Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Ibimenyetso vy’umusonga(Isanamu 5.2) – iminota 5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə12/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16

87.Ibimenyetso vy’umusonga(Isanamu 5.2) – iminota 5




5. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa39.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 38 na 39 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Guhemagirika ni ikimenyetso c’umusonga.

    1. Umwana arahemagirika nk’uko yoba ahejeje kwiruka.

    2. Umwana ntariko ahema nk’uko yahora.

    3. Umusonga niindwara ifatira mu gikaraza c’umwana.



  • Uguheme udashikana nico kimenyetso c’umusonga.

    1. Raba munsi nyenizina y’imbavu z’umwana.

    2. Igikaraza kiravyimba iyo umwana ahemye.

    3. Igikaraza c’umwana ntikinyiganga nk’uko vyahora.



    1. Abana benshi baricwa n’umusonga iyo batawuvuye n’ingoga.

    2. Ni ukuja kwa muganga uwo musi nyene.

    3. Nta kurindira ko umwana atora mitende.

    4. Umwana akenera umuti kugira akire umusonga.




Ayandi makuru ku wigisha

Guhema udashikana

Uguhema udashikana(akanira) mugabo vyoroheje ni ibisanzwe ku bana bakiri bato kubera amagufa yo mu gikaraza aba yoroshe.Mugabo,iyo bikomeye guhema adashikana(kugeza aho biboneka) kiba ari ikimenyetso c’umusonga.

Akanira kaza iyo umwana akoresheje inguvu mu guhema kurusha uko vyahora.

Mu guhema bisanzwe,mu nda haraduga hakongera hakamanuka umwana ariko arahema.Iyo mu ruhagi (ni ukvuga aha munsi y’imbavu) hatibiye umwana ariko arahema, ako ni akanira.

Igihe akanira kibonekeje gusa umwana ariko ararira canke ariko arafungura,ico si ikimenyetso giteye ubwoba.iyo akanyuzi kari hagati y’imbavu z’iburyo n’iz’ibubamfu kavuyeho igihe umwana ariko arahema,aho nta giteye ubwoba kiba kirimwo.

Igitigiri c’abana bapfa

Kw’isi yose,umusonga urica abana benshi kurusha izindi ndwara-kurusha SIDA,marariya, n’agasama kavanze.

20% vy’impfu z’abana bari munsi y’imyaka 5 biba bitewe n’imigera itera indwara zo guhema nabi(umusonga,bronshite). Nyinshi muri izo mpfu (18% kuri 20%) ziva ku musonga.

Ibiharuro vy’urufatiro – Inkorora

Dufatiye hamwe, 90% vy’abana bararwaye inkorora mu guhema banyarutsa canke bigoranye kandi ibimenyetso biboneka ku ca kabiri c’abana ,ku rugero rurenze mu Ruyigi (33,2%), kubera ingorane zo mu gikaraza no kwimyira cane.

Kuri abo bana bose berekanye uguhema banyarutsa,hafi 50% baratwaye kubonana n’umukozi wo kwa muganga.

88.Ugukinga umusonga (isanamu 5.3) – iminota 5


7. Erekana:

Saba abvyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 41.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 40 na 41 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Karaba intoke zawe n’iz’umuwana wawe n’isabuni mu gukinga umusonga.

    1. Isabuni yica imigera iri mu ntoke.

    2. Mu gihe udafise isabuni, koresha umunyota mu gukaraba intoke.

    3. Imiryango ikoresha isabuni mu gukaraba igira indwara nke.



  • Ni ukwonsa gusa umwana amezi 6 akwiye kugira umukingire umusonga.

    1. Umwana anyway amazi akongera agafungura imbere y’amezi 6 ashobora kurwara umusonga bitagoranye.

    2. Abana batonkejwe bihagije barakunda gukarirwa n’umusonga.

    3. Bandanya wonsa gushitsa imyaka 2 canke irenga.

    4. Iyo umwana yonka afise umusonga,biramworohera gukira.



  • Ni ibihe bihe nyamukuru umuntu akwiye gukarabirako?

    1. Imbere yo gufungura

    2. Imbere yo guteka

    3. Uhejeje gukoresha akazu ka surwumwe

    4. Uhejeje gutegura umwana




Ayandi makuru ku wigisha

Igitigiri c’imigera y’indwara


  • Abana nibo bakunda gukarirwa n’imigera itera indwara zo guhumeka kurusha abakuze. Urugero ni uko umwana usanga agira kuva kuri 3 gushika 8 y’imigera itera indwara zo guhumeka nabi ku mwaka.

  • Ibikorwa vyo gukinga biragabanya cane igitigiri c’imigera itera iyo ndwara ku mwaka.

Kwonsa vyonyene

  • Kwonsa vyonyene birashobora kugabanya ibitigiri vy’abana barware umusonga kuva kuri 15 gushika 23 %.22

Gukaraba intoke

  • Mu cigwa biheruka,imiryango ifise abana bari munsi y’imyaka 5 baronse isabuni zo gukaraba kandi ivyo vyo gukaraba vyaragabanije umusonga gushitsa ku bice 50% ,Ibice 53% navyo vyaragabanutse ku gucibwamwo kurusha imiryango itaronse izo sabuni.23



Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin