ivyigwa1-6 vy’imbere n’inyuma y’ibibazo
Ibibazo bibiri bijanye na buri cigwa bishikirijwe ngaho musi. Imbere n’inyuma yo kwigisha ibi vyigwa ku bakozi no ku bigisha, tanga akabazo ko guherezako kugira ngo urabe urugero batahuyeko. Ku baronse ibice 75% canke batabikwije (boba bafise n’iburiburi inyishu icenda z’ukuri), ongera ubahe izindi nyigisho kugira ngo ubafashe gutahura ivyigishijwe. Abigisha nabo ntibogerageza kwigisha abandi mu gihe nabo nyene boba batarashobora kuronka 75% canke kubirenza.
1. Ni ibihe bimenyetso muri ibi bikwirikira vyerekana ko ari umwumumira?
a. Kurira ata mosozi, umubiri ukweduka no kubabara mu mushishito
b. Gusambagirika,mu ruhorihori haravoba,arakorora kenshi
c.Umubiri uwukweze umara amasegonda menshi ukiri kwa kundi,umwana ntaryama,kandi aguma afise ibiseru.
d. Kurira ntagire amosozi,umubiri uwukweze uguma kwa kundi imisegonda myinshi,mu ruhorihori haguma hadidagizwa.
2. Birashoboka kwikingira ugukama amazi? Tora inyishu ibereye (imwe gusa).
a. Ego,umuvyeyi arashobora gusubiriza amazi yakamye mu mubiri.
b.Oya, igihe umwana arwaye gucibwamwo ca akama amazi.
c. Oya, gukama amazi ni ibisanzwe iyo umwana ariko arakura.
d. Ego, ariko bisaba umuti utanzwe na muganga.
3. Wovanga n’amazi angina gute agapaki kamwe k’ivyunyunyu?
______________________________________
4. Ni ibihe muri ibi bifungurwa bikurikira mutoha umwana akiri muto mu gihe acibwamwo canke adahwa?
-
Inyama zisekuye canke ziseye be n’indagara
-
Amaberebere
-
Ibiyoba n’inzuzi
-
Isupu n’umusururu
-
Irengarenga n’imikerera
5. Umwana arwaye yari akwiye kuronswa utwuzango n’amaberebere kangahe? Tora inyishu ibereye (imwe gusa).
-
Ku musi wa mbere n’uwa kabiri w’indwara be n’imisi ibiri ya mbere umwana yakize.
-
Mu misi itatu umwana yakize.
-
Buri musi wose igihe umwana arwaye n’amayinga abiri umwana yarakize.
-
Buri musi igihe umwana arwaye
6. Nivyo canke Sivyo. Guhimiriza umwana gufungura yaba ashonje canke adashonje birakingira gufungura nabi kandi bigatuma umwana agira amagara meza.
7. Vuga ibintu bibiri vyerekana ibimnyetso biboneka vyo gucibwamwo.
-
________________________________________
-
________________________________________
8. Igihe umwana arembejwe no gucibwamwo,womuha umuti uwuhe?
a.Umuti yandikiwe na muganga,ivyunyunyu canke zinc.
b.Umuti mponyamigera
c. Imfungurwa ndemamubiri (inyama, amagi n’ifi)
d.Ifu y’amakara
9.Vuga ibimenyetso bibiri biboneka vy’umusonga(indwara yo mu gikaraza)
-
________________________________________
-
________________________________________
10. Muri ibi bikorwa vyose bikurikira birakinga imigera itera indwara yo mu gikaraza kiretse kimwe. Tora igikorwa kimwe kidashobora gukinga umusonga (imigera y’indwara itera igikaraza)?
a. Kugabanya kunywera itabi mu nzu
b. Kwonsa vyonyene
c. Gukaraba n’isabuni
D.kunywa inzoga
11. Ni ibihe muri ibi bikwirikira vyerekana ingene batera inzuzi?
-
Gutera imbuto mw’ibundi riri mw’itongo ryuzuya amazi.
-
Gutera inzuzi ku murongo,ukagira intambuko imwe hagati y’imbuto n’iyindi.Gufuka n’akamwanya.
-
Gutera inzuzi ntuje indani kure mw’ivu hanyuma ugaca ufuka n’ubwatsi canke n’ibihunda .
-
Kunuga inzuzi zishika nka 10 mw’ivu. Kumemerako umwavu wo muri nyabarega ku nzuzi ugaca ufuka n’ivyatsi.
12. Ni ibihe muri ibi bikwirikira bitemewe?
-
Kwongeramwo umusoma ku musururu.
-
Gukata umwungu mu gihe woroshe kandi utanguye gusa n’umuhondo.
-
Gukaranga inzuzi z’utwuzango ku bagore bibungenze n’abonsa.
-
Gutabira umurima n’umwavu wa nyabarega.
Dostları ilə paylaş: |