Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə6/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari muri Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

66.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

67.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

68.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

69.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

70.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje kuzoza ndakoresha Igikarabiro iyo mvuye mu kazu ka sugumwe, imbere yo gufungura, imbere yo gutegura imfungurwa, canke yo gukora ku kayoya. Niyemeje kuzofasha abandi kwubaka igikarabiro. Kandi niyemeje kuzokwubaka ikindi gikarabiro co mu nzu. Niyemeje ko ku Gikarabiro hazokwama hariho amazi n’isabune.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?

None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega wakaravye ryari ejo?

Mbega warashikirije inyigisho yo gukaraba abandi bo mu muryango wawe?

Abana bawe ejo bakaravye ryari?

Mbega woshobora kuririmba Ururirimbo rwo Gukaraba?

Icigwa ca 6: Kwikingira Malariya

objective girl



  • Abarezi b’abana bazoshobora gusigura ingene umugera wa malariya uhanahanwa.

Umuntu agwaye malariya aribwa n’umubu ukagenda utwaye amaraso yanduye. Uwo mubu ukagenda wandukiza abantu bose uriye.

  • Abarezi b’abana bazoshobora gushikiriza ingaruka malariya igira ku bakenyezi bibungenze, no ku bafise umugera wa SIDA.

  • Kwandura malariya umuntu yibungenze gutera gukama amaraso cane maze hakandurukiramwo gupfa kw’abakenyezi imbere canke inyuma yo kwibaruka.

Abana b’abavyeyi bagwaye malariya bibungenze barageramirwa cane no kuvuka hatageze, canke bakavukana ibiro bike, canke bakavuka bapfuye.

Abavyeyi bagwaye umugera wa SIDA kandi bibungenze barageramirwa cane no gufatwa na malariya.



  • Abavyeyi bibungenze bazokwama baryama mu musegetera amajoro yose kugira ngo bagabanye igitigiri c’imibu ibarya.

  • Abarezi b’abana bazokwitwararika kuraba ko abana b’imyaka iri musi y’itanu baryama musi y’umusegetera buri joro kugira ngo bagabanye igitigiri c’imibu ibarya.

  • Abarezi b’abana bazomanika neza imisegetera irimwo umuti mu nzu zabo kugira ngo bagabanye igitigiri c’imibu ibarya.

  • Abo mu muryango bose bazoryama mu musegetera buri joro kugira ngo bikingire malariya.

  • Abarezi b’abana bazozibira ibinogo vyose n’ibidengeri vy’amazi, bakureho ibidobo, ibipine, n’ibikopo bitegamwo amazi.

Baturire canke bahambe ibicafu bitegamwo amazi.

Bace imiserege n’imigende vyo gutembesha ibiziba vy’ibidengeri.



  • Abarezi b’abana bazokwiyumvamwo ko bafise ukwiyemera, umwanya, n’ubuhinga bokoresha mu kwikingira malariya (kwiyumvamwo ko bashoboye kwongerejwe).

  • Abarezi b’abana bazokwiyumvamwo ko bafise ubushobozi bwo kubuza imibu (ikwiragiza umugera wa malariya) gusinzikaza ababo bageramirwa cane na malariya.

Ibikoresho:

  1. Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure

71.Muzane ubwoko bubiri bw’imisegetera ikunda kuboneka ku masoko.

Icigwa ca 6 mu ncamake:

Agakino: Imibu Ibiri

Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane

Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Barumwete Yafashwe n’Umururumbo

Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho nyamukuru iri ku mpapuro za 48-53 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku vya Malariya n’Ingene yandukira, Kugeramirwa guterwa na Malariya ku Bibungenze, no Kwikingira Malariya.

Igikorwa: Kumanika Umusegetera

Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho

Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi

Kwimenyereza babiri babiri

Kwiyemeza



Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato zijanye no gukoresha Igikarabiro.

game image 2.bmp

1. Agakino: Imibu Ibiri - iminota 10

  1. Saba abo bagore bahagarare mu muzingi. Uwurongoye agakino nawe ahagaze muri bo.

  2. Muri aka gakino harimwo imibu ibiri. Umubu umwe ufise ijwi ryumvikana ngo “Zzzz” uwundi mubu nawo ukagira ijwi rivuga ngo “Eeee.”

  3. Saba abo bagore bimenyereze gusubiramwo amajwi y’iyo mibu ibiri.

  4. Uwurongoye agakino avuze ati, “Zzzz” bose bategerezwa guca bava hasi bagahagarara ku mano kandi bagakoresha amaboko yabo nk’amababa yo kuguruka (ibitugu babidugije). Himiriza abo bagore babanze kwimenyereza.

  5. Iyo uwurongoye agakino avuze ati “Eeee,” bose baca bahagarara bemye, bakazunguza ukuguru kumwe n’ukuboko bijanye ku ruhande rumwe. Bahimirize kandi babanze kuvyimenyereza.

  6. Intumbero y’aka gakino ni iy’ugukora ikintu kibereye mu mwanya ubereye!

  7. Uwurongoye agakino akwiye kuvuga “Zzzz” na “Eeee” incuro nyinshi. Vuga “Zzzz” incuro zibiri canke zitatu zikurikirana kugira ngo urabe ko abo bagore bashishikara gukora igikwiye.

  8. Mubandanye ku buryo n’abandi bagore benshi baronka akaryo ko kurongora ako gakino.

Noneho ko tumaze kuronka utuguvu, hinge dutangure.



2. Guhamagara Amazina no Gushikiriza Umuti w’Ibibazo



  1. Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane c’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho (Module 1).

72.Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.

73.Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

74.Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Barumwete Yafashwe n’Umururumbo (Isanamu 6.1) –iminota 10

3. Inkuru

  • Ni musome inkuru yo ku rupapuro rwa 44 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.

  • Muri iyi nkuru, umwana w’umubanyi yarapfuye yishwe na malariya. Barumwete ntiyari bwemere ko umururumbo ari ikibazo gikomeye. Yamara, kwari ukwihenda.

Barumwete yatanguye gusekura intete ari kumwe n’umubanyi wiwe kuva kare mu gitondo. Ariko umubanyi wiwe ntiyasekuye neza. Barumwete aramubaza, ati: “Ni ibiki bitagenda neza?” Umubanyi wiwe, ati “Uyu musi mfise ubushuhe. Kandi mfise intege nke”. Barumwete amwishura, ati: “Ivyo ni ibizanzwe abantu benshi barakunda gufatwa n’umururumbo. Ejo ndazi ko bizoba vyaheze.” Uwo mubanyi yahavuye agwara amara imisi myinshi mu gitanda. Haciye imisi Barumwete abona akava gato inyuma y’inzu y’uwo mubanyi. Umwana yapfiriye mu nda ya nyina kubera ya ngwara. Yavutse yapfiriye mu nda ya nyina.

4. Gutohoza

  • Ni musome ibibazo biri ku rupapuro rwa 44 rw’Igitabo Mfashanyigisho.

  • Ubaze ibibazo bibiri vya mbere kugira ngo umenye ico abagore basanzwe biyumvira ku mururumbo.

  • Ubaze ikibazo ca nyuma kugira ngo urabe ko abavyeyi basanzwe bemera ko malariya ari ingwara mbi ku bavyeyi bibungenze.

  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp



  • Mbega Barumwete yavuze iki ku mururumbo? None ni vyo?

  • Mbega ubwo bushuhe bwaterwa n’iki?

  • Mbega umururumbo wotera impanuka ku muvyeyi yibungenze?


Dutahure ivya Malariya n’Ingene Yandukira (Isanamu 6.2) – Iminota 5
5. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 47.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 46 na 47 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

  • Gushuha ni kimwe mu bimenyetso bimenyerewe vya malariya.

    • Umururumbo si yo ngwara, ahubwo ni ikimenyetso cerekana ko mu mubiri harimwo ingwara.

  • Imibu ni yo itwara ingwara ya malariya.

    • Iyo mibu itera malariya iza iyo izuba rirenze bwije.

  • Muri iyi sanamu, umubu uriye umubanyi agwaye malariya. Hanyuma uwo mubu nyene uca uza kurya umuhungu wa Barumwete.

    • Iyo umubu uriye umuntu asanzwe agwaye malariya, uca ugenda utwaye iyo ngwara.

    • Maze uwo mubu ukagenda urayitera mu muntu wese uriye.

  • Agahungu ka Barumwete nako kafashwe na malariya.

    • Iyo hagize umuntu umwe mu kibano agwara malaria, umuntu wese ariwe n’umubu aba ageramiwe n’uko yohava afatwa na malariya.

    • Iyo dufise abantu bake bagwaye malaria, ni nako igitigiri c’abafatwa na malariya gica gitera kigabanuka.

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha:

Imibu y’ingore (Anophele)


  • Malariya ikwiragizwa n’umubu w’ingore witwa anofele. Izo anofele umuntu arashobora kuzimenyera ku kuntu amaguru yazo y’inyuma ziyataramitse mu kirere.

  • Imibu imwe usanga igendagenda ku murango. Yamara imibu anofele yo ikunda kugendagenda iyo bugorovye, mu mutwenzi no mu gicugu.

Ingene ihererekanwa

  • Iyo umubu Anofele uriye umuntu agwaye, ugenda ujanye uturaso duke turimwo utugera twa malariya duto cane.

  • Haciye nk’indwi imwe, mu gihe umubu uriko urarondera kwongera kwiha ku ngaburo yawo y’amaraso, twa tugera duca twivanga n’amate y’uwo mubu, maze tukinjira muri uwo muntu ariko araribwa n’umubu.

  • Imisi 7 gushika ku 30 inyuma y’ico gihe anofele yaririyeko umuntu, (ari co kiringo co kubundikira ingwara) ibimenyetso vya mbere bica bitangura kwigaragaza. Ibiringo vyo kubundikira ni bigufi ku mugera wa malariya witwa falciparum, yamara bikaba birebire ku wundi mugera wa malariya witwa malariae.

Kugeramirwa Guterwa na Malariya ku Bibungenze (Isanamu 6.3)

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 49.





show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 48 na 49 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Malariya itera umuvyeyi gukama amaraso.

Gukama amaraso kurashobora kwandurukamwo ingorane zihambaye cane ku bibungenze.

Gukama amaraso gutuma umwana yicwa n’inzara ntaronke ingaburo ikwiye akiri mu nda.

Nk’uko bisanzwe, umwana mu nda ya nyina agaburirwa n’ibiri mu maraso ya nyina.

Iyo rero afise amaraso make, ntaba agishoboye kuronsa umwana ingaburo ikwiye.

Gukama amaraso gutuma umwana avuka hatageze, kuvuka ari muto, canke yapfuye.

Gukama amaraso kwongereza kugeramirwa no gupfira mw’ivuka.

Gukama amaraso gutuma umuvyeyi agira intege nke kandi agahora arushe.

Kandi kuko yama arushe, udukorwa tumutwara umwanya muremure.

Hanyuma akarushirizaho gutakaza amaraso menshi kuko akora umwanya muremure, maze agashobora no gupfa.



Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Gupfa kw’Abana


  • Ku bana bari musi y’imyaka 5 (kw’isi yose), malariya ni co kiza kiza ubwa kane mu guhitana abana benshi. Umwe ku bana batatu bari musi y’imyaka itanu afashwe na malariya iramuhitana.

Kwigwanira kw’Umubiri (Immunité)

  • Abantu benshi bakuze nabo nyene barafatwa na malariya. Bamwe bagafatwa na malariya kenshi mu mwaka ariko ntibafate koko ngo bagware biboneka. Baramaze kuronka ukwigwanira kw’umubiri kurinda iyo ngwara, kandi birashobora gushika bakagwara, ariko ni gake yoshobora kubahitana. Umubiri wabo ubona umugera kare maze ugaca ukora umuti wo kugwanya iyo ngwara.

  • Kwibungenga kuragabanya ubushobozi bwo kwigwanirira bw’umubiri bw’abagore maze ivyo bigatuma bageramirwa no kugwaragurika cane.

  • Utuyoya two ntitugira ukwigwanirira kw’umubiri canke tuba dufise guke cane kandi ku bw’ivyo natwo turageramirwa cane na malariya n’urupfu.

Malariya ku Bibungenze

  • Malariya ni yo nyanduruko y’ibice 10% vy’abavyeyi bapfa n’ibice 60% vy’abana bavuka bapfuye.

Gukama Amaraso

  • Abagore bakamye amaraso cane baba bageramiwe no guhitanwa n’imbanyi canke no kwibaruka incuro 3.5 gusumba abandi bagore batakamye amaraso.


Kwikingira Malariya (Isanamu 6.4) –iminota 5
9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 51.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 50 na 51 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Manika umusegetera urimwo umuti mu nzu yawe kugira ngo wice imibu. Ku murango uwuzinge.

Umuti uri mu musegetera wica imibu yose iguye kuri uwo musegetera.

Ku murango umere nk’uwuzinga uwo musegetera kugira ngo abana ntibawukiniremwo.

Uryame mu musegetera urimwo umuti amajoro yose.

Umusegetera urimwo umuti ukora igikora co kubuza imibu yinjira mu nzu mw’ijoro kukurya.

Imisegetera irimwo umuti ikingira malariya no gukama amaraso ku bagore bibugenze.

Himiriza bose mu muryango kwama baryama mu musegetera kugira ngo bikingire kwandura.

Imibu ita amagi mu mazi. Sesa amazi yose ari mu bidobo, ibikombe n’utugopo. Mubibike canke mubite vyubitse.

Imbegeti zishireko imirumyo kugira ngo amazi n’udukoko ntibizijemwo.

Muhambe canke muturire imicafu, amapine, n’utugopo kuko ari vyo bibika utudengeri tw’amazi.



Ni havuka imibu mike, hazoba hariho imibu mike izokwiragiza malariya.

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Iyororero ry’udukoko


  • Imibu hamwe n’udusazi twirabura bivyarira mu bidengeri vy’amazi ateze. Ni co gituma rero dukwiye kwitwararika gukuraho ibidengeri aho dusesa amazi canke musi y’ibikarabiro.

  • Imibu irashobora gukwiragiza amoko menshi y’ingwara nka malariya, filariasis, na fièvre jaune. Udusazi twirabura natwo tugashobora gukwiragiza ingwara y’uruhumyi.

Imisegetera Itarimwo Umuti

  • Imisegetera imwe imwe ntiyashizwemwo umuti wo kwica udukoko. Ntiyica imibu ariko kandi irakingira umuryango nturibwe n’imibu. Bishitse imisegetera irimwo umuti ntiboneke, musabwa guca mukoresha uwutarimwo umuti.

Gutuza Malariya Ni Akigoro k’Abo bose Mubana Ku Mutumba

  • Iyo imiryango myinshi yijukiye gukoresha imisegetera irimwo umuti, ikaja kuvuza malariya idatevye kandi ikagwanya ivyari imibu itamwo amagi, hazoca hasigara imibu mike yo gukwiragiza malariya.

  • Kugwanya malariya ni akigoro ka buri mutumba. Umuryango wose ugategerezwa kurangura uruhara rwawo.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Kumanika Umusegetera – iminota 15



  1. Ni wereke abo bakenyezi amoko atandukanye y’imisegetera iboneka ku masoko yo ngaho i wanyu.

  2. Ubereke ingene bamanika umusegetera mu nzu.

    1. Ukoreshe imigozi yo gufatishako kw’idari canke ku gihome ku misumari canke ku magera canke ku dutsinga.

    2. Ukwiye kumanikwa ku buryo umuntu awuryamyemwo aronka ikibanza co kwidegemvya adakora ku musegetera.

    3. Musigaze nka sentimetero 20 zo kugobeka musi y’ico muryamako ku buryo abari imbere baba bugaranyemwo neza.

    4. Asangwa ari wewe uriko urimanikira umusegetera, usige imfuruka imwe itagobetse ku buryo ushobora kwinjira mu musegetera bitakugoye iyo uriko ururira ku gitanda. Maze ni wamara kwinjira mu musegetera, wegure buke buke ico uryamako, maze ugobeke musi imfuruka y’umusegetera yari isigaye. Mu gusohoka, urengeze imfuruka y’ico uryamako, usokoremwo umusegetera, maze usohoke.

  1. Ni mushikirize ivyiyumviro ku kugene boshobora kwongereza imisumari, canke amagera canke udutsinga mu nzu vyo kumanikako imisegetera.

  2. Asangwa ari abantu barara hanze, ni murondere ingene boshobora kumanika umusegetera ku buryo umuntu aba yugaraniwemwo neza kandi akaba afise n’ikibanza gikwiye co kwidegemvya.

  3. Werekane ingene umusegetera bawuzinga ku murango.

    1. Kugira ngo muwurinde gutaburwa n’abana canke n’abandi bantu bawuca i ruhande, muwubohe mw’ifundo ritaboshe cane maze ico kirekera mukimanike kuri umwe mu migozi ku buryo umusegetera uba utarekera kandi abana bato badashobora kuwushikira.

    2. Ushimikire ku kamaro ko gusiga umusegetera umanitse ku murango. Akabu kose kawuguyeko gaca kicwa n’umuti.

  4. Bohora iyo misegetera, maze uhe akaryo abagore bari mu mugwi bimenyereze kumanika imisegetera. Mushishikare gushika bose bashikiriwe.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca –iminota 10



  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora –iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20

Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin