y’ingwara. Bakwiye kugerageza guhagarara hafi y’iyo sabune hashoboka kugira ngo bikingire uwo mugera.
-
Urabe neza ko bose batahura ico basabwe gukora maze muce mutangura agakino.
-
Haciye iminota myinshi, muhindure agakino. Ubabwire ko wa muntu wa mbere batora ari we ahindutse isabune, umwe agira kabiri nawe abaye umugera.
-
Inyuma y’iminota myinshi ni wabona bose bariko baratwenga, uce uhagarika agakino.
Noneho rero, hinge dutangure icigwa cacu.
|
2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane
|
-
Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane c’Igitabo Mfashanyigisho ca mbere.
-
Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.
-
Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.
-
Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.
Dostları ilə paylaş: |