Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Icigwa ca 4: Amacinya n’ugucibwamwo kw’urutavanako



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə8/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   4   5   6   7   8   9   10   11   ...   16

Icigwa ca 4: Amacinya n’ugucibwamwo kw’urutavanako


Abavyeyi botwara kwa muganga umwana mu gihe ibimenyetso bikomeye vyo gucibwamwo vyibonekeje:

Gucibwamwo amaraso

Ugucibwamwo kurenza mimisi 14

Ugucibwamwo ibisa n’amazi y’umuceri (kandi ugacibwamwo amazi gusa)

Igihe abana bafise ugucibwamwo bibabaje,abavyeyi boha imiti yose yategetswe na muganga kugeza aho iyo miti ihera.

Mu gihe umwana arwaye gucibwamwo bikomeye, abavyeyi bomuha ibinini vya zinc afata mu misi 1017 kugira agabanye gucibwamwo kandi bimufashe gukira.

Gutanga ikinini kimwe mu misi 10 ku bana bafise amezi 6 bayarenza.

Gutanga ½ c’ikinini buri musi mu misi 10 ku bana bari musi y’amezi 6.

Kugira ufashe umwana gukira mu gihe ariko afata umuti,abavyeyi bikora ibikwirikira:

Gutanga ivyunyunyu ku mwana arwaye gucibwamwo mpaka bihagarare.

Inyuma y’imisi itatu yo kuvurwa,mu gihe umwana ata gihindutse,ni ukumusubiza kwa muganga.

Guha utwuzango no kwonsa umwana buri musi n’amayinga abiri umwan akize.

Abavyeyi bashobora gushira ku rutonde ibintu vya nkenerwa vyose kugira bakinge gucibwamwo:kwonsa vyonyene,gukaraba intoke,gucandagisha umwana,kuyungurura amazi, be no gushusha imfungurwa.

Abavyeyi bakwiye kumenya ko ugucibwamwo amaraso ari indwara ikomeye ishobora gutera ukurya nabi n’urupfu mu gihe umwana batamutwaye kwa muganga(bituma indwara ikomera).18

Materials:


  1. Ibitabu vyo kwandikamwo abitavye ibikorwa

61.Igicapo c’umuremeshakiyago

62.(si mpaka iboneke) ikarata y’isanamu*



Incamake:

agakino: Myriamu aravuga

Ukwitaba ibikorwa no gukiranura

Sangira iyo nkuru uce ubabaza inyifato bakunda kugira: gucibwamwo amaraso

Erekana amasanamu muca muganira ku butumwa nyamukuru buri ku gicapo kiri ku mpapuro 30-35: Ibimenyetso vy’ugucibwamwo gukaze,ukuvura:umuti na zinc no kumwitaho mu gihe co kuvurwa.

Igikorwa:Ugukinga gucibwamwo

Gutohoza ku vyerekeye inzitizi zishoboka

Kubamenyesha ku nyishu zishoboka kuri izo nzitizi

Ibikorwa no gukwirikiranwa mu mirwi igizwe na babiribabiri

Gusaba icemezo

Gupima ivyemezo ku cigwa giheruka

game image 2.bmp

1. Agakino: Myriamu aravuga - iminota 10


  1. Gusaba umugore yoharara hagati mu muzingi.

  2. Intumbero y’ako gakino ni ugukora ivyo “Myriamu avuga”.

  3. Abagore bakwiye gukora gusa igikorwa igihe uwigisha aza gutangura iryungane ritangurwa na”Myriamu avuze…”nk’akarorero, “Myriamu avuze, Simba hejuru wongere umanuke.” “Myriamu avuze, kora ku mano yawe.” “Myriamu avuze, fukama.”

  4. Bigire kenshi “Myriamu avuze…” Rero tanga amategeko utavuze Myriamu. Nk’akarorero, “Myriamu avuze simbira hejuru wongere umanuke. Icara hasi.” Abicaye hasi bategerezwa kuva mu muzingi.

  5. Bandanya utanga amategeko mpaka hasigare umuntu umwe mu muzingi.

  6. Subiramwo ako gakino agasanga muvyipfuza.

Ubu dufise utuguvu, reka dutangure inama yacu y’uno musi.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteur akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’umu Mère Leader wese nk’ukovyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane (Module 1).

63.Umu Promoteur akabaza ko hariho umu Mère Leader yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteur akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi ba Mères Leaders bari ngaho.

64.Umu Promoteur akabaza abavyeyi bapfuye,abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’ababanyi. Umu promoteur akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

65.Umu Promoteur agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Inkuru: gucibwamwo amaraso (isanamu 4.1) – iminota10

3. Inkuru

Soma iyo nkuru ku rupapuro rwa 28 ku gicapo.

Mu gatondo ka kare,umubanyi yaje kuramutsa wa Barumwete yaje kumuramutsa. “Barumwete, twarabonye ko wakuze uciye ubwenge. Mbira ico nari gukora.umwana wanje yacibwamwo amaraso mu ndwi iheze. Abagore b’ababanyi bamwiye ko ari inzoka. Mama yibajije ko umwana boba baramuroze. Yibajije ko imiti yo kwa muganga atco izoshikako. Ariko igihe cose tuba twiteze ko akira, umwana abandanya aremba.

4. Gutohoza

Soma ibibazo biri ku rupapuro rwa 28 ku gicapo.



ask.bmp

Ni ibiki bitameze neza ku mwana?

Mwibaza ko iyi ndwar yatewe n’iki?

Mukora iki iyo mubonye ko umwana wanyu acibwamwo amaraso ?


Baza ibibazo bibiri mu gusubiramwo iyo nkuru mwongere muharire ku bituma vy’iyo ndwara.

Umwana yaciwemwo amaraso indwi yose. Iyo yerekana ibituma bibiri bishoboka: inzoka n’uburozi. Gucibwamwo amaraso kenshi biba vyatewe n’imfungurwa canke amazi banywa yaroye imigera yavuye mu mazirantoke. Insogi zirandura mbere zikanakomereka.

Baza ikibazo ca kabiri ngo urabe ingene abagore babiri bagize umurwi bavura abana babo iyo bacibwamwo amaraso.

Twibaza ko umurwi wishura muri ubu buryo: Umwana boca bamutwara kwa muganag ubwo nyene. Ubu bwoko bw’indwara butera ugucibwamwo kw’urutavanako bizana umwumira. Bishobora kwica umwana mu gihe badahagaritse n’ingoga ukwo gucibwamwo.



Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   4   5   6   7   8   9   10   11   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin