Umwitwarariko ku bijanye n’ukwandura imigera y’indwara ku bana bakiri bato Integuro y’icigwa


Kunywera itabi mu nzu (isanamu 5.4) – iminota5



Yüklə 392,4 Kb.
səhifə13/16
tarix27.11.2016
ölçüsü392,4 Kb.
#251
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16

89.Kunywera itabi mu nzu (isanamu 5.4) – iminota5




9. Erekana:

Saba abavyeyi badondore ivyo babona ku masanamu ari ku rupapuro rwa 43.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Sigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 42 na 43 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



  • Ni ukwugurura imyango n’amadirisha mu guteka kugira mwikingire umusonga.

    1. Kunywa itabi bironona amazuru n’umuhogo.

    2. Kunywa itabi bitera gukorora n’imigera y’indwara.

    3. Kugwiza imyango n’amadirisha kugira umwotsi uje hanze.



  • Kurungika abana hanze iyo uriko urateka.

    1. Abana biroroshe ko barware kurusha abakuze.



  • Kwigiza abana kure y’umwotsi w’itabi.

    1. Kirazira kunywera indani mu nzu.

    2. Kunywera itabi kure y’abana.

    3. Umwotsi w’tabi uratera imigera y’indwara mu mazuru,mu muhogo no mu gikaraza.



  • Boba abagore benshi basohora abana babo hanze iyo bariko barateka? Kubera iki canke kubera iki batabikora?

  • Boba abagore banywa itabi iyo bariko baronsa canke iyo bateruye abana ?Ivyo bontu mubona ari vyiza ku magara?




Ayandi makuru ku wiga

Imigera y’indwara iterwa no kwononekara kw’ikirere no guhema


  • Gukwega umwotsi w’itabi bwigwiza na kabiri ibituma hatera umusonga be n’iyindi migera itera indwara zo guhema ku bana bafise munsi y’imyaka 5.

  • Abagore bari ahantu hari umwotsi w’itabi uburyo bwo gushobora kurwara bronhite canke emphysema bwigwiza na gatatu,kurusha umugore atekesha umuyagankuba,umwuka wo gucana canke ibitoro .

  • Gutekesha amakara bigwiza na kabiri gushobora kurwara kansera yo mu gitigu,na canecane ku bagore.24

Kwatsa

Umwotsi w’itabi

  • Abana bafise ba nyina babo banywa itabi bashobora guterwa ku bice 50% n’imigera y’indwara zo guhema ku mwaka wa mbere ubagereranije n’abana bafise ba nyina babo batanywa itabi.

  • Abana bafise ba nyina babo banywera itabi mu cumba kimwe bashobora guterwa gushika ku bice 56% n’imigera y’indwara zo guhema ugereranije n’abana ba nyina babo banywera itabi mu vyumba bitandukanye.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Guhemagirika– iminota 15

Ibikoresho:

Isaha canke iterefone ngendanwa yerekana amasegonda.

Ibitandara vy’amabuye 7 canke ibiharage


  1. Gufasha abavyeyi gutora abahemagirika n’abafise akanira katarakara mu gusubiramwo indangurakintu no gupima abana bari mu murwi.

90.Akanira:

  1. Gusubiramwo indangurakintu: Umubiri ukikuje imbavu uritera iyo umwana ahemye.

  2. Saba abavyeyi kuduza amashati y’abana babo batarashitsa amezi 5. Kubaraba neza kugira ubabone igihe bahemye.

  3. Raba igikaraza cabo ingene kiduga n’ingene kimanuka.

Hari n’umwe mwabonye afise akanira?

Saba abavyeyi berekane n’urutoke mu gikaraza c’abana babo aho babona indihaguzi.

3. Guhemagirika:


  1. Subirawo indangurakintu: umwana ariko arahema anyarutsa kurusha uko yahora. Ahema kurusha umwana avuye kwiruka.

  2. Bwira abavyeyi kuraba bakongera bakumviriza ingene umwana ahemagirika igihe umwana aruhutse. Igihe umwana ariko arahema anyarutsa ariko ararira canke hari ikimukabuye aho nta ngorane iba irimwo,si uguhemagirika .

  3. Kwerekana ko umwana ariko arahema anyarutsa,ugaca urondera n’uwundi akomeye afise mu mezi 6 angana n’uwo wawe uce uraba ko bahumeka ku rugero rumwe. Menya: Urugero rusanzwe rwo guhumeka ruhinduka bivanye n’imyaka.

  4. Umukozi wo mu magara y’abantu A health worker can identify fast breathing using a watch and counting the child’s breath. If a mother notices that her child is breathing fast as if he has been running, she should take the child to the health center.

Igikorwa(Atari itegeko): guharura ako ummuntu ahemye

Guhimiriza abavyeyi kuja n’ingoga kwa muganga mu gihe biketse ko umwana yoba ahemagirika. Mugabo, namba baba hafi y’umuremeshakiyago, barashobora gusaba umuremeshakiyago agaharura kangahe ahumetse ubwambere kugira yemeze ko umwana arwaye umusonga.Iyo nsiguro isanzwe izofasha abavyeyi n’abaremeshakiyago gutora neza uguhemagirika.

91.Tora abantu babiri bavyishakiye n’umwana mutoyi ari munsi y’amezi 24. (Kumenya ko umwana atekereje. Niyo umwana yatangura kurira canke akamera nk’uwanka, ntushobora guharura uko ahema.)

92.Gusaba umwe muri bamwe bavyishakira kuduza ishati y’umwana kugira ace araba ingene ahema. Ca umusaba aharure uko ahema. Aharura igihe cose igikraza ciduza mu gihe umwana ahemye.

93.Saba uwavyishakiye agira kabiri kuraba imisegonda n’iminota vyo kw’isaha (canke terefone ngendanwa) ashaka gutangaza umwanya,gusigura igihe umunota utangurira(imisegonda iri kuri 00) hanyuma igihe umunota uheze(imisegonda aba ari 60).



Sigura:

94.Uwubishaka wa mbere aja gutangura guharura guhema igihe umuvyeyi afise isaha (canke terefone ngendanwa) amubwiye gutangura.

95.Aja guharura avuga cane, igihe cose umana yinjije impwemu. Uwundi muvyeyi wo mu murwi aramufasha guharura. Mu maboko yiwe aja kuba agumije amabuye 7.

96.Araharura ako ahemye (yinjiza impwemu) mu murwi w’abantu cumi. Mu gihe azoba ashitse kuri10, aca ashira ibuye rimwe hasi. Arabandanya guharura ahereye kuri 1 akabandanya gushitsa kuri 10 kandi. Igihe cose ashitse kuri 10, aca ashira ibuye rimwe hasi.

97.Mu gihe imisegonda 60 (umunota 1)iheze, aca aharura igitigiri c’amabuye ari hasi. (ntaba agisubira gushira ibuye na rimwe hasi kiretse yashikije uguhema She does not place any more rocks on the ground unless she has 10 igihe umunota wari wahindutse.)

98.Igihe abavyeyi bahejeje gukoresha igicapo kiri aha hepfo cerekana ko umwana ahema anyarutsa ufatiye ku myaka afise.



99.Igihe umwana ahema anyarutsa bifatiye ku myaka afsie,umuvyeyi yoca amutwara ubwo nyene kwa muganga.

Imyaka y’umwana

Guhemagirika

Amavuka – ukwezi 1 n’imisi 26

Amabuye 6 canke arenga ( guhema incuro 60 )

Amezi 2 –amezi 11

Amabuye 5 canke arenga (guhema incuro 50 )

Amezi 12 -amezi 60

Amabuye 4 canke arenga( guhema incuro40 )



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota10

None ibi vyiyumviro muvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande yabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5

Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza impungenge z’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.



14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu Gitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

100.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera mu vyo bigishijwe; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

101.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

102.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu Gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

103.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

104.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.

c:\documents and settings\mhanold\my documents\my pictures\request aspire.bmp

15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho vumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Akarorero:

Nzoshira umwana wanje ku muti ni nabona ahemagirika canke ahema dashitsa.

Ndiyemeje gukaraba intoke no gukarabisha umwana wanje imbere yo gufungura,imbere yo gutegura imfungurwa n’inyuma yo gukoresha akazu ka surwumwe.

Ndiyemeje gusohora abna hanze iyo ndiko ndateka kugira ndabakingire umusonga.

Ndiyemeje kutanywa itabi nteruye umwana.



16. Gusuzuma iminota 15

Baza umuvyeyi wese umwe ku wundi ku vyerekeye ivyemezo vyabo.

Ni ikihe cemezo cawe co mu cigwa giheze?

None ico cemezo waragikwirikije? Gute – Wkoze iki?

Yoba uwo ari we wese(umugabo,umunyokuru canke umwana)yarabiroyemwo canke yarakubujije ngo ntushire mu ngiro ivyo wiyemeje?tera inkuru y’ingene vyagenze?

Ni ibiki vyagusunitse(abantu,ibihe canke ibikorwa)mu buzima bwawe bitakworohera gukwirikiza ivyo wiyemeje?

Wabigenjeje gute kugira uve muri izo ngorane?



Mu guhereheza baza umuvyeyi wese umwe ku wundi ivyo yakoze muri izi ndwi zibiri ziheze:

Wakoze iki muri izi ndwi zibiri ziheze mu kwikingira ugucibwamwo?

Ni ibihe bimenyetso biteye ubwoba vyo gucibwamwo? Woba warabonye ibimenyetso biteye ubwoba vyo gucibwamwo muri izi ndwi zibiri ziheze?

Uzokora iki ubonye ivyo bimenyetso?




Yüklə 392,4 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   ...   8   9   10   11   12   13   14   15   16




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin