Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Imfungurwa zituma gukira n’ingoga (isanamu 2.4) – iminota 5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə5/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16

32.Imfungurwa zituma gukira n’ingoga (isanamu 2.4) – iminota 5


9. Erekana:

Saba abavyeyi ngo bavuge ivyo babona kun masanamu ari ku rupapuro rwa ruri ku gicapo.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 18 na 19 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Gutanga amazi ayunguruye,umutobe w’ivyamwa,amazi y’umuceri,umusururu n’isupu.

  • Gushiramwo umunyu mu ndya zishushe kugira bifashe umwana gukira.

    1. Ivyo vyo kunywa birafasha umwana gusubira gusonza akarukana akayabagu.

    2. Umwana acibwamwo akama umunyu.

    3. Kwongeramwo umunyu navyo birafasha umwana gukira.

    4. Amavuta arazana inguvu ku mwana .



  • Gutanga ifi,inyama,amagi,irengarenga n’imikerera kugira bifashe gukira gucibwamwo.

    1. Inyama z’ifi n’amagi bikomeza amaraso n’inyama z’umubiri.

    2. Irengarenga n’imikerera bifasha umubiri kuzigama amazi.

    3. Indya ziseye zifasha umwana arwaye kumira.

Ayandi makuru ku wigisha

Ukuvura gucibwamwo – Imirwi yo guhanahana ivyiyumviro

Imirwi yo guhanahana ivyiyumviro ku cigwa cagizwe yavuze yuko abavyeyi bamwe batanga amazi yatekeshejwe umuceri bakayavanga n’amakara n’amamesa. Amakara aratuma amazirantoke aguma,ariko ntabuza ko amazi n’umunyu bitakara. Amakara umuntu yoyihoza. Gutanga amazi y’umuceri ku kuyiko birafasha cane kugira ngo umwana akire.



Umunyu na Potassium

Igisunzu,imikerera,amababi y’irengarenga n’ifu CSB irenza mg 550 ya potassium. Amateke,igitika n’amavoka navyo nyene n’isoko ya potassium(birarenza mg 400).

Potassium ikorana n’umunyu kugira bifashe bigumye urugerp rw’amazi rukwiye mu mubiri. Umwna yakamye amazi atere rimwe potassium n’umunyu mu mubiri.

Ugucibwamwo no gufungura nabi

Iyo abana bacibwamwo,kenshi ntibakunda gufungura,kandi indwara ntibakundira imishishito yabo gusya neza ngo yongere irobanure ivya nkenrwa mu mubiri neza. Ivyo bituma umwana ata ibiro kandi ntabe agikura neza. Iyo umwana aza afungura nabi,birashobora gutuma indwara ikara kandi ikaramba.12

Kugira ufashe umwana gukira neza,ni ukumuha utwuzango buri musi mu gihe akirwaye n’inyuma y’amayinga abiri yaratoye mitende. Ivyo birafasha umwana kwunguka ibiro yari yarataye akirwaye. Kugira uronke amakuru arengako,subiramwo icigwa ca 3.

Mu cigwa cagizwe na Tubaramure ,basanze ko abana baba bari basanzwe bafungura nabi bakunda gukarirwa no gucibwamwo ugreranije n’abana bafise amagara meza (Ibice 17% vy’abana biyonkoye bari barwaye gucibwamwo mu kiringo c’amayinga 2 ku bice 52% vy’abana bafungura nabi).

Akayabagu

Abana bacibwamwo barashobora kudasonza. Ni vyiza guhimiriza abo bana batumva ko basonza ngo bafungure. Gutanga udufungurwa tworoshe kandi akunda kugira umuhimirize gufungura.Subiramwo icigwa kigira 3 kugira umenye ibirenga.

Ibiharuro vy’urufatiro –ukugaburira umwana acibwamwo

Ingongo yo kubanywesha ibinyobwa vyinshi yumvikanyweko n’ibice 55% vy’bagore bo mu Cankuzo na 35%vy’abagore bo mu Ruyigi.

15% vy’abagize icigwa bavuze ko ata kindi kindi kintu na kimwe gihushanye bagize igihe abana babo bari barwaye gucibwamwoGusa ibice 11% bogaburiye abana bacibwamwo canke bobandanya bonsa.

activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa:ugutegura ivyunyunyu– iminota 15

ibikoresho:

Ipaki imwe y’ivyunyunyu

Iritiro ry’amazi atetse canke ayunguruye

Igikombe c’ Agasabasaba co gupima amazi

Ikiyiko co kugaburira umwana

Gusaba umuvyeyi wese kuzana igikombe c’umwana wiwe



  1. Kwerekana ingene bavanga ivyunyunyun imbere y’abo bagore.

33.Gusaba ababishaka babiri bafise amezi hagati y’ 6-24.

34.Kubwira abo bagore ko bomera nk’uko abana babo barwaye gucibwamwo.

35.Babaze kwereka abandi bagize umurwi ivyo boha abana babo uko bingana .


    1. (bahejeje gutanga ivyiyumviro vyabo – gukomeza kugeza aho buzuza igikombe gushika ku karongo ka nyuma k’utuzingi tugize igikombeGuhimiriza umwana kubifungura akabimara).

  1. Kubwira abo bagore ko berekana ko abana babo badashwe.kubaza abo bagore gusigura ico boca bakora gikwirikira.

    1. (Bahejeje gutanga ivyiyumviro vyabo –gushimika ko borindira iminota 10,hanyuma bukebuke bagatanga ivyunyunyu ku kiyiko ku gihe).

    2. Inyuma y’amasaha 24,ivyunyunyu vyateguwe(mu gihe umwana atabinyoye) boca bagomba bakabita.

  2. Kwishura ibibazo.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca: iminota 10

None ibi vyiyumviro muvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande yabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5

Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza impungenge z’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.




14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu Gitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

36.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera mu vyo bigishijwe; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

37.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

38.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu Gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

39.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

40.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.

c:\documents and settings\mhanold\my documents\my pictures\request aspire.bmp

15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho vumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero:

Nzokwama mbika ipaki y’ivyunyu mu nzu guto nzokwama niteguye mu gihe umwana wanje azorwara.

Nzokwama ndamuha ivyunyunyu igihe cose umwana wanje azofatwa n’indwara yo gucibwamwo.

Nzovanga ipaki imwe ivyunyunyu n’iritiro rimwe ry’amazi ndabihe umwana wanje mu gihe azoba arwaye.

Nzokwigisha abandi bo mu nzu yanje ingene bategura ivyunyunyu.





16. Gusuzuma iminota 15

Baza umuvyeyi umwe ku wundi ivyo biyemeje.

Wiyemeje iki mu cigwa giheruka? None ico cemezo waragikomeje?

gute? Wakoze iki?

Ni uwo ari we wese (umugabo,umunyokuru canke abana)baravyitayemwo canke bakakubwira ngo ntukwirikize ivyo wiyemeje? Tera inkuru y’uko vyagenze?

Ni ibihe vyatumye (abantu,ibihe canke ibikorwa) mu buzima bwawe bigorana kugumya ivyo vyemezo?

Izo ngorane washoboye kuzivamwo gute?



Mu kurangiza wobaza umugore wese ivyo yakoze muri izi ndwi zibiri ziheze:

Mwoba mwaraganiriye ku bijanye n’impanuka z’umwumira n’abo mu nzu yawe?

Yoba umwana wawe yaraciwemwo canke ngo adahwe muri izi ndwi zibiri ziheze? Wakoze iki kugira umwana wawe akire?


Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin