Ivyokorwa Nyamukuru mu Ngaburo, mw’Isuku, no mu Mwitwarariko mu Gihe c’Imbanyi Integuro y’Ivyigwa Agatabo ka 2 muri 5


Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha



Yüklə 477,89 Kb.
səhifə3/9
tarix27.11.2016
ölçüsü477,89 Kb.
#252
1   2   3   4   5   6   7   8   9

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Itabi n’Inzoga

  • Icigwa cakorewe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika carerekanye ko kugeramirwa no kuvyara umwana adakwije ibiro kwiyongera gushika ku bice 26 kw’ijana ku masigareti atanu yose umuntu anyoye ku musi. Ibiharuro nk’ivyo vyarerekanywe kandi ku muntu anyoye ibirahuri bitatu vy’inzoga ku musi. Uworondera kumenya vyinshi, yoshobora kuronderera kuri: http://aje.oxfordjournals.org/cgi/content/abstract/121/6/843


Imigwi Itatu y’Ibifungurwa (Isanamu 2.3) – iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 17.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 16 na 17 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Hariho imigwi itatu y’ibifungurwa: Ndemamubiri, ntanganguvu, na nsanganyangaburo.

Imfungurwa ndemamubiri zidufasha kugira amagufa akomeye n’imisoso.

Ni wihereze imyama n’amafi.

Wihereze imfungurwa z’amata nk’amata nyene hamwe n’ikivuguto.

Ni wihereze amagi.

Ufungure ibiharage, ivyema, n’ibinyambuto.

Imfungurwa ntanganguvu zituronsa inguvu n’inkomezi mu bikorwa vyacu vya misi yose.

Wihereze amavuta nk’amamesa, ibinure vy’inyama, hamwe n’amavuta y’inka.

Ni wihereze ibiterwa vy’imizi nk’imyumbati, amateke, hamwe n’ibijumbu.

Wihereze imfungurwa z’intete nk’ibigori n’umuceri.

Wihereze amasukari nk’ubuki canke isukari y’igikaju.

Imfungurwa nsanganyangaburo zidukingira ingwara.

Wihereze imboga nk’amashu, intore, n’imboga z’amababi.

Wihereze ivyamwa nk’imihwi, amavoka, amapera, papaye, n’imyembe.

Imisi yose, wihereze imfungurwa zo muri iyo migwi itatu y’imfungurwa.

Wongereze gato ku bwinshi bw’ivyo bifungurwa mu vyo umuryango wawe wihereza buri musi.

Wihereze igifungurwa kimwe co muri buri mugwi buri musi.


  • Ni ibihe bimwe mu bifungurwa mbumbarugo mwama mwihereza buri musi? Mbega vyoba bibonekamwo n’iburiburi igifungurwa kimwe co muri buri mugwi?

Mbega hoba hariho imfungurwa ziri kuri uru rupapuro woba utihereza? None ni kuki utazifungura?

Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Imiziro


  • Hariho abantu bamwe bemera ko igitigu gitera abagore n’abana guhongoka amenyo; yamara ivyo si ukuri. Igitigu ni co kintu ca mbere umuntu yoshobora gukuramwo icunyunyu fer kandi ni cogifungurwa yokwihereza cubaka umubiri.

  • Abantu bamwe bemeza ko amavoka n’amata bituma umwana agira ibiro “vyinshi cane”. Amata n’amavoka birimwo ivyunyunyu vyinshi kandi birashobora gutuma umuntu yongereza ibiro. Yamara rero, iyo umuntu agiye aravyiherezako duke duke buri ndwi, biragirira akamaro cane amagara y’umuvyeyi. Iyo bibonetse ko habaye kwiyongera kw’ibiro cane, abavyeyi barashobora guca basubiriza amata canke amavoka n’ikindi gifungurwa co muri uwo mugwi nyene w’ibifungurwa nk’uko bavyifuza.


Ibimenyetso vyo Kugeramirwa ku Wibungenze (Isanamu 2.4) – iminota 5

9. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 19 rw’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

10. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 18 na 19 z’igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Ni wabona kimwe mu bimenyetso bikurikira vyo kugeramirwa, nyarukira kwa muganga udahengeshanije.

Mbere n’abagore basanzwe bafungura neza kandi bakaruhuka bikwiye iyo bibungenze birashika bakagira ingorane.

Ntubanze kurindira ngo urabe ko vyiheza.

Nyarukira kwa muganga kwivuza.

Gucishako (kuva amaraso mu gihimba c’irondoka kandi wibungenze)

Kumeneka umutwe cane

Kumeneka umutwe cane no kuvyimba intoke canke mu maso ni ibimenyetso vyerekana ko imbanyi yawe igeramiwe.

Kuribwa cane mu nda



  • Kudahwa kudahagarara




Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Preeclampsia (toxemia)

Ni urabe mu Cigwa ca 1 kugira ngo umenye vyinshi kuri toxemia.



activity igikorwa 2.bmp

11. Igikorwa: Gutegekanya Imfungurwa Zitera Amagara Meza – iminota 15



  1. Saba umugore wese atoranye uwo bafashanya mu mugwi.

  2. Maze uce ubasaba kuyaga ku mfungurwa basanzwe bategurira umuryango.

  3. Ni ubahimirize kwiyumvira ingene boshobora kwongereza imfungurwa z’ayandi mabara, n’imfungurwa zo muri buri mugwi w’imfungurwa mu vyo bagaburira umuryango. Basabe kandi kuyaga ku mfungurwa canke udufungurwa bokwiyongera buri musi iyo bibungenze.

  4. Usabe kandi umugore wese gutoranya igifungurwa kimwe canke bibiri yokwongereza mu vyo agaburira umuryango buri ndwi, hamwe n’akandi gasahani bokongerako kugira ngo bongereze ubwinshi bw’ibiribwa bihereza buri musi.

24.Inyuma y’iminota 10, saba abo bagore bashikirize ivyiyumviro vyabo mu mugwi bose bamaze kuja hamwe.

25.Himiriza ikiyago.

probe gucaca.bmp

12. Gucaca: iminota 10





  • None ibi vyiyumviro uvyiyumvirako iki? Mbega hoba hariho ibintu vyoshobora kukubuza gukurikiza ingendo duhejeje kuyagako uyu musi?

Saba abo bavyeyi bayagishe umugore yicaye i ruhande rwabo. Ni bavugane nawe amakenga yabo yose boba bafise ku cigwa. Bari hamwe bakwiye kugerageza gutora umuti w’ayo makenga n’izo ngorane. Imitota itanu iheze, uce usaba Abavyeyi Tubaramure bashikirize ivyo bayazeko.

inform gutomora 2.bmp

13. Gutomora – iminota 5



Bafashe kuronka umuti w’amadidane yabo. Ni haba hari umugore yishuye neza amakenga y’uwundi mugore, ni umushimire kandi uhimirize abandi bagore ngo bazirikane umuti yashikirije.

14. Kwimenyereza no kumenyereza iminota 20



  1. Saba Abavyeyi Tubaramure gushikiriza abandi inyigisho baronkejwe uyu musi bakoresheje impapuro zibiri za mbere z’iki cigwa zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho. Bakwiye kubwira uwundi mugore ari mu Mugwi Tubaramure bakoresheje bwa buryo bwo kwigisha.

26.Bwira abo Bavyeyi Tubaramure bumviriza izo nyigisho ko borondera ikintu batemera muri izo nyigisho; imvo imwe ituma babona ko iyo nyigisho yoba igoye kuri bo.

27.Abo Bavyeyi Tubaramure bashikiriza izo nyigisho bakwiye kugerageza gufasha abo bagore gutsinda izo ntambamyi.

28.Iminota cumi iheze, usabe abo bagore kuguza ibibanza. Uwo wundi Muvyeyi Tubaramure nawe azoca atanga inyigisho ziri mu mpapuro zibiri z’iki cigwa zikurikira zo mu gitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

29.Umu Promoteri akwiye kwumviriza, agakosora, kandi agafasha Abavyeyi Tubaramure vyagoye.

30.Bose bahejeje, ace yishura ibibazo abo bavyeyi boba bafise ku bijanye n’ibikoresho, canke n’icigwa c’uyu musi.



15. Kwiyemeza iminota 2



? Mbega uragomba gufata ingingo ijanye n’inyigisho wumvise uyu musi? None icemezo cawe ni ikihe?

Saba umuvyeyi wese avuge mu majambo yikuriye mu kanwa icemezo gishasha agiye gufata uyu musi. Umuvyeyi wese arashobora kwihitiramwo icemezo abona ko gihambaye gusumba ibindi kuri we.

Nk’akarorero: Niyemeje ko nzoza ndafungura n’iburiburi igifungurwa kimwe co muri buri mugwi w’ibifungurwa buri musi. Kandi niyemeje ko nzoza ndafungura vyinshi gusumba ivyo nahora mfungura iyo nibungenze. Niyemeje kandi kuzokwongerako imfungurwa z’amabara atandukanye mu mfungurwa ntegurira umuryango. Niyemeje kuyaga n’umufasha wanje ku vyo kwongereza imfungurwa nshasha mu mfungurwa z’umuryango wacu.



16. Gusuzuma iminota 15



Baza abo bavyeyi umwe umwe ku vyemezo bari bafashe.

Mbega mu cigwa giherutse wari wiyemeje gukora iki? None ico wiyemeje waragishize mu ngiro?

Gute – Ni iki wakoze?

Hanyuma uheze ubaze abo bavyeyi bose umwe umwe ku ngendo bagize mu ndwi zibiri ziheze:

Mbega hari uwundi muntu mwayaze ivyo kuja kuvyarira kwa muganga?

None hari umuntu wamaze gusaba kuzogusigaranira urugo mu gihe utazoba uhari wagiye kwa muganga kwibaruka?

Mbega waragiye gupimisha imbanyi yawe mu mezi atatu aheze? None uzosubirayo ryari?

Icigwa ca 3: Ivyunyunyu (Fer na Iyode)

objective girl

Abarezi b’abana bazoshobora kudondora ingene icunyunyu fer gifasha mu gukomeza abavyeyi n’abana kugira ngo kwibaruka no kuvuka bizogende neza.

Iyo mu mubiri harimwo icunyunyu fer gikwiye, umuvyeyi n’umwana baba bakomeye mu gihe co kwibaruka no kuvuka.

Iyo umuvyeyi yakamye amaraso, uwo muvyeyi aba ageramiwe cane n’urupfu kubera ko kwibaruka gutwara umwanya munini kandi agatakaza amaraso menshi.

Iyo umwana afise amaraso make, uwo mwana arashobora kuvuka hatageze, canke akavuka ari muto cane, canke akavuka yapfuye.

Abavyeyi bibungenze bazokwongerezwa icunyunyu fer (vitamine) kugira ngo ntibakame amaraso.

Abavyeyi bibungenze bazoza barihereza imfungurwa zirimwo icunyunyu fer cinshi buri musi harimwo ibiharage, lentiye, imboga z’ibara ry’icatsi kibisi, hamwe n’inyama zo mu nda n’izo mu mutwe.

Igitigu ni yo ndya ya mbere umuvyeyi yoshobora kwihereza kugira ngo yongereze icunyunyu fer.

Abarezi b’abana bazoshobora gutahura ibimenyetso vyo gukama amaraso no kuronderera ubufasha kwa muganga.

Imbere y’imerero ry’ingohe, mu nzara, no ku rurimi heruruka (canke hatagiramwo amaraso) iyo icunyunyu fer kidakwiye.

Abantu bamwe bakuze n’abana bifuza kurya imicafu iyo bafise icunyunyu fer gike mu mubiri. Ukwo kwifuza ni imburi yobamenyesha ko umubiri ukeneye kwongerezwa icunyunyu fer.

Abavyeyi bibungenze bazokwirinda mu gihe co gufungura, kwihereza imfungurwa zinunuza icunyunyu fer, nk’icayi, kakawo, ikawa, n’ibindi binyobwa birimwo kafeyine.

Abarezi b’abana bazoshobora gusigura ingene iyode ironsa inguvu abavyeyi n’utuyoya kugira ngo kwibaruka no kuvuka bizogende neza.

Iyode ifasha ubwonko bw’umwana ariko arakura gutera imbere. Iyo icunyunyu iyode ari gike cane, ivyo bironona ubwonko bw’umwana bigatuma abana batazoshobora gukora neza mw’ishure.

Ubuke bw’icunyunyu iyode buratuma abana bapfa bariko baravuka (canke imbanyi igakoroka).

Abavyeyi bibungenze boza barongereza akunyu gake karimwo iyode mu mfungurwa zabo buri musi iyo bibungenze canke bonsa.



Ibikoresho:

  1. Ibitabo vyo Guhamagariramwo Amazina vy’Abavyeyi Tubaramure

  2. Agapaki k’umunyu urimwo icunyunyu iyode*

  3. Igisanzwe kibikwamwo ibinini birimwo icunyunyu fer*

Icigwa ca 3 mu ncamake:

Agakino: Hagarara i Ruhande y’Uwundi Muntu

Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane

Gushikiriza inkuru no kubaza ibibazo ku nyifato iriko irihwezwa: Barumwete Afise Ibizunguzungu

Kwerekana amasanamu no gushikiriza inyigisho iri ku mpapuro 22-26 z’Agatabo k’Amasanamu Mfashanyigisho ku vy’akamaro k’icinyunyu fer n’Ibimenyetso vyo kugikena, Kwiyongereza icunyunyu fer mu mfungurwa no mu mavitane, hamwe n’Akamaro k’icunyunyu Iyode n’Ibimenyetso vyo Kugikena.

Igikorwa: Kwihweza Ibimenyetso

Gucaca ngo umenye intambamyi zoba ziriho

Gutomora ngo ubereke umuti woshobora gutorerwa izo ntambamyi

Kwimenyereza babiri babiri

Kwiyemeza



Gusuzuma ingene bagendeye mu vyo bari biyemeje no mu nyifato zijanye n’ingaburo y’umuvyeyi.

game image 2.bmp

1. Agakino: Hagarara i Ruhande y’Uwundi Muntu - iminota 10

  1. Saba abo bagore kuva hasi maze baze baratambuka buke buke.

31.Ubasigurire ko uwurongoye agakino aza kuvuga ubwoko bumwe bw’impuzu (canke ibiranga impuzu) maze abo bagore bagaca biruka baja guhagarara i ruhande y’uwo yambaye impuzu ihejeje kuvugwa canke kudondorwa.

32.Nk’akarorero uwurongoye agakino arashobora kuvuga ati, “Ni mundonderere umuntu yambaye ibitukura.” Muri ico gihe abagore baca biruka bakaja guhagarara i ruhande y’uwambaye ibitukura. Uwo yambaye ibitukura we aca ahagarara akarindira ko abandi baza kumukikuza.

33.Hanyuma uwurongoye agakino akabwira abo bagore kwongera kugendagenda. Akongera kubabwira ikindi bakora, nk’akarorero ati, “ni mundonderere umuntu yambaye amaherena” Uwo yambaye amaherena aca ahagarara kugira ngo abandi baze kumukikuza.

34.Ubandanye kuza urategeka abo bagore ico bakora, kandi ubahimiriza ngo bagendagende mu kurindira ko ubabwira utanga irindi tegeko.

35.Gerageza kubategeka ibintu bijanye n’ivyigwa vyatambutse, nk’ibi ngo “ni mundonderere umuntu yagiye gupimisha imbanyi” canke ngo “ni mundonderere umuntu abana biwe bose abaha agaciro kamwe”

36.Uhe n’abandi bo mu mugwi akaryo ko kurongora ako gakino.

Noneho ko tumaze kuronka inguvu, hinge dutangure icigwa.



2. Guhamagara Amazina no Gutora Umuti w’Ingorane



  1. Umu Promoteri akwiye kwandika ku mpapuro z’abitavye inama z’Umuvyeyi Tubaramure wese nk’uko vyerekanywe mu gakino k’akarorero ko mu Cigwa ca Kane c’Igitabo Mfashanyigisho ca mbere (Module 1).

37.Umu Promoteri akabaza ko hariho Umuvyeyi Tubaramure yoba yaragize ingorane mu nama yamuhuje n’abavyeyi. Umu Promoteri akaronderera hamwe n’abo bavyeyi umuti w’izo ngorane, akabafasha gutora umuti w’ingorane bafise, kandi agasaba impanuro abandi Bavyeyi Tubaramure bari ngaho.

38.Umu Promoteri akabaza abavyeyi bapfuye, abana bapfuye, canke imbanyi nshasha muri iyo migwi y’Inkerebutsi. Umu promoteri akandika ku rupapuro rwo guhamagarirako amazina ibintu bishasha vyoba vyarabonetse.

39.Umu Promoteri agaheza agashimira abo bagore bose ku mwete berekana mu gikorwa kandi akabahimiriza ngo bashishikare.

Barumwete Afise Ibizunguzungu (Isanamu 3.1) – iminota 10

3. Inkuru

Ni musome inkuru iri ku rupapuro rwa 20 rw’Igitabo c’Amasanamu Mfashanyigisho.

Iyo nkuru ivuga ivy’ibimenyetso vyerekana umuntu afise icunyunyu fer gike (yakamye amaraso). Barumwete yarananiwe gufungura neza kandi imbanyi yiwe ishishikara kumutera ingorane.

Karorero aciye ku rugo kwa Barumwete maze abona Barumwete yicaye hasi. Karorero aramubaza, ati “Ufise iyihe ngorane?”. Barumwete yishura ko yafashwe n’ikizunguzungu maze aca yicara hasi. Karorero aravye ku ruhu no mu nzara vya Barumwete abona bireruruka. Kandi arahezagirika.



4. Gutohoza

Ni usome ibibazo biri ku rupapuro rwa 20 rw’Igitabo Mfashanyigisho.

Ubaze ibibazo bibiri vya mbere kugira ngo ufashe abo bagore gutomboza imvo ingwara ya Barumwete yandurutseko.

Baza ikibazo ca nyuma kugira ngo umenye ingene abo bagore bokwifata canke bovura iyo ngwara.



  • Himiriza ikiyago. Nturondere gukosora “inyishu zitari zo”. Reka umwe wese atange iciyumviro ciwe. Iyi paje ni iy’ikiyago, si iy’inyigisho.

  • Abari ngaho bamaze kwishura ku kibazo ca nyuma, uce wimukira ku rupapuro rukurikira rw’igitabo c’amasanamu, uvuge uti “Hinge tugereranye ivyiyumviro vyanyu n’inyigisho iri muri izi mpapuro zikurikira.”



ask.bmp




  • Ni ibiki bitagenda neza kuri Barumwete?

  • None iyo ngwara yiwe yanduruka ku ki?

  • Ni iki Barumwete yoshobora gukora kugira ngo akire iyo ngwara?

Akamaro k’Icunyunyu Fer hamwe n’Ibimenyetso vyo Kugikena mu Mubiri (Isanamu 3.2) – iminota 5
5. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 23.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

6. Gusigura:

  • Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 22 na 23 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

  • Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Abavyeyi bafise icunyunyu fer gike baragira ingorane mu kwibaruka.

Icunyunyu fer ni icunyunyu kiboneka mu mfungurwa zimwe zimwe.

Iyo umuntu afise icunyunyu fer gike biramugora gukora amasaha menshi.

Icunyunyu fer gike kirashobora gutuma umuntu ahezagirika kandi umutima ukiruka cane.

Abavyeyi benshi bafise icunyunyu fer kidakwiye bapfa bariko baribaruka.

Icunyunyu fer gitera inguvu kandi kigafasha umuvyeyi gukora cane.

Icunyunyu fer gituma amaraso y’umuvyeyi n’ay’umwana akomera.

Icunyunyu fer giha umuvyeyi inguvu zo gutera (mu kwibaruka).

Iminwa, kw’imerero ry’ingohe, n’inzara vyeruruka ni ikimenyetso c’icunyunyu fer kidakwiye.

Amaraso akomeye aba ari umutuku w’agahama.

Iyo amaraso adakomeye, aca ata ibara agacekuka.

Gutwaririza kurya imicafu ni ikimenyetso c’icunyunyu fer kidakwiye.

Ico ni ikimenyetso cerekana ko umubiri ukeneye ikindi cunyunyu fer.

Muri ico gihe uzoce uja kubonana n’umuganga kugira ngo muvugane ukuntu woza urafata amavitamine ya fer.



Iciyumviro Congeweko co Gufasha Uwigisha

Icunyunyu fer

Iyo umuntu yibungenze, ubwinshi bw’amaraso ari mu mubiri wiwe bwiyongerako 50%.

Icunyunyu fer kirakenewe mu gutwara impwemu nziza duhema ziri mu maraso ngo zishike mu bihimba vy’umubiri no mu nsimbizo isanzwe ari yo igaburira umwana mu nda.

Gukama Amaraso (Gukena icunyunyu fer mu mubiri)

Gukena icunyunyu fer kurashobora kwanduruka ku kutihereza imfungurwa zirimwo icunyunyu fer cinshi, yamara kandi kugashobora no kwanduruka ku gutakaza amaraso menshi mu gihe co kuja mu kwezi, canke kubera inzoka zo mu nda, canke malariya.

Abagore bakamye amaraso cane baba bageramiwe no guhitanwa n’imbanyi canke no kwibaruka ku bice 3.5 gusumba abandi bagore badafise iyo ngorane yo gukama amaraso.

Iyo ngorane ishikira abangana gute

Nk’uko tubishikirizwa na UNICEF, ibice 50 kw’ijana vy’abakenyezi bibungenze na 40-50% vy’abana batarakwiza imyaka 5 bo mu bihugu bitaratera imbere barakenye icunyunyu fer. 



Inkurikizi

Abavyeyi bakenye icunyunyu fer barageramurwa cane no kuvyara abana batageze, kuvyara abana badakwije ibiro bandukiwe n’imigera y’ingwara, canke bafise abasoda b’umubiri badafise inguvu, batazoshobora kwiga amashure, bafise ubumuga bw’umubiri, mbere iyo bimeze nabi cane bigashika bagapfa.



Ongereza Icunyunyu Fer mu Kwihereza Imfungurwa na Vitamine (Isanamu 3.3) – iminota 5

7. Kwerekana:

Ni musabe abarezi b’abana gutondagura ivyo babona mu masanamu ari ku rupapuro rwa 25.



show kwerekana.bmp

Ni ibiki mubona muri aya masanamu?

8. Gusigura:

Shikiriza inyigisho nyamukuru ukoresheje impapuro za 24 na 25 z’Igitabo c’amasanamu mfashanyigisho.

Ukoreshe amungane ndondozi magufi yanditseko kugira ngo wiyibutse isanamu ijana na buri ngingo.

Wihereze imfungurwa zirimwo icunyunyu cinshi ca fer kugira ngo wirinde gukama amaraso no kuzohura n’ingorane uriko uribaruka.

Wihereze ibiharage na lantiye buri musi.

Ufungure imboga z’ivyatsi buri musi.

Ufungure imyama zo mu nda nk’amafyigo, umutima, canke igitigu rimwe buri ndwi.

Igitigu ni co gifungurwa ca mbere umugore yokwihereza kugira ngo yongereze icunyunyu fer.

Wirinde kunywa icayi canke ikawa uriko urafungura.

Bene ivyo binyobwa bica binunuza fer yari mu vyo wihereje.

Asangwa utegerezwa kubinywa, urindire n’iburiburi inyuma y’isaha imwe uhejeje gufungura.

Unywe ibinini vya fer (vitamine) iyo wibungenze kugira ngo wirinde gukama amaraso n’ingorane wozohava ugira mu kwibaruka.

Uze uranywa ibinini vya fer mu misi yose uzoba wibungenze kugira ngo amaraso yawe n’ay’ikibondo ashishikare kuba ayakomeye.

Unywe ibinini vya fer imisi yose iyo ufunguye.

Unywe amazi menshi kandi urye ivyamwa vyinshi, imboga nyinshi, ibiharage vyinshi, n’ivyema vyinshi kugira ngo bigufashe kutuzura inda.



Yüklə 477,89 Kb.

Dostları ilə paylaş:
1   2   3   4   5   6   7   8   9




Verilənlər bazası müəlliflik hüququ ilə müdafiə olunur ©azkurs.org 2024
rəhbərliyinə müraciət

gir | qeydiyyatdan keç
    Ana səhifə


yükləyin