Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5


Biguvu Nta Nzoga Tumuha (Isanamu 9.1) –



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə9/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9

Biguvu Nta Nzoga Tumuha (Isanamu 9.1) – iminota 10

3. Inkuru

Ni musome inkuru iri ku rupapuro rwa 70 rw’igitabo mfashanyigisho.

Muri iyi nkuru, umugabo wa Karorero ariko arashigikira ingendo nshasha zo mu vy’amagara we n’umugore wiwe bariko baragerageza ku kayoya baherutse kuronka.

Umugabo wa Karorero arizeye akamaro k’izo nyigisho z’ivy’amagara kubera ko yazigerageje maze akibonera ubudasa mu buzima bw’uwo mwana.

Karorero yibarutse umwana w’umuhungu. Bamwise Biguvu. Umugabo wa Karorero ariko arayaga n’umubanyi. Uwo mubanyi arabatwenga agira ati, “Ni kuki mwanka guha uyu mwana utuyoga?” Umugabo wa Karorero amwishura ati, “Biguvu twamwonkeje amaberebere y’umuhondo adasanzwe kandi yaramaze kwoza mu mushishito wiwe. Ubu mbere turashobora kubona ko amaze kugira amagara meza gusumba uko bakuru biwe bari bameze igihe bavuka.”

4. Gutohoza

Ni musome ibibazo vyo ku rupapuro rwa 70 rw’igitabo c’Amasanamu mfashanyigisho.

Baza ikibazo ca mbere kugira ngo musubiremwo iyo nkuru kandi wumvirize ivyiyumviro vy’abo bagore kuri ivyo umugabo wa Karorero yakoze.

Baza ikibazo ca nyuma kugira ngo umenye umwitwarariko udasanzwe abagore bo mu mugwi bagirira akayoya mu ndwi ya mbere y’ubuzima.



  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

  • Ni iki catumye umubanyi atwenga umugabo wa Karorero?

  • Ni kuki umugabo wa Karorero yizigiye neza ko amaberebere ari co kintu ciza ca mbere ku mwana?

  • Ni ibihe bintu bidasanzwe mukorera uruyoya mu ndwi ya mbere y’ubuzima?

Kubungabunga Isuku ry’Akayoya (Isanamu 9.2) – iminota 5

5. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 73.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 72 na 73 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Ntimwoze akayoya n’amazi ku musi wa mbere.

Kandi ntimugacisheko ikintu kijobetse gushika umusi umwe wiramvuye umaze guhera.

Utuyoya biratugora kugumana ubushuhe bw’umubiri.

Ku musi ugira kabiri, ni mwoze akayoya mu mutwe, kw’izosi n’ahazengurutse amaso. Kandi ivyo muze murabikora buri musi.

Mutangure gukoresha agahuzu gakanyishije guhera ku musi ugira kabiri.

Mwoze mu mipfunyunyu y’uruhu kw’izosi no ku maguru.

Kandi mu kwoza akayoya ni munyarutse kugira ngo ntigakanye.

Ikindi gice c’umubiri gisigaye mugifuke n’akarengeti gasusurutsa kugira ngo akayoya kagume mu twuya.

Uruzogi rugumane isuku kandi rwumutse. Ntimugire umuti uhinguwe canke uw’ikirundi mushira ku ruzogi.

Bishitse umukoyo canke umwanda mukuru bigakora ku ruzogi, murwoze n’isabune n’amazi.

Kandi muce murwumutsa mukoresheje agahuzu gasukuye.

Ruzihuta gukira ni rwaguma rwumutse.

Uruzogi rumaze kuragaza, muze muroza uwo mwana mw’ibase buri musi.

Uruzogi rukwiye kuba rwamaze kuragaza mu misi itanu gushika kw’icumi.



Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Ibitigiri vy’Abana Bapfa

Ku bana bose bapfa bafise imyaka iri musi y’imyaka 5, 40% yabo bapfa mu misi indwi ya mbere y’inyuma yo kuvuka. Hari imvo zitatu zitera ukwo gupfa kw’utuyoya: kwandura imigera, kubura impwemu (iyo umwana ataronse impwemu nziza imbere, mw’ivuka, canke inyuma y’ivuka), hamwe rero n’abavuka hatageze.

Mu Burundi, utuyoya 41 ku 1.000 bavutse bakomeye dupfa mu ndwi zine za mbere z’inyuma yo kuvuka.

Indwi ya mbere n’ukwezi kwa mbere mu buzima bw’akayoya ni ibihe vyo kugeramirwa cane. Naho kugeramirwa n’urupfu kugenda kuragabanuka uko igihe gitera kirengana, akayoya kose karakenera kwitwararikwa cane mu kwezi kwa mbere kw’ubuzima.



Kwitwararika Akayoya (Isanamu 9.3) – iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 75.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 74 na 75 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Saba muganga acandage akayoya kawe ngo gakingirwe ingwara.

Utuyoya dukwiye guhabwa incanco z’ubwoko bubiri.

Ubwoko bwa mbere ni intonyi batonyereza mu kanwa k’akayoya.

Ubwoko bugira kabiri ni urushinge umuganga azotera ako kayoya.

Iyo miti irafasha mu gukingira umwana ingwara.

Akayoya mukambike impuzu zisusurutsa mbere n’agashapo ni haba hari imbeho.

Uruyoya rukenera impuzu nyinshi gusumba uwukuze.

Wame umuronderera iyindi mpuzu ugereka ku yo yambaye, na cane cane mu ndwi zitatu za mbere.

Uce umwonsa ni yerekana ibimenyetso ko ashonje: kumbure aza arasohora ururimi yongera arwinjiza mu kanwa, canke arira nk’umwana ariko aronka, canke ariko aronka intoke, canke aza arahindukiza umutwe ku ruhande rumwe no ku rundi, canke ariko ararira.




Ibimenyetso vyo Kugeramirwa Kw’Akayoya (Isanamu 9.4) – iminota 5
9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 77.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 76 na 77 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Uruyoya rwafashwe no gushuha.

Uruyoya ruhema nabi.

Uruyoya rwonka nabi canke rwanse kwonka.

Uruyoya rwafashwe no kujugumira.

Amashira azanana mu maso y’uruyoya.

Uruyoya rufise amaso y’umuhondo canke uruhu rw’umuhondo.

Amaraso canke amashira azanana mu ruzogi.

Amaraso canke amashira ni ibimenyetso vyerekana ko hari imigera yinjiye mu ruzogi.



Ubwo nyene ca unyarukana ako kayoya kwa muganga bishitse ukabona kimwe muri ivyo bimenyetso vyo kugeramirwa bishikirijwe.




activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Kubuza Utuyoya Gupfa – iminota 15



  1. Imisi indwi ya mbere y’ubuzima bw’umwana ni co gihe ageramirwa cane n’imigera, n’ingwara, n’urupfu. Abana benshi bapfa mu misi indwi ya mbere y’ubuzima. Hinge twihweze imvo zituma utuyoya dupfa.

113.Saba abagore 10 bahaguruke. Abo bagore cumi bagereranya utuyoya cumi twapfuye mu ndwi yatwo ya mbere y’ubuzima.

    1. Saba batatu muri abo bagore 10 bahagarare hamwe. Abo bagore batatu bagereranya utuyoya twapfuye twishwe n’uko twavutse ari duto cane canke twavutse hatageze.

    2. Saba babiri muri abo 7 basigaye nabo bahagarare hamwe. Abo bagore babiri bagereranya utuyoya twapfuye twishwe n’uko kwibaruka kwagoranye ku buryo utwo tuyoya tutashoboye kuronka impwemu nziza zikwiye imbere y’ivuka, canke mw’ivuka canke inyuma y’ivuka.

    3. Saba babiri mu bagore batanu basigaye nabo bahagarare hamwe. Abo bagore bagereranya utuyoya twishwe no kwandura (imigera yinjiye mu mibiri yatwo).

    4. Abo batatu ba nyuma basigaye bagereranya utuyoya twishwe n’izindi mvo zitandukanye. Imwe yose ikaba yisa.

114.Baza uti, Mbega uratangajwe n’izo mvo zihitana abana? Kubera iki Ego canke kubera iki Oya?

115.Ufate iminota itanu ikurikira uhimiriza abo bagore kuyaga ku vyokorwa mu guhangana n’ivyo bitatu nyamukuru bihitana ubuzima bw’utuyoya.

116.Ongerako ibi bikurikira hamwe vyoba bitashikirijwe.

117.Kugira ngo ukingire abana kuvuka ari bato cane canke kuvuka hatageze

    1. Fungura neza iyo wibungenze

Ja gupimisha imbanyi kwa muganga kugira ngo bakurikirane igikuriro c’umwana.

    1. Unywe za vitamine z’abibungenze harimwo fer na folate

    2. Uryame mu musegetera (kugira ngo wirinde gukama amaraso).

    3. Ukoreshe umunyu urimwo iyode.

118.Kugira ngo ukingire abana kubura impwemu nziza zikwiye.

    1. Ja gupimisha imbanyi kwa muganga kugira ngo bakurikirane uko umwana yicaye mu nda (iyo umwana asohotse yicaye canke gutera kukamara umwanya munini cane, abana benshi baca babura impwemu nziza).

    2. Wibarukire kwa Muganga kugira ngo abaganga barabe ko ibise no gutera bitamara umwanya muremure cane.

119.Kugira ngo utuyoya ntitwandure imigera y’ingwara.

    1. Ni ukarabe imbere yo guterura akayoya.

    2. Ubungabunge isuku ry’uruzogi.

    3. Ukoreshe ugwembe rusukuye mu gucacura urusogi.

    4. Wibarukire kwa Muganga aho abaganga bashobora guca bavura umwana yanduye imigera y’ingwara ubwo nyene.



probe gucaca.bmp

12. Gucaca – iminota 10




  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20





  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

120.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

121.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

122.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

123.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

124.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje kuzorindira umusi umwe imbere yo gukoresha amazi mu kwoza akayoya kanje. Niyemeje kwoza akayoya kanje mu maso no mw’izosi buri musi guhera ku musi ugira kabiri. Niyemeje kwihutira kujana umwana wanje kwa muganga bishitse nkabona ikimenyetso co kugeramirwa. Niyemeje kuzoshishikazwa no kubona ko akayoya kanje karonse incanco kakivuka.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?

None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega warabwiye uwuzoguherekeza kwibaruka ivy’akamaro k’ugukoranako kw’umubiri ku wundi no kwonsa umwana ubwo nyene akivuka?

Mbega warabwiye abo mu muryango wawe akamaro k’amaberebere ya mbere y’umuhondo?

Mbega akayoya kawe uzokagaburira iki mu misi ya mbere y’ubuzima bwako?

Akabazo ko Gutangurirako no Gusozererako k’ivyigwa 1-9

Ibibazo bibiri bijanye na buri cigwa bishikirijwe ngaho musi. Imbere n’inyuma yo kwigisha ibi vyigwa ku bakozi no ku bigisha, tanga akabazo ko guherezako kugira ngo urabe urugero batahuyeko. Ku baronse ibice 75% canke batabikwije (boba bafise n’iburiburi inyishu icenda z’ukuri), ongera ubahe izindi nyigisho kugira ngo ubafashe gutahura ivyigishijwe. Abigisha nabo ntibogerageza kwigisha abandi mu gihe nabo nyene boba batarashobora kuronka 75% canke kubirenza.



1. Mbega umugore yibungenze yoja kwa muganga kangahe gupimisha imbanyi?

    1. Yoja kwa muganga yumvise agwaye gusa.

    2. Yoja kwa muganga buri kwezi.

    3. Yoja kwa muganga rimwe mu mezi atatu.

    4. Yoja kwa muganga gupimisha imbanyi hasigaye umusi umwe ngo yibaruke.

2. Hariho ibintu bine bikwiye gushirwa mu nteguro y’ukwibaruka y’umurezi w’abana. Toranya muri uru rutonde rushikirijwe ngaho musi kimwe kitari mu bigize integuro yo kwibaruka.

  1. Kuziganya amahera y’itike rizogushikana kw’ivuriro

  2. Kurondera umuntu azosigarana abana mu rugo mu gihe nyina azoba adahari.

  3. Kurondera umuntu azoteka ivyo abana bafungura no gukora utundi dukorwa two mu rugo.

  4. Kugura amacupa n’amasafuriya y’umwana yo guteka amazi.

3. Ni ikihe muri ibi bifungurwa bikurikira umuvyeyi yibungenze akwiye kwirinda?

  1. Kunywa itabi n’inzoga

  2. Imfungurwa zirimwo icunyunyu fer cinshi nk’igitigu canke inyama zo mu nda n’izo mu mutwe.

  3. Imfungurwa zarunzwe umunyu urimwo iyode.

  4. Imfungurwa zigizwe n’amabara menshi atandukanye.

4. Ego canke Oya? __________ Kuva akibona ikimenyetso ca mbere ko yibunyenze, umugore akwiye guca atangura kwihereza izindi mfungurwa canke utundi dufungurwa birenze ku vyo yahora afungura buri musi.

5. Iyo umuvyeyi afise icunyunyu fer gike, mbega akwiye gukora iki?

  1. Kwongereza akunyu karimwo iyode mu vyo afungura.

  2. Kwihereza ibiharage vyinshi, imboga z’ivyatsi nyinshi, n’inyama zo mu nda no mu mutwe.

  3. Kurushirizaho kurya ivyamwa vyinshi nk’imyembe, imihwi, n’ipapayi

  4. Kwongereza imikate, amavuta, n’amata yihereza.

6. Mbega umuvyeyi akenera kwihereza umunyu ungana gute buri musi kugira ngo yongereze iyode?

  1. Akunyu gake amemera mu vyo afungura buri musi.

  2. Utuyiko tubiri buri musi.

  3. Akunyu gake amemera mu mfungurwa rimwe mu ndwi.

  4. Utuyiko tubiri rimwe mu misi ibiri.

7. Mbega Ururirimbo rwo Gukaraba rugizwe n’ayahe majambo?

__________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________



8. Vuga BITATU mu bihe BITANU bihambaye umuntu akwiye gukaraba.

________________________________

________________________________

________________________________

9. Ego canke Oya? __________ Umuryango ukwiye gukarabira kandi ukirongororera mu mazi y’ibase imwe imbere yo gufungura.

10. Ni ikihe kibanza kibereye kumanikwamwo igikarabiro? __________________

11. Mbega Malariya ihanahanwa gute?

    1. Imibu yandura malariya mu kunywa amazi mabi. Hanyuma ayo mazi mabi ikayakwiragiza mu bandi.

    2. Malariya yandukira mu kunywa amazi mabi.

    3. Malariya yandukira mu kurya imfungurwa zicafuye.

    4. Imibu yandura malariya iyo iriye umuntu agwaye malariya. Maze igakwiragiza iyo ngwara mu bandi iriye.

12. Vuga ibintu bibiri umuvyeyi yibungenze yokora kugira ngo yikingire malariya.

___________________________________________________________



____________________________________________________________

13. Vuga ibimenyetso bibiri vy’ibise (vyerekana ko umwana agira avuke). Ivyo bimenyetso bimenyesha umuvyeyi ko akwiye kwihutira kuja kwa muganga.

_________________________________________________________



_________________________________________________________

14. Mbega uruzogi rukwiye gucacurwa ryari?

  1. Ubwo nyene umwana ahejeje kuvuka.

  2. Uruzogi rumaze kureka gutera rugahindura ibara rukazana ibara ryera.

  3. Imbere y’uko umuvyeyi atangura kwonsa

  4. Insimbizo (isaho yahora igaburira umwana) imaze gusohoka.

15. Ni ikihe mu bihora bikorwa bikurikira KITABEREYE gukorwa mu masaha ya mbere y’ubuzima?

  1. Guha akayoya amazi yo kunywa.

  2. Gushira umwana uruhu ku rundi mu gikiriza ca nyina.

  3. Guhimiriza umuvyeyi kwonsa kugira ngo bifashe insimbizo gusohoka.

  4. Kwonsa umwana mu kumuha amaberebere ya mbere y’umuhondo.

16. Ego canke Oya. ___________ Amaberebere ya mbere y’umuhondo afasha umwana gusohora umwanda mukuru wa mbere wirabura.

17. Ni ku musi ugira kangahe woshobora gukoresha agahuzu gakanye mu kwoza akayoya?

  1. Ku musi wa mbere

  2. Ku musi ugira kabiri

  3. Ku musi ugira gatatu amaberebere yera atanguye kuza

  4. Ku musi ugira cumi uruzogi rumaze gukoroka.

18. Vuga ibimenyetso bibiri akayoya gakora mu kwerekana ko gashonje.

_____________________________________________

_______________________________________________________________________________________

INYISHU Z’Akabazo ko Gutangurirako no Gusozererako k’Ivyigwa vya 1-9

1. Mbega umugore yibungenze yoja kwa muganga kangahe gupimisha imbanyi?

C. Yoja kwa muganga rimwe mu mezi atatu.

2. Hariho ibintu bine bikwiye gushirwa mu nteguro y’ukwibaruka y’umurezi w’abana. Toranya muri uru rutonde rushikirijwe ngaho musi kimwe kitari mu bigize integuro yo kwibaruka.

D. Kugura amacupa n’amasafuriya y’umwana yo guteka amazi.

3. Ni ikihe muri ibi bifungurwa bikurikira umuvyeyi yibungenze akwiye kwirinda?

A. Kunywa itabi n’inzoga

4. Ego canke Oya? ___EGO_______ Kuva akibona ikimenyetso ca mbere ko yibunyenze, umugore akwiye guca atangura kwihereza izindi mfungurwa canke utundi dufungurwa birenze ku vyo yahora afungura buri musi.

5. Iyo umuvyeyi afise icunyunyu fer gike, mbega akwiye gukora iki?

B. Kwihereza ibiharage vyinshi, imboga z’ivyatsi nyinshi, n’inyama zo mu nda no mu mutwe.

6. Mbega umuvyeyi akenera kwihereza umunyu ungana gute buri musi kugira ngo yongereze iyode?

A. Akunyu gake amemera mu vyo afungura buri musi.

7. Mbega Ururirimbo rwo Gukaraba Rugizwe n’ayahe majambo?

8. Vuga BITATU mu bihe BITANU bihambaye umuntu akwiye gukaraba.

Icoshikirizwa cose muri ibi bikurikira ni co:

Gukaraba imbere yo gufungura

Gukaraba umuntu avuye mu kazu ka sugumwe _ (canke avuye guta umwanda mukuru w’umwana)

Gukaraba imbere yo gutegura (canke gukora ku) imfungurwa

Gukarabisha umwana avuye mu kazu ka sugumwe

Gukarabisha umwana imbere y’uko afungura canke akora ku mfungurwa

9. Ego canke Oya? ___OYA_______ Umuryango ukwiye gukarabira kandi ukirongororera mu mazi y’ibase imwe imbere yo gufungura.

10. Ni ikihe kibanza kibereye kumanikwamwo igikarabiro? __Hafi y’Akazu ka Sugumwe____

11. Mbega Malariya ihanahanwa gute?

D. Imibu yandura malariya iyo iriye umuntu agwaye malariya. Maze igakwiragiza iyongwara mu bandi iriye.

12. Vuga ibintu bibiri umuvyeyi yibungenze yokora kugira ngo yikingire malariya.

Icoshikirizwa cose muri ibi bikurikira ni co:

Buri Joro kuryama mu musegetera.

Kumanika umusegetera mu nzu imisi yose.

Kuzibira ibidengeri vy’amazi n’amahuye.

Gusesa amazi ari mu bidobo, mu bipine, no mu bikopo akabikuramwo amazi abitegamwo.

13. Vuga ibimenyetso bibiri vy’ibise (vyerekana ko umwana agira avuke). Ivyo bimenyetso bimenyesha umuvyeyi ko akwiye kwihutira kuja kwa muganga.

Icotangwa cose muri ibi bikurikira ni co:



Amazi aseseka avuye mu gihimba c’irondoka

Ibise bikomeye, biza biragaruka inyuma y’umwanya usa nk’uwungana, kandi bigatera vyegerana.

Ibirenduke biva mu gihimba c’irondoka

14. Mbega uruzogi rukwiye gucacurwa ryari?

B. Uruzogi rumaze kureka gutera rugahindura ibara rukazana ibara ryera.

15. Ni ikihe mu bihora bikorwa bikurikira KITABEREYE gukorwa mu masaha ya mbere y’ubuzima?

A. Guha akayoya amazi yo kunywa.

16. Ego canke Oya. ___EGO________ Amaberebere ya mbere y’umuhondo afasha umwana gusohora umwanda mukuru wa mbere wirabura.

17. Ni ku musi ugira kangahe woshobora gukoresha agahuzu gakanye mu kwoza akayoya?

B. Ku musi ugira kabiri

18. Vuga ibimenyetso bibiri akayoya gakora mu kwerekana ko gashonje.

Iyotangwa yose muri izi zikurikira ni yo:

Ururimi ntiruguma hamwe ararusohora yongera arwinjiza mu kanwa kandi agakwega nk’uwuriko aronka.

Yonka intoke.



Yugurura umunwa kandi umutwe ntuguma hamwe awuhindukiza uva ku ruhande rumwe uja ku rundi. Ararira

1 See http://barrieranalysis.fhi.net for more information.

2 In the Tubaramure program, paid staff are called promoters. The role of the promoters is to train Mother Leaders to facilitate lessons with their neighbors. A few exercises, noted above, are only for promoters and do not need to be used by the Mother Leaders when sharing with their neighbors.

3 For more information about the ASPIRE method review Lesson 2.

4 Diverse diet with many colors will help to increase the micronutrients in the diet: phosphorus, potassium, magnesium, copper, zinc, magnesium, and iron (LDM).

Objectives containing a black diamond were recommended messages based on the Local Determinants of Malnutrition Study.

5 Cairncross, S. Valdmanis V. 2006. Water Supply, Sanitation and Hygiene Promotion. Chapter 41. Disease Control Priorities in Developing Countries. Second Edition. Edt. Jameson et al 2006. The World Bank. Washington DC: National Institutes of Health.

6 Curtis, V., and S. Cairncross. 2003. “Effect of Washing Hands with Soap on Diarrhea Risk in the Community: A Systematic Review.” Lancet Infectious Diseases 3: 275–81.

7 Rhee V. et al. 2008. “Maternal and birth Attendant Hand Washing and Neonatal Mortality in Southern Nepal.” Archives of Pediatrics & Adolescent Medicine. Vol 162 (No. 7), pp 603-608. July 2008

Objectives containing a black diamond were recommended messages based on the Local Determinants of Malnutrition Study.

Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin