Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə5/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Imigera ku Vyihanaguzo (ku Maswime)

  • Imigera ikura vuba cane kandi ikagwira vuba cane mu bibanza bikanye no ku mpuzu zikanye. Wirinde gukoresha amaswime mu kwihanagura ku ntoke asangwa izo swime zitameswa buri musi.

  • Kandi igihe cose uhejeje gukoresha iswime uce uyimanika kw’ishami ry’igiti canke ku mugozi ku zuba. Imishwarara y’izuba hamwe n’ubushuhe ni vyo vyica iyo migera n’amavirusi iyo iswime yumye.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Ururirimbo rwo Gukaraba – iminota 15

Compose et travaille avec les promoteurs et les autres membres du personnel du projet pour composer une chanson. Essayez d’inclure les mots qui sont dans le plan de la lesson. La chanson doit durer 30 secondes et contenir des details précisant quand laver les mains et comment laver les mains.

Example de chanson:

Je lui lave les mains avant qu’il mange, je lui lave les mains quand il sort de la latrine

Je me lave les mains quand je viens de changer ses linges, je me lave les mains avant de preparer la nourriture. - Refrain




Je grate parmi mes doigts, je grate sous mes ongles

Je me rince avec une eau propre, et laisse l’air secher mes mains. - Refrain



Refrain:

Le lavage des mains garde mon enfant en bonne santé. Je me lave avec du savon.

Je me lave avec du cendre. Je me lave pendant longtemps. Je me lave parce que j’aime mon enfant.


  1. Ni mwige Ururirimbo rwo Gukaraba hamwe n’Abavyeyi Tubaramure.

55.Sigura: Kugira ngo imigera yose impfe, umuntu yomara n’iburiburi amasegonda 30 ariko arakaraba. Tuzoza turaririmba iyi ndirimbo kugira ngo idufashe kwibuka kumara amasegonda 30 turiko turinyukura mu gukaraba.

56.Abantu bose baba mu ngo zanyu bakwiye kwiga uru ruririmbo maze bakaza babaruririmba bamaze gukanyisha iminwe yabo harya batanguye kwinyukura.

57.Urwo ruririmbo ruheze haba hageze guhagarika kwinyukura no kwisukako amazi agukurako isabune.

probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10





  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

58.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

59.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

60.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiriz’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

61.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

62.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje kuzoza ndakaraba n’isabune imbere yo guterura canke yo gukora ku kayoya kanje. Niyemeje kuzoyaga n’abo mu muryango rwanje ivyo gukaraba mu bihe vyose bibereye. Niyemeje kwigisha abo mu muryango wanje ingene bazoza barakaraba bakoresheje Ururirimbo rwo Gukaraba.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?

None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega ejo warashize umunyu urimwo iyode mu mfungurwa z’umuryango?

Woba waranyoye ibinini vya fer ejo?

Ni izihe mfungurwa wariye ejo zarimwo icunyunyu fer cinshi?



Icigwa ca 5: Gushiraho Igikarabiro mu Rugo

0 objective girl.bmp



  • Umurezi w’abana wese azokora Igikarabiro maze akimanike hafi y’akazu ka sugumwe.

  • Umurezi w’abana wese azoba ashoboye kwigisha abandi ingene bakora Igikarabiro.

  • Umurezi w’abana wese azomenya ingene yoshiraho igikarabiro akoresheje amabase.

Ntimukigere mwirongorora canke ngo mukarabire mw’ibase imwe. Muze mukoresha igikombe mu kwisukira amazi ku ntoke haba mu kuzikanyisha ngo muzisigeko isabune canke mu kuzirongorora.

Ibikoresho:

  1. Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure

  2. Himiriza buri muryango wiyegeranirize ibikoresho vyo gukora Igikarabiro mu kwitegurira iki cigwa.

    1. Amashami abiri (y’imetero 1 n’igice) aremwe nka Y

    2. Inkoni zibiri (z’uburebure bwa metero imwe)

    3. umugozi (w’uburebure bwa metero 1 n’uwundi w’uburebure bw’igice ca metero)

    4. Isabune hamwe n’ico kuyibikamwo ca plastike

    5. Umusunari muremure

    6. ibuji

    7. Ikintu cojamwo amalitiro 5

    8. Urukero

    9. Igipawa

    10. Amabuye

Icigwa ca 5 mu ncamake:

Agakino: Umugera mu Muzingi

Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane

Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Gukaraba Kuragoye cane

Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho nyamukuru iri ku mpapuro za 38-43 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku Bikoresho vyo gukora Igikarabiro, Kwubaka Igikarabiro, Kumanika Igikarabiro, no Gukoresha Igikarabiro.

Igikorwa: Kwimenyereza Gukoresha Igikarabiro

Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho

Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi

Kwimenyereza babiri babiri

Kwiyemeza



Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato zijanye no Gukaraba.

game image 2.bmp

1. Agakino: Umugera mu Muzingi - iminota 10

  1. Saba abo bagore guhagarara mu muzingi. Maze umwe avyigombeye ahagarare hagati mu muzingi.

  2. Uwo yagomvye guhagarara mu muzingi mumufukishe agatambara ku maso. Kandi amaso y’uwo yavyigombeye mumaze kuyafuka, uce usaba abandi bose bari mu muzingi bunguruze baje mu bindi bibanza mu muzingi.

  3. Basigurire: Uwo muzingi ugereranya urugo.Uwo ahagaze hagati mu muzingi ni umugera utera gucibwamwo. Abo bagore bahagaze mu muzingi baza baragerageza guca imbere mu muzingi ariko badakoze kuri uwo mugera.

  4. Uwo mukino utangura iyo “umugera” uhamagaye mu mazina abagore babiri bari ku muzingi.

  5. Abo bagore bahamagawe bategerezwa guca bahinduranya ibibanza mu gacerere, yamara bakagerageza kudakora ku “mugera”. Uwo mugera nawo ukagerageza gukora ku bakina mu gihe bariko bararengana ugerageza kwumviriza no kubakorako.Abandi bakinyi bose bakwiye kuguma bacereje.

  6. Hagize uwufatwa, uwo ni we aca ahinduka “umugera” maze urukino rugasubira.

  7. Musubiremwo urukino gushika bose baronse akaryo ko gukina.

Noneho ko tumaze kuronka inguvu, hinge dutangure icigwa cacu.



2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane



  1. Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane co mu Gitabo Mfashanyigisho ca mbere (Module 1) .

63.Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.

64.Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

65.Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Gukaraba Kuragoye cane (Isanamu 5.1) – iminota 10
3. Inkuru

Ni musome inkuru iri ku rupapuro rwa 36 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.

Iyo nkuru ishikiriza ingorane Barumwete yagize mu kugerageza gushira mu ngiro akamenyero gashasha ko gukaraba.

Koresha iyo nkuru mu kuremesha abo bagore, ubereka ko guhinduka bitama vyoroshe. Birashika tugakenera kubanza gutunganya mu buryo bushasha ibikoresho vyo mu rugo kugira ngo ihinduka ritworohere.

Barumwete yumvise izo nyigisho azikuye kwa Karorero. Maze yiyemeza ko nawe agiye kuza arakaraba imisi yose nk’uko Karorero yabimwigishije. Ariko asohotse mu kazu ka sugumwe, ntiyavyibutse. Agiye gutangura gutegura imfungurwa, asanga nta sabune afise. Hageze ko umuryango wicara ngo bihereze ivya saa sita, basanga amazi yaheze. Yarifuza guhinduka, yamara iryo hinduka rimubera ikigoye.

4. Gutohoza

Soma ibibazo vyo ku rupapuro rwa 36 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.



  • Ubaze ikibazo ca mbere kugira ngo mwongere mwihweze ingorane Barumwete yagize.

  • Baza ikibazo kigira kabiri kugira ngo muyage ku ntambamyi abagore bagira iyo bariko baragerageza gukaraba mu ngo zabo.

  • Ubaze ikibazo ca nyuma kugira ngo urondere kumenya igitigiri c’abagore bafise ibikarabiro.

  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp



  • Ni kuki Barumwete yakaraba?

  • Mbega wewe gukaraba birakworohera?

  • Mbega urafise ahantu ho gukarabira (igikarabiro) hahora isabune n’amazi? None aho hantu ni hehe?



Ibikoresho vyo Gukora Igikarabiro (Isanamu 5.2) – iminota 5
5. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 39.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

Igihe cose iki cigwa cigishijwe Igikarabiro giterezwa gukorwa. Abavyeyi Tubaramure barakwiye nabo nyene kwubaka Igikarabiro iyo bariko barigisha Inkerebutsi.

Ibikarabiro bikorwa mu bikoresho bitagurwa amahera, kandi bisanzwe biboneka aho baba (nk’ibibido canke ibindi vya plastike batagikoresha bishobora kujamwo amazi) yamara kandi bigashobora no gukorwa mu vyo kubika amazi vyaguzwe.

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 38 na 39 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Kandi mu kubishikiriza, uze urerekana intambuko ku yindi.

Igikarabiro (Tippy Tap) gituma gukaraba vyoroha kandi hagakoreshwa amazi make.

Gikoresha amazi make gusumba ayokoreshwa hakoreshejwe amazi ari mw’ibase.

Ni muze dufashanye dukore igikarabiro kimwe. Dukeneye:

Amashami abiri (y’uburebure bw’imetero 1½) ateye bwa Y, inkoni zibiri (z’uburebure bw’imetero 1), akagozi (k’imetero 1 n’akandi k’igice c’imetero), isabune hamwe n’ico kuyibikamwo, umusumari munini, ibuji, akabido kojamwo amalitiro atanu, agakero, igipawa n’amabuye.

Oza neza usukure ico cojamwo amalitiro 5.

Ntukoreshe ibintu vyahoramwo imiti yo kwica udukoko mu gukora igikarabiro.

Uwo muti wahoramwo wohava wonona intoke zawe ukagutera ingwara.


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Uburyo Bwinshi bwo Gukora Ibikarabiro

Ibikarabiro birashobora gukorwa mu buryo butandukanye hakoreshejwe ibikoresho biboneka aho abantu baherereye. Uworondera kumenya vyinshi, yoronderera kuri site web: http://www.schoolsanitation.org/BasicPrinciples/HandwashingFacilities.html



Kwubaka Igikarabiro (Isanamu 5.3) – iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 41.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 40 na 41 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Bohera uwo mugozi muremure (w’imetero 1) kw’isonga ry’inkoni imwe.

Koresha umusumari mu gushira ikimenyetso ku nda y’ako kadumu. Pimisha intoke z’ikiganza ushire akamenyetso ku burebure bw’igipimo kimwe n’igice uvuye ku ndiba.

Uzoba upimye uburebure bwa centimetero 12.

Shusha isonga ry’umusumari kw’ibuji. Maze uce intoboro muri ako kadumu ukoresheje uwo musumari ushushe.

Iyo ntoboro uyishire hamwe washize ikimenyetso.

Iyo ntoboro ni yo amazi azoza arazananamwo mu gukaraba.

Ongera ushushe uwo musumari. Maze uce intoboro hagati mu murumyo w’akadumu.


  • Injiza wa mugozi (uboheye ku nkoni) muri uwo mwenge mwatoboye mu murumyo. Maze mufundike ifundo kw’isonga ry’ako kagozi.

Ongera ufungire umurumyo kuri ka kadumu k’amalitiro atanu.

Ifundo wafunditse rikwiye kuba ridaca muri iyo ntoboro.

Ukoreshe uwo musumari mu guca intoboro mw’isabune no hagati y’ico iterekwamwo.

Mwoyishira mu kantu ka plastike canke gakozwe mu cuma.



  • Ako muyishiramwo ni ko kayikingira imvura.



Kumanika Igikarabiro (Isanamu 5.4) – iminota 5
9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 43.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 42 na 43 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Cisha umugozi muto mu co gukingira isabune maze ubohe ifundo

Urabe neza ko ugifise ikibanza isabune ijako ku mugozi.

Cisha umugozi mw’isabune maze ubohe ifundo.

Ako kajamwo isabune kameze nk’umutaka ukingira isabune imvura.

Iyo uteruye umugozi, ako kabitse isabune gakwiye guca gafatwa n’ifundo maze ntigakoroke. Ifundo riri musi y’isabune naryo nyene urigire rinini kugira ngo isabune ntive ku mugozi ngo ikoroke.

Shinga ya mashami ameze nka Y hasi hafi y’akazu ka sugumwe. Manika ya nkoni hamwe n’akadumu hejuru kuri yo.

Injiza umukono w’akadumu muri iyo nkoni.

Iyo uhonyoye ku giti, akabido gakwiye guca kicurika. Tunganya umugozi neza ni wabona bitagenda neza.

Bohera umugozi uca mw’isabune ku giti i ruhande y’akabido. Hanyuma usase amabuye musi y’igikarabiro.

Ibidengeri vy’amazi bituma imibu ironka aho ita amagi.

Ayo mabuye asaswa ni yo atuma hadatega ibidengeri.

Uzuza amazi mu gikarabiro ashike ku ntoboro iri ku ruhande rwaco.






activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Imenyereze Gukoresha Igikarabiro – iminota 15



  1. Saba umugore wese mu mugwi akarabe akoresheje ico Gikarabiro n’Ururirimbo rwo Gukaraba.

  2. Mwokurikiza izi ntambuko zikurikira:

    1. Shira ukuguru ku nkoni, kugira ngo ikirimwo amazi y’igikarabiro ciyunamike.

    2. Amazi aca atangura guseseka aciye mu ntoboro.

    3. Ushire amazi n’isabune ku biganza vyawe.

    4. Kura ukuguru ku nkoni kugira ngo amazi ntashishikare guseseka.

    5. Tangura kuririmba Ururirimbo rwo Gukaraba uriko urinyukura mu ntoke no mu nzara ushikane ku ngingo z’ikiganza.

    6. Ururirimbo ruheze, usubize ukuguru kuri ya nkoni, kugira ngo wongere kwunamika ikirimwo amazi y’Igikarabiro.

    7. Ukoreshe amazi aca muri iyo ntoboro kugira ngo wirongorore ibiganza.

  3. Asangwa uri mu rugo rw’uwundi muntu, saba abo muri uwo muryango bose gukaraba bakoresheje Igikarabiro.

  4. Ni wishure ibibazo kandi uhimirize ikoreshwa ry’Igikarabiro iyo bavuye mu kazu ka sugumwe, imbere yo gutegura imfungurwa, imbere yo gufungura, canke imbere yo gukora ku kayoya.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10



  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Iminota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20

Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin