Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Ukwitaho mu gihe co kuvurwa (Isanamu 4.4) – iminota 5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə10/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   6   7   8   9   10   11   12   13   ...   16

67.Ukwitaho mu gihe co kuvurwa (Isanamu 4.4) – iminota 5




9. Erekana:

Saba abavyeyi ngo badondore ivyo babona ku masanamu yo ku rupapuro rwa 35.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 34 na 35 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Gutanga ivyunyunyu mu gihe cose umwana adahwa canke acibwamwo.

    1. N’aho umwana ari ku muti akenera ivyunyunyu.

    2. Kwuzuza ivyunyunyu gushika ku karongo ka nyuma k’utuzingi tugize igikombe.

    3. Mu gihe umwana ariko aradahwa,ni ukumuha ivyunyunyu buhorobuhoro n’ikiyiko.



  • Kumuha utwuzangwa n’amaberebere mu gihe c’indwara be n’inyuma y’amayinga abiri yarakize.

    1. Amaberebere afasha mu gukiza umushishito.

    2. Utwuzango dufasha umwana kugarukana inguvu.

    3. Utwuzango dukingira kurya nabi.



  • Gusubira kwa muganga igihe ubonye umwana ata mitende atoye amaze imisi itatu afata umuti.

    1. Mu gihe gucibwamwo kubandanije, umwana aba ageramiwe.

    2. Umwana aba akeneye imiti itandukanye.

  • Ni ubuhe bwoko bw’ibifungurwa n’ibinyobwa woha umwana arwaye?




Ayandi makuru ku wigisha

Ubushuhe no gucibwamwo

Umucanwa ku mwana acibwamwo ushobora kuba iterwa n’ iyindi migera y’indwara (nk’akarorero umusonga canke marariya). Iyo umwana adakijijwe n’umuti wa mbere,ashobora kuba arwaye izindi ndwara zisaba ukuvurwa kundi.



Vitamine A

Ugucibwamwo gutuma umwana akenera vitamine A nyinshi. Ahantun usanga urugero rwaragabanutse,abana batoya bafise ugucibwamwo kw’urutavanako bashobora guterwa n’ububabare bw’amaso be no guhuma kubera ata vitamine A bafise.

Abana bafise ibimenyetso vy’uko badafise Vitmaine A no kurya nabi baronka umuti udasanzwe wa vitamine A nk’uko vyahaririwe mu gitabu ca 4, Icigwa ca 5.

Kwongeramwovitamin A mu mfungurwa ugaca utanga inyongera zirimwo vitamine A buri mezi 6 (Ku bana bafise hagati y’amezi 6-59 )birakingira umwana ugucibwamwo kubabaza.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: ugukinga ugucibwamwo – iminota 30

Ibikoresho:

(Si mpaka iboneke)Ikarata iriko isanamu



  1. Saba abagore biyumvire ku bikorwa vyinshi bokora ufatiye kuvyo bize mu kwikingira ku bijanye no kurya nabi no guteza imbere amagara y’abana barenza imyaka 2.

  2. Basabe bavugane n’umugore yicaye inyuma yabo. Bagerageze batore ibikorwa bitanu mu vyo bize bibaza ko ari ngirakamaro mu gukinga ugucibwamwo.

  3. Inyuma bahejeje kuganira ari babiribabiri, basabe bashikirize ivyiyumviro vyabo mu mrwi muniniya. Saba abo bagore bafate ingingo bari hamwe batore ibikorwa bitanu bikenewe mu gukinga gucibwamwo.

  4. (Si mpaka iboneke) Igihe umugore ashatse gufashwa, bareke basubiremwo amasanamu ari kw’ikarata.

Abagore bahejeje gutora,sigura ingene ivyo bikorwa bitanu vyatowe ko ari vyo vy’ingirakamaro kurusha ibindi mu gukinga ugucibwamwo.

1.kwonsa vvyonyene gushitsa amezi 6.

2. Gukaraba intoke n’isabuni (abakuze n’abana) na canecane imbere yo gufungura n’iyo uhejeje gukoresha akazu ka surwumwe.

3.Guteka no kuyungurura amazi yo kunywa mbere ukayashiramwo n’umuti

4. Guteka imfungurwa mpaka zigasha neza

5.kuronka incanco zikwiye zose

68.Gereranya urutonde rw’ibintu bikenewe ku bagore bari ku rutonde ufise.

69.Baza abo bagore:

Ni vyiza gukinga ugucibwamwo? (Ego)

Woba uriko urakora ivyo bokorwa 5 kugira ukinge ugucibwamwo?

Atari aho,kubera iki?

70.Ishura ibibazo.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10

None ibi vyiyumviro muvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande yabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5

Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza impungenge z’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.



14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu Gitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

71.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera mu vyo bigishijwe; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

72.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

73.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu Gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

74.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

75.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.

c:\documents and settings\mhanold\my documents\my pictures\request aspire.bmp

15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho vumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Akarorero:

Niyemeje gutwara umwana wanje kwa muganga mu gihe azoba ariko acibwamwo amaraso.

Niyemeje guha zinc umwana wanje mu misi 10 kugira ashobore gukire ugucibwamwo kumubabaza.

Niyemeje guhaumwana wanje imiti yose nzotegekwa n’umukozo wo kwa muganga.





16. Gusuzuma iminota 15

Baza umuvyeyi wese umumwe ku vyerekeye ivyemezo vyabo.

Icemezo cawe cabaye ikihe ku cigwa ca nyuma?

None waragendeye ico cemezo? Gute –Wakoze iki?

Yoba uwo ariwe wese (umugabo,umunyokuru canke abana)barabiroyemwo canke canke barakubujije gukwirikiza ivyemezo vyawe?Tera iyo nkuru ingene yagenze?

Ni ibiki vyasunitse (abantu, ibihe canke ibikorwa) mu buzima bwawe bigorana gushira mu ngiro ivyo wiyemeje?

None izo ngorane washoboye kuzivamwo gute?



Mu guheraheza baza umugore wese umwe ku wundi ibikorwa vyiwe vyo muri izi ndwi zibiri ziheze:

Nta n’umwe yarwaye mu bana bawe muri izi ndwi zibiri ziheze?

Wakoze iki kugira ubafashe bakire?

Mu gihe ata bana barwaye,wari kubigenza gute iyo bishika bakarwara?



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   6   7   8   9   10   11   12   13   ...   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin