Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Gutegura isi(Isanamu 6.2) – 5 iminota



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə15/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16

117.Gutegura isi(Isanamu 6.2) – 5 iminota




5. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 47.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 46 na 47 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Mu gihe c’umukubezi,tora ahantu humutse hegerye inzu yawe na nyabarega. Ku myungu,hari hakwiye kungana n’intambwe 12 z’uburebure be n’intambwe 4 z’ubwaguke.

    1. Ivu ntirikwiye kuba rishanye rwose canke ngo habe mu mwonga.

    2. Ivu ryategerezwa kuronka umuco ukwiye nk’igice cose c’umusi.

    3. Umurima wegereye inzu yawe utuma vyoroha kwegeranya imisigazwa y’ivyo batetse babijanayo.

    4. Imyungu ikuza imiribo kandi ikenera ahantu hanini irandarandira.

    5. Gutambuka umurima wambaye ibirato.

    6. Gupima umurima ukoresheje intambwe 4 z’ubwaguke n’intambwe 12 z’uburebure.

    7. Mu gutera inzuzi (shiramwo amezi hano) igihe ubushuhe bugereranye.26



  • Kurima isi kugira yorohe.Gushiramwo umwavu wa nyabarega.

    1. Umwavu wa nyabarega ni imfungurwa nziza y’isi.

    2. Mu gihe udafise nyabarega, vanga mitoto y’ibitoke.

    3. Isi yoroshe ituma imizi yinjira rwose.

    4. Isi yoroshe ituma amazi anyengetera mw’ivu.




Amakuru yiyongera ku wigisha:

Uburebure bw’ingene batera



  • Imyungu ikenera hafi ikibanza c’imetero 1 kugira yerekeza mu karere kayo. Uburebure bw’ibirato bine (hafi cm 27) ni nk’imetero 1.

  • Umurima wabwirizwa kuba ari nk’imetero 1 kuri 3. Inzuzi ziterwa hagati y’ibinogo bibiri mw’itongo.

Kuvanga mu gutera

Imyungu barashobora kuyitera hamwe n’ibigori,ibiharage,isereri,ibitunguru canke ubushaza. Nturime imyungu hamwe n’ibiraya ,kuko igiterwa kitokura neza.

Imyungu irakurana neza n’ibigori hamwe n’ibiharage vy’ibiremberwa. Ikigoro ni ikirembezo ciza ku biharage biremberwa,ibiharage biratombora uburyohe buva ku mwungu mw’ivu(nitrogen),imyungu nayo itanga urubabibabi rwinshi rugaca rufuka isi kugira rufuke ivyatsi bibi kandi bikigizayo udukoko turya ibiterwa kure y’ibigori.



Imfungurwa ziri mu mwungu

Inzuzi zikaranze be n’imihiti ni isoko ndemamubiri(ibifungurwa bikomeza umubiri) n’ivyunyunyu vya fer(bikomeza amaraso). Birafise na zinc nkeya.

Imyungu,umusoma n’amashurwe ni isoko nziza ya Vitamine B6, ndemamubiri (amababi gusa), Vitamine A, ubutare bwa fer na folate (important for fetal development).

Gutera inzuzi(isanamu 6.3) – 5 iminota

7. Erekana:

Saba abavyeyi kudondora ivyo babona ku masanamu biri ku rupapuro 49.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 48 na 49 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Kuca ibundi mw’itongo. Kwimba ibinogo 2 vy’intambwe zine kimwe hagati y’ikindi.Ugaca ushiramwo imbuto 2 mu kinogo kimwe ugaca ufuka n’ivu.

    1. Gutera imbuto hejuru ntuje munsi cane.

    2. Aho wogarukiriza mu kuja munsi ntiworenza aho urutoke rwawe rugera.

    3. Kuvomera aho uhejejej gutera.

    4. Izo mbuto zose zikuze, wokuraho urwakuze nabi.

    5. Inzuzi zibiri zizovamwo imyungu myinshi.



  • Gusasira isi n’ivytsi canke ibihunda.Ni ugukura ivyatsi bibi biriko biraduga kuri iryo bundi.

    1. Ni uguca urekeza ivyo vyatsi waranduye aho nyene mu murima.

    2. Ivytsi n’imitoto bikingira ivu gutwarwa.

    3. Ivyatsi n’imitoto bituma isi iguma ibomvye.

    4. Vyongerza uburyohe bw’isi ku biterwa.

    5. Bituma isi idaturagazwa n’uruzuba.



  • Ni vyiza kuvomera imbuto canke ni ukurindira imvura?

    1. Ni ukuvomera imbuto mu gihe isi yumye cane rwose.

    2. Ni ukurindira isi igasubira ikuma kandi imbere yuko uvomera.

    3. Isi iyo ishanye canye ,imbuto ntizikura.





118.Ukwimbura imyungu (Isanamu 6.4) – 5 iminota




9. Erekana:

Saba abo bavyeyi badondore ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 51.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 50 na 51 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Guca imitwe y’inzuzi iba yakuze ikarengera umurima.

    1. Imitwe y’inzuzi irandarara n’ingoga.

    2. Gututurira bituma igiterwa gikura kimerewe neza.

    3. Umusoma urimwo vitamine A and n’ivyunyunyu vy’icuma (fer).



  • Gusoroma umwugu igihe udunuje kandi usa n’umuhondo impande zose.

    1. Ni ugusigaza igitsina kugira ntubore.

    2. Iyo inyuma ku mwungu horoshe, uba utarera.

    3. Umwungu basoromye urashobora kumara indwi 1 canke 2.



  • Kwongera umwungu mu musururu.Inzuzi zikaranze ni utwuzango twiza ku bavyeyi bibungenze kandi bonsa.

    1. Kura inzuzi mu mwungu.

    2. Kuzikaranga mpaka zigasha kugeza aho zitukuriza.

    3. Kumemeramwo umunyu.

    4. Nta guha inzuzi abana bato.Zobamerera nabi.




Amakuru yiyongera ku wigisha

Gututurira

Ibiterwa birandaranda bishobora kwuzura umurima wose. Gututurira ibiterwa,guca umutwe inyuma y’igiterwa,guharura gushika kuw’ibabi rya gatatu ugaca ukatira aho nyene.



Imbuto n’abana.

Mu kugaburira inzuzi abana, zishobora kugoma mu muhogo ivyo bigaca bitera ingorane.





activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Inzuzi zikaranze – iminota30

Ibikoresho:

umungu


Imbugita

Indobo n’igikombe vy’amazi

Umucanwa wo guteka

Isorori ryo gukarangamwo



umunyu

Amavuta(si mpaka aboneke)



Gukaranga inzuzi

  1. Gusaba abagore gukaraba intoke imbere yo gukora ku mwungu.

  2. Gukata umwungu ugaca ukurayo imbuto ziriyo zose n’amaboko.

  3. Gutandukanya inzuzi n’umwungu hamwe n’intimatima.

  4. Kuronga imbuto mw’isorori y’amazi kugira ukuremwo intimatima.

  5. (si itegeko)Kwongeramwo agakombe k’amazi mu nzuzi zironze. Kuvangavanga izo nzuzi mu ntoke zawe zirimwo amavuta kugeza aho zikwirwa zose.

  6. Gukaranga imbuto kugeza aho zitangura guturagurika kugeza aho zihishira.

  7. Kumemeramwo umunyu.

  8. Kurindira izo nzuzi zigahoraItwo ni utwuzango twiza cane ku bagore bibungenze be n’abonsa. Ni ukuzirya rero nk’utwuzango.

  9. Ariko izo nzuzi nta kuziha abana kuko zirabaniga .



Kurima (si mpaka bibe kiretse umwanya ubonetse)

  1. Kwereka abagore ingene bapima itongo bakoresheje intambuko.

    1. Gusaba abgore kuraba hirya no hino y’itongo kugira batore ahantu heza boshira igikoni.

    2. Bari bakwiye kuraba itongo riri hafi y’imuhira na hafi ya nyabarega mu gihe yoba ihari.

    3. Bari bakwiye gutora ahantu hashikirwa n’akazuba.

    4. Bari bakwiye gutora ahantu hadakunda gutega amazi canke ahantu mu mwonga.

2. Saba uwubishaka ngo apime itongo atambuke intambwe z’ahoazotera inzuzi.

          1. Atambuka atumbereje umurongo n’amaguru yiwe (amano akora ku gitsintsiri) akagira intambwe 12 hanyuma agahindukira agaca agira intambwe 4.aca agaruka atambuka intambwe 12 na 4 kugira ngo akwize itongo ry’urukiramende.

          2. Inyishu ibibazo ku vyerekeye ugutera inzuzi.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – 10 iminota

None ibi vyiyumviro muvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande yabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – 5 iminota

Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza impungenge z’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.



14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu Gitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

119.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera mu vyo bigishijwe; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

120.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

121.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu Gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

122.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

123.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.

c:\documents and settings\mhanold\my documents\my pictures\request aspire.bmp

15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho vumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Akarorero:

Niyemeje kuzorima itongo riri hafi y’inzu yanje ndahagire umurima mutoyi.

Niyemeje kurima imyungu mu murima wanje.

Niyemeje kuzohora nteka umusoma n’imyungu ku mfungurwa nahora ntegurira umuryango.

Niyemeje kuzohora nkaranga inzuzi nkongera nkazirya nk’utwuzango.



16. Gusuzuma iminota 15

Baza umuvyeyi wese umwe ku wundi ivyo yiyemeje.

Wiyemeje iki mu cigwa giheruka?

None icemezo cawe waragikurikije? Gute –Wakoze iki?

Hari uwundi muntu (umugabo, umunyokuru canke abana) yoba yarabiroyemwo canke akakubwira ngo ntukwirikize ico cemezo cawe? Tera iyo nkuru uvuge ingene vyagenzel?

Ni ibihe bituma (abantu, ibihe canke ibikorwa) mu buzima bwawe vyatumye ivyemezo vyawe bikugora?

None izo ngorane washoboye kuzivamwo gute?



Mu kurangiza Saba umuvyeyi wese umwe ku wundi asigure ku vyo yaranguye muri izi ndwi zibiri ziheze:

Wakoze iki muri izi ndwi zibiri ziheze mu kwikingira umusonga?

Ni ibihe bimenyetso bibiri biteye ubwoba vy’umusonga?


Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin