Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə7/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

75.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

76.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

77.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri zikurikira z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu.

78.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

79.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Nzoza ndaryama musi y’umusegetera urimwo umuti buri joro. Nzoja kwa muganga ubwo nyene nkibona ibimenyetso vya mbere vy’ubushuhe. Nzocurika ibibegeti vyose, ibikopo, canke ibintu bishobora gutegamwo amazi mu rugo rwanje.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?

None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega urafise igikarabiro mu nzu yawe?

None igikarabiro cawe cama gifise amazi n’isabune?

Mbega ejo wakaravye ryari?



Icigwa c’Indwi: Kwitegurira Kwibaruka n’Ivuka

objective girl

Nyarukira kwa muganga ubwo nyene ukimara kubona ikimenyetso kimwe canke vyinshi.

Iyo ibise ari vyinshi kandi bikaza biraza vyisubiriza buri minota 20.

Amazi ashunguruka ava mu gihimba c’irondoka ameze nk’agasashe k’amazi koba kamenekeye mu nda.

Hasohoka ibintu vy’amarasoraso kandi birenduka biva mu gihimba c’irondoka.

Abarezi b’abana bazoshobora kudondora ingene kwibaruka bigenda.

Ibise ni vyo bitangura kwugurura umunwa w’igitereko.

Umunwa w’igitereko umaze kwuguruka gushika kw’isantimetero 10, umuvyeyi aca atangura gutera, akaza arahema ashikana kandi agatera n’inguvu ziwe zose.

Iyo umutwe w’umwana ugumyemwo (kandi ntusubire inyuma mu gitereko hagati yo gutera kubiri) umuvyeyi akwiye guhema adashikana (atera buke buke) kugira ngo umutwe usohoke buke buke.

Umutwe n’ibitugu vy’umwana bimaze gusohoka, igihimba c’umubiri gisigaye gica gisohoka vuba.

Ubohe maze ucacure uruzogi gutera kumaze guhagarara (iminota1-3).

Uruzogi rumaze kurehuka mu gihimba c’irondoka, umuganga azoca asaba umuvyeyi gutera kugira ngo insimbizo isohoke.

Abakirizi ntibazogerageza gufyonda ku nda y’umuvyeyi kugira ngo basohore umwana vuba.

Abakirizi ntibazogira umuti baha umuvyeyi canke ikindi kintu boshira mu gihimba c’irondoka ciwe kugira ngo bihutishe ibise no kwibaruka.

Abakirizi bazoshobora gutondekesha n’iburiburi uturusho tune two kwibarukira kwa muganga.

Abaganga bavyigiye kandi bamenyereye akazi nibo bakwiye gufasha iyo hari ivyagoranye bishobora guhitana ubuzima

Aho umwana avukira hakwiye kuba hasukuye kandi hatarangwa imigera

Gushobora kuronsa incanco (BCG na Polio) abana bakivuka



Ibikoresho:

  1. Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure

Icigwa c’Indwi mu Ncamake:

Agakino: Intebe z’Umuziki

Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane

Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Kumeneka kw’Agasaho k’Amazi

Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho nyamukuru iri ku mpapuro za 48-53 z’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho ku vy’Ibimenyetso Vyerekana ko Umwana Agira Avuke, Kwibarukira kwa Muganga, n’Ibikorwa ubwa Nyuma mu Kuvyaza.

Igikorwa: Uturusho two Kwibarukira kwa Muganga

Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho

Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi

Kwimenyereza babiri babiri

Kwiyemeza

Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato zijanye no kwikingira malariya.

game image 2.bmp

1. Agakino: Intebe z’Indirimbo - iminota 10


  1. Saba abagore bahagarare mu muzingi bafise ikintu co kwicarako (intebe canke ikirago) inyuma yabo. Uwurongoye agakino ahagarara ku ruhande.

  2. Noneho kuraho imwe mu ntebe (canke mu birago) ku buryo hasigara umuntu umwe adafise aho yicara.

  3. Ubwire abo bagore ko ugira uririmbe akaririmbo. Abo bagore baza kuzunguruka mu muzingi bakoma amashi kandi batamba nk’uko uririmba. Uhagaritse kuririmba, bategerezwa kurondera ikibanza co kwicaramwo kiri hafi yabo (ikirago canke intebe) maze bacicaremwo. Umugore ataronse aho yicara ategerezwa guca asohoka mu murongo.

  4. Uwo arongoye agakino akwiye kuba abateye umugongo (kugira ngo ntabarabe) maze agatangura kuririmba. Uhagarike batiteguye hagati mu ruririmbo. Umugore adashoboye kuronka icicaro aca asohorwa mu gakino.

  5. Muce mukurako iyindi ntebe imwe canke ikindi kirago kimwe. Maze indirimbo yongere gutangura abagore basigaye bariko barazunguruka mu muzingi.

  6. Mubandanye agakino gushika hasigaye intebe imwe gusa n’umugore umwe gusa.

Noneho ko tumaze kuronka inguvu, hinge dutangure icigwa cacu.



2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane



  1. Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane c’Igitabo Mfashanyigisho ca mbere (Module 1).

80.Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.

81.Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

82.Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Kumeneka kw’Agasaho k’Amazi (Isanamu 7.1) –iminota 10

3. Inkuru

Ni musome inkuru yo ku rupapuro rwa 54 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.

Iyo nkuru isigura ibintu vyose Barumwete yateguriye kwibaruka kandi igatangura gushikiriza ivy’ibimenyetso vy’ibise.

Barumwete yafashe ingingo ko azokwibarukira kwa muganga. Yaramaze gutegekanya ivyo azotwara, yegeranya imfungurwa n’amazi bizokenerwa ni yamara kwibaruka, kandi ababanyi biwe yaramaze kubabwira ivyo ategekanya. Ubu noneho yari mu nzira agiye kw’isoko, maze aza yumva agasaho k’amazi kari muri we karimenye. Mbega ivyo bibaye ni ibiki? None coba ari ikimenyetso cerekana ko ibise vyatanguye?



4. Gutohoza

Ni musome ibibazo vyo ku rupapuro rwa 54 rw’Igitabo mfashanyigisho.

Ubaze ibibazo bibiri vya mbere kugira ngo utahure ico abagore basanzwe bemera ku vy’ibise.

Baza ikibazo ca nyuma kugira ngo urabe ko abagore bazi kumenya ko hageze kuja kwa Muganga.



  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp

  • Ni ibiki vyashikiye Barumwete? Mbega bisigura iki?

  • Mbega akwiye guca anyarukira kwa muganga canke yorindira ikindi kimenyetso?

  • Ni ibihe bimenyetso bikwereka ko hageze ko ufata inzira ukaja kwa muganga?


Ibimenyetso Vyerekana ko Umwana Agira Avuke (Isanamu 7.2) –iminota 5
5. Kwerekana:

  • Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 57.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

  • Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 56 na 57 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

  • Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.



Uburibwe mu nda buza kenshi, bukomeye, kandi inyuma y’imyanya isa nk’iyingana.

Uko kuribwa gutangura buke buke.

Yamara uko amasaha arengana bugatera bwiyongera mu bwinshi, mu nkomezi, no mu mwanya bumara.

Uko kuribwa ni ko gutangura kwugurura isaho umwana aba arimwo.

Uruziruzi rw’umusarara rugaca ruseseka ruciye mu gihimba c’irondoka.

Umwana aba ari mu gasaho k’amazi mu nda ya nyina.

Ako gasaho karashobora gutabuka, maze urwo ruziruzi rw’umusarara rugaseseka.

Birashika mbere kagatabuka kuribwa kutaratangura canke ku mwanya uwo ari wo wose kuribwa kwatanguye.

Uruziruzi rw’umusarara rurenduka ruseseka ruciye mu gihimba c’irondoka.

Iyo umutwe w’iyo saho wugurutse, akarumyo k’agasaho gaca gasohoka gaciye mu gihimba c’irondoka.

Ako karumyo kagizwe n’uruziruzi rw’umusarara canke rw’umuhondo rurenduka. Harashobora kubamwo kandi n’amaraso make.

Ivyo ni vyo bimenyetso vyerekana ko kuvuka kwegereje. Uce wihutira kuja kwa muganga.

Ntimugire umuti canke ikindi kintu cose mwoshira mu gihimba c’irondoka c’umugore kugira ngo mwihutishe kwibaruka kwiwe.



Kwibarukira kwa Muganga (Isanamu 7.3) –iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 59.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 58 na 59 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Agasaho kari mu gihimba c’irondoka kamaze kwuguruka, uze urahema ushikana, usohora kandi winjiza impwemu nyinshi.

Umuganga azokubwira ko hageze ko utera.

Izuba rirashobora kurasa rikarenga ako gasaho katariyugurura neza mu buryo bwuzuye.

Gutera gufasha umutwe w’umwana gusohoka mu gasaho.

Ntimuhirahire ngo mugerageze gusunika inyuma ku nda y’umuvyeyi kugira ngo umwana asohoke.

Hejuru y’umutwe ni hamara gusohoka ariko umutwe ukaguma mu ntoboro, uheme unyarutsa yamara buke buke.

Ivyo bifasha umutwe gusohoka bukebuke.

Iyo umuvyeyi ateye cane kandi vuba vuba, igihimba c’irondoka kirashobora gutabuka.

Mu bisanzwe umutwe usohoka wubitse amaso araba hasi.

Umuganga aca atunganya umutwe neza kugira ngo ibitugu bikurikire.

Igice gisigaye c’umwana kirihuta gusohoka inyuma y’ibitugu.

Ahejeje kuvuka, ni mumuhanagure umutwe n’umutumba vuba.

Kwega ibirenduke biri mu mazuru no mu kanwa.

Hanagura neza umutwe n’imishatsi.

Gumiza umwana ku rugero rumwe na nyina gushika uruzogi rumaze gucacurwa.


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Ibise


Harashobora gukenerwa amasaha ari hagati ya 10 na 20 y’ibise kugira ngo umunwa w’igitereko wuguruke iyo ari imbanyi ya mbere. Ku mbanyi igira kabiri canke gatatu, harashobora gukenerwa gusa amasaha 7 gushika kuri 10

Umunwa w’igitereko dufata ko wugurutse iyo ushobora kwiyagura gushika kw’isantimetero 10.



Ibikorwa ubwa Nyuma mu Kuvyaza (Isanamu 7.4) –iminota 5

________________________________________

9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 59.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 60 na 61 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Uruzogi rumaze kureka gutera, ca muruboha amafundo ahantu habiri.

Ukwo gutera gukwiye kuba kwamaze guhagarara inyuma gato uhejeje guhanagura umwana.

Uruzogi ruca ruhinduka rukazana ibara ryera.

Rubohere ku ngero zibiri z’urutoke, uvuye ku mubiri w’umwana.

Hanyuma wongere ubohe irindi fundo hirya ku zindi ngero zibiri z’urutoke.

Uruzogi murucacurire hagati y’ayo mafundo abiri mukoresheje ugwembe rushasha rw’isiku.

Uwo mwana ata na kimwe yambaye ari uko yavutse muce mumuryamika ku mubiri w’igikiriza ca nyina kitambaye. Maze bompi mubafukishe uburengeti bususurutsa.

Ubushuhe bw’umubiri w’umuvyeyi ni bwo buzosusurutsa kandi buhoze akayoya.

Uruzogi rumaze gukweguka, umuvyeyi aca asunika agasohora insimbizo yahora igaburira umwana (placenta).

Ntimuzohirahire ngo mugerageze gukwega uruzogi. Rurashobora gucikira imbere.

Umuforomakazi ni we azokumenyesha ko hageze gutera.

Insimbizo ni yo yahora igaburira umwana akiri mu nda.




Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Gutevya Gucacura

Gutevya gucacura (uruzogi rumaze kuzana ibara ryera) uruzogi bigabanya kugeramirwa no gukama amaraso mu tuyoya.



Insimbizo

Insimbizo ni yamara kwitandukanya n’igitereko, uruzogi ruzoca rusohoka buke buke ruve mu gihimba c’irondoka. Ico ni co kimenyetso cerekana ko insimbizo yitandukanije kandi ko uwo mugore ashobora gutangura gutera kugira ngo afashe insimbizo gusohoka.

Iyo insimbizo itevye gusohoka umuvyeyi yahejeje kwibaruka, yamara ata maraso ariko arava, mworindira nk’isaha imwe kugira ngo insimbizo isohoke.

Kwonsa

Himiriza abavyeyi guca bonsa ubwo nyene. Ivyo tuzobivugako ido n’ido mu cigwa gikurikira.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Uturusho two Kwibarukira kwa Muganga – iminota 15



  1. Saba abavyeyi bagereranye kwibarukira i muhira no kwibarukira kwa muganga.

83.Ni mucape impande zibiri hasi. Hejuru y’uruhande rumwe uhacape inzu. Hejuru y’urundi ruhande, ucape ivuriro (canke umusaraba wo kugereranya ivuriro).

84.Mukoreshe amabuye, amababi y’ibiti canke ibindi bintu vyo kugereranya uturusho tuboneka kuri buri ruhande.

85.Tumwe mu turusho two kuvyarira kwa muganga turashobora kuvugwamwo ibi bikurikira:

    1. Nzohasanga abahinga bomfasha bishitse nkagira ingorane.

    2. Ni ahantu h’isuku ho kuvyarira.

    3. Bashobora guca bitwararika umwana ubwo nyene akivuka hagize ingorane ishika.

    4. Biroroha ko baca baha umwana incanco zikenewe (BCG na Polio).

86.Gereranya uturusho two kwibarukira i muhira no kwibarukira kwa muganga. None ni ukuhe guhitamwo kwobera umwana ngirakamaro gusumba? Ni ukuhe guhitamwo kwobera umuvyeyi ngirakamaro gusumba?

87.Ushimike mu kuvuga ko kwibarukira kwa muganga ariho umuntu aba yikingiye kandi akingiye n’umwana. Hagize ingorane zishika, abaganga barashobora guca bakora vuba mu gutabara bagashobora gukiza ubuzima bw’umuvyeyi n’ubw’umwana. I muhira, iyo ingorane zishitse, nyina n’umwana barageramirwa cane no kwandura ingwara canke n’urupfu.

88.Ni muyage ku makenga bafise. Mushimikire ku turusho two kwibarukira kwa Muganga. Kandi muhimirize abatarafata ingingo yokwibarukira kwa Muganga ngo bavyiyumvireko kandi babiyage n’abo mu muryango wabo.

probe gucaca.bmp

12. Gucaca –iminota 10





  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20





  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buhinga bwo kwigisha.

89.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

90.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

91.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu.

92.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

93.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2

? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje kuzoca nyarukira kwa muganga ni nabona ibimenyetso binyereka ko umwana agira avuke.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki?

None ico wiyemeje waragishize mu ngiro? Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega mw’ijoro ry’ejo waryamye mu musegetera?

Mbega ubu turiko turavuga hariho umusegetera umanitse mu nzu yawe? Mbega woba waragerageje gukuraho ibibanza imibu itamwo amagi bikikuje urugo rwawe? Ni iki wakoze kugira ngo ubuze imibu kuza?

Icigwa ca 8: Kwonsa Umwana Ubwo Nyene Akivuka n’Akamaro k’Umuhondo

0 objective girl.bmp


  • Abakirizi bazoca baryamika akayoya mu gikiriza ca nyina ubwo nyene kakivuka.

Shira umwana mu gikiriza ca nyina uruhu rukoranako n’urundi n’iburiburi amasaha abiri umwana amaze kuvuka kugira ngo umwana agumye ubushuhe bukwiye no gukomeza igishika hagati y’umuvyeyi n’umwana.

Gushikirana n’akayoya bifasha amabere y’umuvyeyi kuzana amaberebere vuba.



  • Abavyeyi bazoca batangura kwonsa bitarenze ikiringo c’isaha imwe umwana amaze kuvuka kugira ngo umwana aronke amaberebere y’umuhondo.

Amaberebere y’umuhondo ni yo akingira umwana ingwara. Ni nka vitamine canke ni nk’urucanco rutuma umwana akomera.

Amaberebere y’umuhondo afasha mu kwoza umushishito w’umwana (kugira ngo yitume ivya mbere vyirabura).

Iyo umwana yonse ibere amaze kuvuka ivyo bituma ibere ry’umuvyeyi ritangura kuzana amaberebere yose umwana akenera mu misi ya mbere no mu mezi ya mbere y’ubuzima.

Kwonsa umwana ubwo nyene akivuka bituma insimbizo isohoka vuba kandi bikagabanya ukuva amaraso kw’umuvyeyi inyuma yo kwibaruka.

Gushira akayoya kw’ibere vyigisha ako kayoya kwonka katararinda gusonza (LDM).

Abarezi b’abana nta kindi kintu na kimwe bazoha abana batarakwiza amezi atandantu atari ibere gusa; ntibazokwigera babaha amazi, canke inzoga canke ibindi bifungurwa imbere y’amezi atandatu.

Abarezi b’abana bazosangira izi nyigisho n’abo mu muryango wabo hamwe n’abakirizi kugira ngo umwana azoce ashirwa kw’ibere ubwo nyene akivuka.


Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin